Ukraine - Russia: Odesa na Mariupol bibandanya bicucagirwa amabombe

Ahavuye isanamu, State Emergency Service of Ukraine/REUTERS
Misire zakoreshejwe mu gisagara ca Odesa zishobora kuba ari izo ku ntwaro y'aba Soviyeti - ariko ivyo zononye ntibiharurwa.
Abategetsi b'ico gisagara bemeza ko umusi w'ejo igenekerezo rya 9 Rusama (5) Odesa yatewe misire icenda hakoreshejwe indege.
Videwo yacishijwe ku mbuga hwaniro n'igisirikare ca Ukraine yerekana abasirikare bariko baca mu bihomoka vy'inyubakwa yahoze ari iy'ubucuruzi (centre commercial/shopping centre) n'iy'ububiko.
Umwotsi mwinshi wakwiragiye hagati muri ico gisagara gifise kahise karekare. Ariko kubera amategeko yo kutava muhira amabarabara yagaragara igihe izo misire zaterwa isaha zine n'iminota 30 z'ijoro ryakeye.
Abategetsi bavuga ko umuntu umwe yahasize ubuzima abandi batanu nabo barakomereka bakaba bajanywe mu bitaro.
Ibi bitero vyabaye mu masaha y'ijoro ry'ejo ku wa mbere, umusi umukuru w'Inama y'ishirahamwe ry'abanyabulaya yari yagendeye ico gisagara.
Charles Michel yavuze ko yabonye ibigega vyuzuye intete, ingano n'ibigori i Odesa birindiriye gushorwa hanze - ariko bikaba vyarazibiwe.
Ubwoba bw'uko hashobora kuba ikibazo c'imfungurwa kw'isi ni ikintu cagarutsweko na Perezida Zelensky mw'ijambo ryiwe yashikirije ejo mw'ijoro.
Yavuze ko ibihugu bitari bike bigeze ahatemba kubera ubukene bwimfungurwa kandi ko ibintu bishobora "kuba, mvugishije ukuri, nabi cane", mu gihe vyokwanka ko Ukraine ishora ivyimburwa hanze.

Ibi biri uko mu gihe ibitero vy'urutavanako bibandanya mu buseruko bwa Ukraine. Haravugwa intambara zikomeye mu micungararo y'ibisagara vya Rubizhne na Bilohorivka - vyompi biri mu ntara ya Donbas.
Hagati aho, umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika avuga ko mu misi mike iheze, Uburusiya ata kintu kinini bwashitseko, n'aho bwigaruriye igisagara ca Popasna kiri mu buseruko.
Uyo mutegetsi abandanya avuga kandi ko igisagara ca Kharkiv kikiri mu minwe ya reta ya Ukraine.
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Zelensky yagabishije ko Uburusiya buriko "buhonyora mu mahwa amwe" n'ayo abigeze gutera Ukraine bahonyoyemwo, yongerako ati "nta mwansi n'umwe yigeze ashinga imizi hano".
I Mariupol naho, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine avuga ko ingabo z'Uburusiya ziriko "ziracucagira ibibombe" ku ruganda rw'ivyuma rwa Azovstal, aho amajana n'amajana y'abarwanyi ba Ukraine babandanya bahanganye n'ibitero vy'Uburusiya.
Petro Andriushchenko, umuhanuzi w'umukuru w'igisagara ca Mariupol avuga ko ingabo z'Uburusiya zatanguye kugota urwo ruganda inyuma y'aho amamodoka ya ONU aviriye mu karere ka Donetsk.
Avuga ko Abarusiya bariko bagerageza kubomora ikiraro gikoreshwa mu guhungisha abantu, mu ntumbero yo kuzibirirayo abarwanyi babandanya barwanira urwo ruganda.
'Ubuzima ntibworoshe ata mazi'
Umugore w'umusirikare wa Ukraine arwanira muri urwo ruganda avuga ko yamubwiye ko ibintu bibandanya biba nabi, mu gihe amazi agenda abaherana, amajana n'amajana y'abasirikare bakomeretse nabo bakaba bakizibiriweyo.
Avugana na BBC, Yuliia Feosiuk yavuze ko igihe avugana ubwa nyuma n'umugabo wiwe yamusavye ko yobaronderera ibintu "bishobora kubongerera imisi yo kubaho ata mazi igihe kirekire gishoboka".
Yuliia Feosiuk avuga ko umugabo wiwe yamubariye ko abasirikare bababa 700 bakomeretse bakizibiwe muri urwo ruganda, kandi ko ibiziga vy'abasirikare bapfuye bikibitswe muri vya vyuma bikanyisha.











