Ingabo za Ukraine i Kharkiv ziriko zisubiza inyuma ingabo za Russia

Olexander w'imyaka 44 yarwanye i Donbas ati: "Mu misi itatu ya mbere, ntitwatahura ivyariko biraba"
Insiguro y'isanamu, Olexander w'imyaka 44 yarwanye i Donbas ati: "Mu misi itatu ya mbere, ntitwatahura ivyariko biraba"

Ingabo za Ukraine mu gisagara kigira kabiri c'iki gihugu zasubije inyuma Aburusiya ku buryo vya muzinga vyabwo bidashobora kuzishikira, nk'uko umunyamakuru wa BBC uriyo abivuga.

Muri iyi ntambara, ingabo z'Uburusiya zari zimaze imisi 70 yose zicucagira Kharkiv amabombe y'urutavanako, mu gihe zoba zasubijwe inyuma iki gisagara coba cinjiye mu gahengwe.

Agace ka nyuma kabohowe ni ikigwati ca Pytomnyk, nk'uko vyaraye bitangajwe n'igisirikare ca Ukraine.

Hagati aho, ingabo z'Uburusiya ntiziriko zirasubira inyuma - nk'uko vyagenze mu micungararo ya Kyiv.

Zivugwa ko ziriko ziriyegeranya, aho ingabo zirwanira ku butaka ziva mu mabatayo (bataillons) atari make ziriko zirahamvya abandi.

Nayo mu ntara ya Donbas, igisirikare ca Ukraine congeye gutangaza ko casambuye ibiraro vyakoreshwa n'ingabo z'Uburusiya mu kujabuka uruzi ruri mu karere ka Luhansk mu buseruko bw'igihugu ahamaze imisi habera intambara zikomeye.

Isanamu ivugwa ko yerekana ibimodoka vy'intambara vy'Uburusiya vyasambuwe ku nkengera z'uruzi Siverskyi Donets, mu karere ka Luhansk

Ahavuye isanamu, Ukraine's defence ministry

Insiguro y'isanamu, Isanamu ivugwa ko yerekana ibimodoka vy'intambara vy'Uburusiya vyasambuwe ku nkengera z'uruzi Siverskyi Donets, mu karere ka Luhansk

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine yasohoye amasanamu avugwa ko ari ibifaru vy'Uburusiya n'ibindi bimodoka vyasambuwe mu kigwati ca Bilohorivka, hafi y'igisagara ca Lysychansk kiri mu minwe ya reta ya Ukraine.

Umukuru w'akarere ka Luhansk Serhiy Haidai avuga ko Bilohorivka ari "ikirindiro ntamenwa" cari "gihanganye n'igitigiri kinini" c'ingabo z'Uburusiya - nk'uko bimeze i Mariupol.

Igisirikare c'Uburusiya ntaco kiravuga kuri ibi bivugwa na Ukraine, bitaremezwa n'uruhande rwigenga.

Inyuma y'aho bunaniriwe no gufata umugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu mu ndwi za mbere z'iyi ntambara, Uburusiya bwavuze ko bugiye gushira inguvu zose mu buseruko kugira bwigarurire uturere twa Luhansk hamwe na Donetsk.

Ibiraro vyahora bikoreshwa n'ingabo z'Uburusiya vyarasambuwe n'ingabo za Ukraine, bivugwa na Kyiv

Ahavuye isanamu, Ukraine's defence ministry

Insiguro y'isanamu, Ibiraro vyahora bikoreshwa n'ingabo z'Uburusiya vyarasambuwe n'ingabo za Ukraine, bivugwa na Kyiv

Gushika ubu, Moscou ntirashobora gushika kuri iyi ntumbero.

Uburusiya buzoheza intambara bugeze habi, niko Ubwongereza bwibaza

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubwongereza Ben Wallace avuga ko Uburusiya buzova muri iyi ntambara muri Ukraine bwatakaje inguvu ugereranije n'aho bwari bugeze imbere y'igitero cabwo.

Avugana n'abanyamakuru i Washington - aho yabonaniye n'umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin - Wallace yavuze ko Vladimir Putin ari we wenyene "ashobora kumenya iyo azoshikana igihugu".

Ben Wallace na Lloyd Austin babonaniye muri Pentagon

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ben Wallace na Lloyd Austin babonaniye muri Pentagon

Ati: "Impera n'imperuka ategerezwa kwemera ko yataye umutwe.

"Uko vyogenda kwose, reka tuvuge ko Ubusuriya ari igihugu giciriritse gusumba uko cari kimeze imbere y'iki gitero".

Wallace avuga kandi ko igisirikare c'Uburusiya "gishaje" kandi ko gishobora kugira ingorane zo gusubira kwiyubaka kubera ibihano ruhasha igihugu cafatiwe.

Vyongeye, Wallace avuga ko yemera ko Ubushinwa bugenda butinya ibiriko bikorwa n'Uburusiya, bukabona ko atari vyiza mu bijanye n'ubudandaji.

Ati: "Si incuti yo kwizera. Ntushobora kumwizera ngo uherezeko".