Russia- Ukraine: umutegetsi wa Ukraine ati 'igisirikare ca Putin tuzogihamba ng'aha'

Ahavuye isanamu, EPA
Umuhanuzi w'umukuru w'igihugu ca Ukraine avuga ko kubona bahanganye n'igisirikare c'Uburusiya atari ku gihamana canke isanganya.
Mu butumwa burebure yacishije ku rubuga rwa Facebook, Aleksey Arestovich avuga ati: "Intsinzi yacu ni icitegererezo, ishingiye ku ntego yo gushira mu ngiro ico twiyemeje".
Arahiga ko igisirikare n'abanyagihugu muri rusangi biteguriye kurwana kandi ko "bazoruhuka basambuye igisirikare c'Uburusiya".
Ati: "Burya igisirikare c'Uburusiya ntigikomeye. Ni kinini gusa".
Arestovich avuga ko abategetsi barongoye ibisata vyo kwivuna abansi vy'ibihugu vyo hanze "batangazwa" n'ukungene ubutegetsi n'igisirikare vya Ukraine bahagaze neza ku rugamba.
Arishimira kandi ukungene bageze ku vyo bamaze kugerako kandi ata nteguro ikomeye bari bafise yo kwitegurira igitero gikomeye nk'iki.
Ati: "Umunani kw'icumi vy'igisirikare ca Putin bari ng'aha. Aha niho tuzobahamba".
Hagati aho, ingabo z'Uburusiya zisugereje ikindi kigo ca nikleyeri nk'uko vyaraye bishikirijwe n'uwuserukira Amerika mw'ishirahamwe ONU.
Inyuma yo kugabisha ko isi "yahatswe kugwa mu kaga" mw'ijoro ryo ku wa kane, igihe ingabo z'Uburusiya ziturira ikigo ca nikleyeri ca Ukraine gikuru, Linda Thomas-Greenfield avuga ko abateye bari "ku birometero 32, kandi batera basugereza, ikigo ca nikleyeri ca Ukraine kigira kabiri mu gihugu".
Aha yavuga ikigo kiri ahitwa Yuzhoukrainsk ku birometero hafi 322 mu bumanuko bw'umugwa mukuru Kyiv.
Thomas-Greenfield ati: "Aka kaga karabandanya. Amakungu ategerezwa kuvuga rumwe mu gusaba ko Uburusiya buhagarika igitero cabwo kibangamiye isi".
'Abazopfa bose bazoba bapfuye kubera mwebwe'- Zelensky
Mw'ijambo yaraye ashikirije ari mu biro iwe i Kyiv nk'uko bivugwa, Perezida Volodymyr Zelensky arababazwa n'uko ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN ryananiwe no gushika akarere kabujijwemwo indege (zone d'exclusion aérienne/ no-fly-zone) mu gihugu ciwe.
Zelensky ati: "Abantu bose bapfa, kuva uno musi, bazopfa kubera mwebwe. Kubera intege nke zanyu, kubera ataco munezwe".
Abandanya ati: "Inama ya OTAN yabaye uno musi. Inama ataco imaze. Inama y'abantu bataye umutwe. Inama yerekana ko ata muntu n'umwe abona ko urugamba rwo kurwanira ubwigenge bw'Ubulaya ari rwo ruza imbere ya vyose."Ibisata vyose vya OTAN bijejwe igendereza birazi neza integuro z'umwansi. Biremeza neza ko Uburusiya bushaka kubandanya intambara.
"OTAN yafashe ingingo n'ibigirankana yo kutazibira ikirere ca Ukraine. Ibihugu vya OTAN vyishize mu mitwe ko kuzibira ibirere vya Ukraine kwoba ari ugusomborosta intambara yeruye hagati ya OTAN n'Uburusiya.
"Iyi ni ingingo y'abantu ata nguvu bafise, badatekaniwe mu mitima mu gihe bafise ibirwanisho bisumba ivyo dutunze incuro nyinshi cane".

Zelesnky yanashikirije ijambo abantu isinzi bari mu myiyerekano ku mugabane wose wa Bulaya, aho yababwiye ati: "Mukazobona Ukraine irasenyutse, mumenye ko Ubulaya butazoragama".
"Ari nka hamwe Ukraine yoramuka isenyutse, Ubulaya bwose buzosambuka".
Inyuma y'inama yahuje abashikiranganji b'imigenderanire ba OTAN i Bruxelles mu Bubirigi, umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg yatangaje ko iri shirahamwe ryafashe "ingingo y'incamugongo" yo kudashinga akarere kabujijwemwo indege muri Ukraine.
N'ishavu ritagira urugero, Perezida Zelensky yaciye asohora ijambo avuga ati: "Uno musi abarongoye OTAN baratanze uburenganzira ku Burusiya bwo kubandanya butera amabombe ku bisagara n'ibigwati vya Ukraine".
Umugwa mukuru Kyiv uhanzwe n'ibitero vya misire vy'Uburusiya mu bibanza bitari bike, mu gihe igisagara Mariupol kiri ku nkengera y'inyanja mu bumanuko bushira ubuseruko kizingurijwe kandi kibandanya giterwa amabombe y'urutavanako, co kimwe no mu bisagra vya Kharkiv na Chernihiv biri mu buraruko bushira ubuseruko.












