Intambara muri Ukraine: 'Iyi ni intango, akataraza kari mu nyuma'

Igisagara ca Bakhmut caratewe ibibombe vyakimereye nabi cane

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisagara ca Bakhmut i Donbas caratewe ibibombe vyagisinzikaje, uyu mutamakazi yari ahagaze hanze y'inzu yiwe yasambuwe n'igisasu ca misire ku wa 22 z'uku kwa gatanu
    • Umwanditsi, Na Jeremy Bowen
    • Igikorwa, BBC News, Dnipro

Igisirikare ca Ukraine kirageramiwe gusumba ibindi bihe vyose kuva igitero c'Uburusiya gitanguye.

Ishobora kuba intambara bariko baratsindwa muri Luhansk, igice kimwe kiri mu buraruko bw'akarere ka Donbas.

Ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine bivuga ko Uburusiya busa n'uburiko buregeranya inguvu zabwo mu ntumbero yo gusubira gusatira.

Uburusiya bwongereje ibitero vyabwo ku rubuga rw'intambara muri Donbas yose - bukaba buri hafi yo kurangiza igota rya Severodonetsk, igisagara cari gitunze abantu 80.000 imbere y'intambara.

Abanya-Ukraine, nk'uko bisanzwe barwana nk'abita. Izindi ngabo zibandanya zirungikwa gushigikira iziri muri urwo rugamba.

Mu minota mikeya, nagiye mbona ibimodoka vy'intambara 20, birimwo abasirikare, batera baja ku rugamba - biri kumwe n'ibimodoka ntamenwa hamwe n'ibindi bitera vya muzinga.

Ingabo za Ukraine zaragabanije umurindi w'igitero c'Uburusiya i Donbas

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Ukraine zaragabanije umurindi w'igitero c'Uburusiya i Donbas

Ingabo za Ukraine zaragabanije umurindi w'Abarusiya ariko ntizababujije kubandanya basatira. Ukraine iriko iratakaza abantu benshi.

Isoko ryo mu gisirikare muri Brigade ya 57 yambwiye ko umwe mu mirwi yabo wagiye ufise abantu 240 ukaba wagarutse usigaranye 140 gusa - abandi basigaye bishwe, bakomeretse canke bafashwe mpiri.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko Abarusiya bashobora kuba bariko bica ingabo za Ukraine 100 ku musi muri Donbas.

Hafi ya Severodonetsk, Bakhmut ni igisagara kiriko kirahekenywa n'intambara buke buke. Muri ino ndwi kiri nko ku birometero bitanu uvuye aho Abarusiya bageze. Mu ndwi iza bafise kuba bari hafi yaco.

Abasivire bafise iyo baja baragiye. Mu bihomoka i Donbas, intsinzi i Kyiv muri Ntwarante (3) - yaranzwe n'umunerezo, icubahiro n'ukwitanga - iri kure.

Bakhmut yaratewe amabombe bikomeye. Ahagaze imbere y'inzu yiwe yabomotse, umugabo ari mu myaka 40 yitwa Mitri ntaco bimubwira, ariko akaba yuzuye umwikomo n'ishavu. Ntabona ico yiteze mu gisagara ciwe.

"Jewe si ndi Nostradamus. Kubera iki Putin yateye? Vyose ni imikino ya poritike".

Mitri avuga ko uwo Perezida Zelensky yasubiriye Petro Poroshenko aba yaramaze gushika ku masezerano yo guhagarika intambara ubu.

"N'imiburiburi imbere y'aha hari amahoro, hari ibiganiro vyariko biraba. Birababaje kubona abantu bariko barapfa, abasirikare. Birateye isoni".

Avuga ko ryabaye ikosa rya Perezida Zelensky. Yaratakaje akaryo keza.

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abasivire baracari i Severodonetsk mu gihe Abarusiya bariko baragota ingabo za nyuma i Luhansk

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi vy'abasivire baracari i Severodonetsk mu gihe Abarusiya bariko baragota ingabo za nyuma i Luhansk

Mitri yadugije ibitugu yinywera agatabi ashavuye cane igihe nari ndamubajije nimba ashobora kwemera amasezerano yokwemerera Uburusiya kugenzura Donbas yose, igereranywa hafi n'ica gatatu c'ubutaka bwagenzura imbere y'iki gitero.

"Sinzi. None vyohindura iki kuri jewe? Igikuru ni ugukiza igufa. Iyi ni intango, akataraza kari mu nyuma. Ni twahakura agatwe, tuzoraba ingene bizogenda".

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abasivire baracari i Severodonetsk mu gihe Abarusiya barwana kugira bagote ingabo za nyuma i Luhansk, mu buraruko bwa Donbas.

Ku gituro ca gari ya moshi i Pokrovsk, kure y'ahabera urugamba hatekanye, navuganye na Lida, umutamakazi agendera ku gakinga k'abamugaye. Hari haciye akanya avanywe muri Severodonetsk.

Ari kumwe n'abandi basivire bamugaye n'abakomeretse, yariko ahungishirizwa mu karere gatekanye mu burengero bwa Ukraine hakoreshejwe i tereni idasanzwe, yahinduwe rusehabaniha kandi ifise n'abajejwe kuvura indembe bo mw'ishirahamwe ry'Abaganga Batagira Imbibe, MSF.

Lida, yerekana ko ataco bimubwiye yinywera n'itabi, yarokowe n'abasirikare bamuhungishije ari kumwe n'abandi basivire, baca mu turere twacucagiwe bikomeye amabombe.

"Ibintu vyose vyatewe amabombe, sinzi ingene twarokotse. Ibiyo vyarasambutse, ibintu vyose birasanzaye. Kandi sinshobora kugendagenda. Namugaye. Uko niko ibintu bimeze.

"Inzu y'igorofa icenda, amagorofa yo hejuru yarabomowe. Vyose vyarasenyuwe.

"Putin ni umuhimbiri. Twari tubayeho mu mahoro. Harabayeyo Ubumwe bw'Abasoviyeti, ni bibe uko. Baratandukanije Ukraine n'Uburusiya. Rero aho niho ingorane zatanguriye".

Abantu babandanya bahunga igisagara ca Bakhmut, aha hari ku wa 24 Rusama (5)

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu babandanya bahunga igisagara ca Bakhmut, aha hari ku wa 24 Rusama (5)

Mu gihe ingabo za Putin zoshobora kugota Severodonetsk, ivyo ari vyo vyose hoca hakurikira ibisagara bikomakomeye vya Kramatorsk na Slovyansk mu ntara ya Donetsk, ku rundi ruhande rwa Donbas.

Hanyuma ashobora guca atangaza intsinzi mu ntambara yo kurwanira Donbas.

Nabonye iyindi myobo yari iherutse kwimbwa hafi y'ibi bisagara, mu gihe ingabo za Ukraine zariko zitegura ibindi birindiro zishobora guhungirako. Mu gihe ibi bisagara vyofatwa n'ingabo z'Uburusiya, ariko zishobora kutabishikako kuko vyompi biracungerewe bikomeye, Perezida Putin ashobora gutangaza intsinzi ya mbere ikomeye muri ino ntambara.

Uburusiya bwoca bugenzura akarere k'urubibe rwo ku ruhande rw'ubumanuko kuva i Donbas hamwe n'urubibe hafi rwose rwa Ukraine.

Perezida Zelensky avuga ko ibiganiro vyonyene ari vyo bishobora kurangiza intambara, ariko akavuga ko Uburusiya butegerezwa gusubira ku birindiro bwari bufise imbere y'intambara.

Incuti ziwe, zirongowe na Amerika n'Ubwongereza, bashaka ko Putin atakaza inguvu burundu. Bavuga ko Uburusiya kizira ko butsinda intambara.

Abakeba babo bavuga ko bazorwana gushika ku munya-Ukraine wa nyuma.

Igiciro c'intambara ni amaraso. Mu gihe imiryango iriko irahamba abayo bapfuye, abanya Ukraine benshi, nka Mitri i Bakhmut, bazokwama babaza igiciro c'amaraso bariko barasesa, hanyuma babaze nimba bakwiye guheba ubutaka canke ubuzima kugira ngo intambara ihagarare.