Intambara yo muri Ukraine: Russia yahinduye Donbas umuriro udahera - Zelensky

Volodymyr Zelensky avuga ko Uburusiya bushaka kwica n'ibigirankana abanyagihugu ba Ukraine benshi bashoboka

Ahavuye isanamu, Office of the President of Ukraine

Insiguro y'isanamu, Volodymyr Zelensky avuga ko Uburusiya bushaka kwica n'ibigirankana abanyagihugu ba Ukraine benshi bashoboka

Umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yagiriza Uburusiya ko bwahinduye akarere ka Donbas kari mu buseruko bukakagira "umuriro udahera", ni mu gihe intambara aho zibica bigacika.

Mw'ijambo yaraye ashikirije mw'ijoro ry'ejo ku mugwa mukuru Kyiv, yavuze ko ingabo z'Uburusiya zasambuye ako karere kose.

Ati: "Ibitero ni urutavanako mu karere ka Odesa, ku bisagara vyo hagati muri Ukraine. Donbas yasambuwe rwose".

Zelensky yongerako ati: "Uburusiya nta nsiguro ya gisirikare kandi ntayo bushobora kugira mu gukora ibi vyose".

"Ubu ni ubukozi bw'ikibi bwo gushaka kwica n'ibigirankana abanyagihugu ba Ukraine benshi bashoboka. Gusenyura imihana myinshi, inyubakwa n'amahinguriro menshi ashoboka".

Ejo ku wa kane, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi yagirije Uburusiya kwongereza ibitero muri Donbas no kubuza abasivire guhunga.

Kubera iki Uburusiya bushashaye Donbas?

Donbas

Uburusiya bwimuriye urugamba hafi rwose mu buseruko bwa Ukraine, inyuma y'aho bukuriye ingabo zabwo mu micungararo y'umugwa mukuru Kyiv.

Urugamba rw'aka karere ka Ukraine kahoze karwiriyemwo amahinguriro kazwi nka Donbas ishobora kwerekana iherezo ry'igitero c'Uburusiya.

Donbas irwiriyemwo abakoresha ururimi rw'ikirusiya kandi Abarusiya babandanya bavuga ko bashaka "kubohoza" aka karere karimwo intara zibiri ziherutse gutangaza ko ziyonkoye kuri Ukraine za Luhansk na Donestsk.

Kwigarurira aka karere bishobora gutuma Moscou ironka ikiraro c'ubutaka ku rubibe rw'Uburusiya ku ruhande rw'ubumanuko, maze igashobora kugenzura irungikwa ry'amazi mu karere ka Crimée/Crimea yigaruriye mu 2014.

Ingabo z'Uburusiya zariko kandi ziragerageza kugota ingabo za Ukraine muri ako karere.

Abasirikare ba Kyiv bakomeye kandi bamenyereye intambara bababa 40.000 bari muri Donbas, vyumvikana ko mu gihe Volodymry Zelensky yobatakaza coba ari ikibazo gikomeye kuri we muri ino ntambara.

Ariko muri iyi misi ya vuba iheze, abihweza ibintu n'ibindi mu vya gisirikare bavuga ko ibintu bitoroheye Uburusiya, kuko ingabo zabwo zirukanywe mu gisagara ca Kharkiv zigatera zija amaja ku rubibe rw'Uburusiya.

Kherson igiye kuba igice c'Uburusiya, niko buramatari mushasha avuga

Ni mu gihe buramatari mushasha w'intara ya Kherson iri mu bumanuko bwa Ukraine iherutse gufatwa avuga ko vuba izokwegekwa ku Burusiya.

Volodymyr Saldo yashizweho n'ingabo z'Uburusiya inyuma yo kwigarurira ako karere mu ntango z'ukwa gatatu, yanditse ku rubuga rwa Telegram ko ishobora kuba "akarere ka Kherson kegukira Uburusiya".

Icegera ciwe, Kirill Stremousov, yandika ko ababa muri ako karere bazoshobora gusaba ubwenegihugu bw'Uburusiya mu ndwi ziri imbere igihe ibintu bizoba bisubiye mu buryo.

Abategetsi ba Ukraine babandanya bagabisha ko Moscou itegura kamarampaka y'amanyanga yo kwemeza ukwikukira kw'ako karere n'ahandi.

Ariko, abategetsi b'Uburusiya ntibaremeza ko uturere buherutse kwigarurira mu bumanuko bwa Ukraine turi hafi yo kubwegekwako, mu gihe umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov mu ntango z'uku kwezi yavuze ko kazoza k'aka karere kazovana n'ugushaka kw'abakabamwo.