Mu mafoto: Umwami Charles ku musi wa mbere atanguye amabanga

Ku wa gatanu mu gatondo, niho Umwami mushasha w'Ubwongereza Charles III yava i Balmoral akaja i Londres /London, inyuma y'urupfu rwa nyina wiwe, Umwamikazi. Muri urwo rugendo ari kumwe n'umutambukanyi wiwe, Camilla Umwami yafashe indege yamuvanye i Aberdeen imujana ku kibuga c'indege ca RAF Northolt imbere y'uko aja gushikiriza ijambo igihugu aciye ku mboneshakure. Ashitse ku kirimba ca Buckingham, yasanganiwe n'abantu ibihumbi n'ibihumbi bamwipfuriza kuroranirwa muri bino bihe bishasha.

Umwami Charles III yari afise ivyiyumviro vyinshi igihe yava i Balmoral, ari naho Umwamikazi Elizabeth II yasandabiye mu mahoro ku muhingamo wo ku wa kane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwami Charles III yari afise ivyiyumviro vyinshi igihe yava i Balmoral, ari naho Umwamikazi Elizabeth II yasandabiye mu mahoro ku muhingamo wo ku wa kane
Camilla na we nyene yasa n'uko yumiwe muri urwo rugendo igihe yariko aja ku kibuga c'indege ca Aberdeen ku wa gatanu mu gitondo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Camilla na we nyene yasa n'uko yumiwe muri urwo rugendo igihe yariko aja ku kibuga c'indege ca Aberdeen ku wa gatanu mu gitondo
Mu mpuzu z'ikigandaro, umwami mushasha yabonetse aja kwurira indege

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu mpuzu z'ikigandaro, umwami mushasha yabonetse aja kwurira indege
Imbere y'uko yurira indege yabanje kuramutsa abakozi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imbere y'uko yurira indege yabanje kuramutsa abakozi

Ejo ku wa gatanu nyene, abahungu biwe, Abaganwa William na Harry, niho bava i Balmoral.

Ku wa gatanu mu gatondo, Umuganwa Harry yabonetse afata urugendo rwamushikanye i Windsor, ari naho we n'umugore wiwe biteze kuguma gushika inyuma y'ikigandaro

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatanu mu gatondo, Umuganwa Harry yabonetse afata urugendo rwamushikanye i Windsor, ari naho we n'umugore wiwe biteze kuguma gushika inyuma y'ikigandaro
Umuganwa Harry na we nyene yafashe indege yamukuye ku kibuga c'indege ca Aberdeen

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Harry na we nyene yafashe indege yamukuye ku kibuga c'indege ca Aberdeen
Umuganwa Harry yabonetse afashe ku rutugu umukozi, bariko baraganira agiye kwurira indege

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Harry yabonetse afashe ku rutugu umukozi, bariko baraganira agiye kwurira indege
Umwami Charles III yavuye kuri RAF Northolt ari mu modoka yo mu bwoko bwa limousine y'i bwami

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umwami Charles III yavuye ku kibuga c'indege ca RAF Northolt ari mu modoka yo mu bwoko bwa limousine y'i bwami
Isinzi ry'abantu bari batonze ku mabarabara igihe Umwami mushasha n'umutambukanyi wiwie Camilla bashika ku kirimba ca Buckingham

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Isinzi ry'abantu bari batonze ku mabarabara igihe Umwami mushasha n'umutambukanyi wiwie Camilla bashika ku kirimba ca Buckingham

Umwami Charles III yururutse imodoka ku kirimba ca Buckingham nk'Umwami ku ncuro ya mbere

Umwami Charles III yururutse imodoka ku kirimba ca Buckingham nk'Umwami ku ncuro ya mbere

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Charles III yururutse imodoka ku kirimba ca Buckingham nk'Umwami ku ncuro ya mbere
Umwami Charles yabanje guhagarara aramutsa yongera aganiriza abanyagihugu bari bashengereye hanze y'ikirimba

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Umwami Charles yabanje guhagarara aramutsa yongera aganiriza abanyagihugu bari bashengereye hanze y'ikirimba
Bamwe baramukije Umwami mu kumusoma bamwipfuriza kugira amahirwe, abandi nabo bamwumvira umubabaro bongera bamuhoza

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Bamwe baramukije Umwami mu kumusoma bamwipfuriza kugira amahirwe, abandi nabo bamwumvira umubabaro bongera bamuhoza
Yasomye kandi ubutumwa basigiye nyina wiwe, nyakwigendera Umwamikazi , ku kirimba

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Yasomye kandi ubutumwa basigiye nyina wiwe, nyakwigendera Umwamikazi , ku kirimba
Umutambukanyi wiwie Camilla yahavuye amwegera basomera hamwe ubu butumwa bwo kwibuka Umwamikazi

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Umutambukanyi wiwie Camilla yahavuye amwegera basomera hamwe ubu butumwa bwo kwibuka Umwamikazi
Mu nyuma bahavuye binjira mu kirimba ca Buckingham ku ncuro ya mbere nk'Umwami n'Umwamikazi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu nyuma bahavuye binjira mu kirimba ca Buckingham ku ncuro ya mbere nk'Umwami n'Umwamikazi
Amaze gusubira ku kirimba, umwami Charles III yarakiriye umushikiranganji wa mbere, Liz Truss, mu mubonano wa mbere

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Amaze gusubira ku kirimba, umwami Charles III yarakiriye umushikiranganji wa mbere, Liz Truss, mu mubonano wa mbere
Mu nyuma Umwami Charles yashikirije ijambo rya mbere igihugu nk'umwami, yicaye iruhande y'isanamu ya nyina wiwe yakunda cane

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Mu nyuma Umwami Charles yashikirije ijambo rya mbere igihugu nk'umwami, yicaye iruhande y'isanamu ya nyina wiwe yakunda cane
Imiriyoni n'imiriyoni bakurikiranye iri jambo, ryacishije kuri BBC One ikibiriraho

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Imiriyoni n'imiriyoni bakurikiranye iri jambo, ryacishije kuri BBC One ikibiriraho