Ukraine: Ubwo igitero ca Russia coba kiriko kigenda uko cari citezwe?

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Jonathan Beale
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu vyo kwivuna abansi
Akahise karatwereka ko vyoroshe gutangura intambara ariko ivy'ingene izorangira bikaba ibindi.
Ibi birasiguritse neza ufatiye ku gitero cari kirongowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Afghanistan mu 2001 no muri Iraq mu 2003. Kandi bishobora kugenda uko nyene kuri Perezida Vladimir Putin muri Ukraine.
Hariho umugani wa kera uvuga ngo integuro za gisirikare ntizigera ziragama imbere y'umwansi mu misi ya mbere (military plans never survive the first contact with the enemy). Bisa n'uko ari ko bimeze ku ngabo z'Uburusiya muri Ukraine.
Ed Arnold, umuhinga mu bijanye n'umutekano wa Bulaya ku kigo Royal United Services Institute (RUSI), avuga ko igitero c'Uburusiya mu ntango kiboneka ko "ata nguvu nyinshi carimwo" kandi "kikagenda buke buke gusumba uko cari citrezwe".
Aratanga ibituma bitari bike. Avuga ko mu bijanye na gisirikare, mu gukora igitero ico ari co cose mu bisanzwe "utegerezwa gukoresha inguvu zose kugira ngo uhashe umwansi". Mu gihe Uburusiya bwari bwegeranije ingabo ziri hagati ya 150,000 na 190,000 ku rubibe gushika ubu ntiburazikoresha zose.
Kumbure ni uko Uburusiya buzozikenera mu bitero vyimirije. Ni ibisanzwe ku bisirikare kugumana ingabo z'integabizoza mu nteguro zavyo.
Abategetsi b'ibihugu vyo mu burengero babona ko iki gitero catangujwe hafi n'igice c'ingabo zose zari zegeranijwe. Igitero ca mbere mu bisanzwe nticoroshe kuko cabaye mu kwugururira ica rimwe ibitero vyinshi irya n'ino.
Uburusiya kandi ntiburakoresha ibikoho vyabwo vya rutura hamwe n'indege nk'uko vyari vyitezwe. Ariko Arnold yongerako ati: "Ikintu gikomeye ni uko bariko barahura n'abanya Ukraine babiyahurirako n'inguvu zabo zose, ivyo nibaza ko Abarusiya batari bitteze".
Rero, abona ko abategetsi ba gisirikare b'Abarusiya bagiye gutegura ingene bahangana n'ivyo batari biteze bitagenza neza. Jenerali Sir Richard Barrons yahoze ari umutegetsi mukuru wa gisirikare w'Ubwongereza, avuga ko bisa n'uko Abarusiya "bagiye gusubiramwo integuro zabo za gisirikare vuba bwango".

Jen. Barrons avuga ko biboneka neza ko intumbero za mbere z'Abarusiya mu gitero cabo ari "ugusambura igisirikare ca Ukraine, gusenyura reta y'iki gihugu no kwigarurira igice ca Ukraine kikinjira mu butaka bw'igihugu c'Uburusiya".
Kuri zimwe muri izi ntumbero, Uburusiya busa n'uko bumaze gutera intambwe. Buramaze gutera intambwe zitari nke uvuye mu bumanuko. Ingabo z'Uburusiya ziramaze gushinga ikiraro c'ubutaka kibinjiza neza neza muri Ukraine uvuye muri ya ntara ya Crimea zigarurira mu 2014.
Ed Arnold avuga ko iki ari "ikintu gito". Ariko, bavuye ng'aha, biraborohera kuzinguriza ingabo za Ukraine zirwanira mu buseruko.
Zimwe mu ngabo zimenyereye cane intambara ziri ku murongo w'imbere ku rugamba, aho zimaze igihe zitana mu mitwe n'inyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya mu myaka umunani iheze.
Gushika ubu, zisa n'uko zashoboye kuzibira iz'Uburusiya zirondera kumenera mu turere zigaruriye tw'intara za Donetsk na Luhansk kugira ngo zitere zinjira hagti mu gihugu. Ariko, mu gihe zizoba zimaze kuzingurizwa, ibintu ntibizozorohera.
Ikizwi ni uko igice kitari gito c'igisirikare ca Ukraine kimaze kwinjira neza neza mu ntambara, bigashobora kugorana ingene zivanwa ku rubuga zimaze kumenyera zigatwarwa ahandi.
Uburusiya kandi buramaze gutera intambwe zitari nke mu bikorwa vyo gusagiriza umugwa mukuru Kyiv. Iyindi ntumbero nyamukuru ni ukwigarurira umugwa mukuru, ikintu gikomeye kuko ari icicaro ca reta kandi kikaba n'icicaro c'intwazangabo za gisirikare zirongoye intambara.
Perezida Putin ashaka gusubiriza ubutegetsi bwa Perezida Zelensky yitorewe n'abanyagihugu kugira ngo abusubirize n'ubundi bumuyoboka. Ed Arnold wo mw'ishirahamwe Rusi avuga ko "ikindi kintu gitandukanye no kwigarurira Kyiv coba giteye kubiri n'intumbero z'Uburusiya".
Ikibazo kihari ubu, ubwo bizokworoha? Ingabo z'Uburusiya zisa n'iziriko ziragerageza kuzinguriza iki gisagara. Ariko zisshobora kutoroherwa na gato uko zitera zigira imbere.
Intambara yo mu gisagara akenshi usanga uwivuna ari we yoroherwa. Ingabo ziri ku rugamba zishobora guhura n'ibibazo kuko zitera aba bamenyereye amazu ari mu bisagara, ari nayo binyegezamwo. Eka n'abasivire nabo bashobora kutavyorosha kuko bashobora guhangna nazo. Intambara yo mu gisagara niyo ya mbere igoye kandi yiha inkumbi ku ruhande rwateye, kandi igasaba ingabo nyinshi.
Uruzi Dnieper ni bariyeri kama hagati y'ubuseruko n'uburengero bwa Ukraine. Ed Arnold arufata nk'uruhome rugoye kumena ku ngabo z'Uburusiya.
Mu gihe zoshobora kwigarurira Kyiv n'ibindi bice vy'igihugu, Arnold avuga ko ata nyungu nini cane yova mu kurondera gusatira uturere tw'uburengero. Perezida Putin ashobora kwizera ko atosubira guhura n'inzitizi nyinshi mu gihe ingabo ziwe zoba zimaze kwigarurira umugwa mukuru no kunesha igisirikare ca Ukraine.
Ariko, n'aho ingabo 190.000 zishobora kuba ziboneka ko zikwiye kugira ngo zitsinde intambara, abahinga mu vya gisirikare ntibizeye ko zikwiye kugira ngo zigarurire igihugu kigira kabiri mu bunini ku mugabane wa Bulaya. Ukraine irasumba Ubufaransa. Jen. Barrons yahoze ari intwazangabo ya gisirikare w'Ubwongereza mu ntambara yo muri Iraq, avuga ati: "Nimba Perezida Putin yari afise intego yo kwigarurira Ukraine yose akoresheje ingabo zababa 150.000, ivyo vyomushobokera mu gihe abanyagihugu boba bavyemeye".
Avuga ko, n'aho hari igice c'abanyagihugu begamiye Uburusiya mu buseruko, ntivyokworohera ubutegetsi bushizweho n'Uburusiya gushira ku murongo imiriyoni zababa 40 z'abanyagihugu bose.
Jen. Barrons abona ko n'aho Uburusiya bufise ku rubuga ingabo zishobora gutsinda igisirikare ca Ukraine, iki naco gishobora guca gihinduka kikavamwo "umuhari w'nyeshamba zikomeye". Muri iki gihe, ivyo Putin yizeye ko yoshobora kwigarurira igihugu cose afise gusanga yakoze "ibiharuro bitari vyo".










