Buffalo - US: Cumi bishwe barashwe mu gitero cabereye mu kaguriro mu ntara ya New York

Abantu cumi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bishwe barashwe mu ntara ya New York mu gitero kiriko gikorwako amatohoza ko coba gifatiye ku macakubiri y'urukoba.

Umusore w'imyaka 18 yari yambaye impuzu za gisirikare yahagaritswe inyuma y'uruhagarara rwabaye ahabereye iri bara mu gisagara ca Buffalo.

Uwikekwa ko yakoze aka kabi yinjiye akaguriro karimwo abantu benshi nijoro ku wa gatandatu yugurura umuriro. Igipolisi kivuga ko yanakoresheje na kamera mu kwerekana ikibiriraho ico gitero yariko arakora.

Umukuru w'ico gihugu Joe Biden aramirira kure ico yita "akabi kabishe".

Stephen Belongi, umukuru w'ibiro vya FBI mu gisagara ca Buffalo, yabwiye abanyamakuru ati: "Turiko turakora amatohoza ku vyabaye ko ari icaha gishingiye ku rwanko canke ko cakozwe n'intagondwa yitwaza amacakubiri y'urukoba".

Uwufatwa ko yakoze aka kabi azwi ko yamaze amasaha atari make mu rugendo rwamushikanye muri aka karere karwiriyemwo abirabure. Abantu cumi na batatu bose hamwe nibo barashwe kandi benshi muri bo ni abirabure, nk'uko bivugwa na Joseph Gramaglia, umukuru w'igipolisi i Buffalo.

Avugaka n'ikinyamakuru CBS, umupolisi avuga ko uyo mugabo yakoma induru avuga amajambo y'ibitutsi bishingiye ku rukoba igihe yariko akora ico gitero.

Gramaglia yabwiye abanyamakuru ati: "Yururutse imodoka. Yari afise ikigwanisho gikomeye. Yari yambaye nk'umurwanyi. Yari yambaye n'inkofero yo mu ntambara. Yari afise kamera yariko akoresha mu kwerekana ikibiriraho ivyo yariko arakora".

Avuga ko nyene gukora ivyo yashikirije ikirwanisho ciwe habanje kuba uguhangana gukomeye hanyuma aca atwarwa mu gasho.

Abo batatu bakomeretse - bose abakozi bo muri ako kaguriro - amagara yabo ntabangamiwe.

Umupolisi w'umukukuruke yari acunze ako kaguriro yagerageje kurasa uyo musore ariko na we nyene yabaye muri abo bantu bishwe, nk'uko igipolisi kibivuga.

Uyo musore amaze kwagirizwa icaha c'ubwicanyi bwo ku rugero rwa mbere, kandi umushikirizamanza w'akarere ka Erie, John Flynn, avuga ko hari ibindi vyaha bishobora kumwagira.

Umukuru w'akarere ka Buffalo, Byron Brown, yabwiye abanyamakuru ati: "Aka ni akaga kabi cane gashobora gushikira abanyagihugu kandi turababaye, ubu imitima iravyimvye".

Yongerako ati: "Ntidushobora kwemera ko uyu muntu agengwa n'urwanko acanishamwo akarere kacu canke igihugu cacu".

Grady Lewis, yabonye ico gitero ari mw'ibarabara, yabwiye abanyamakuru ko yabonye uyo mugabo yugurura umuriro.

"Nabonye uyo musore yinjira, nk'umusirikare, arunama aca atangura kurasa abantu".

Shonnell Harris yariko akora muri ako kaguriro igihe ico gitero caba, yabwiye ikinyamakuru Buffalo News ko yumvise amasasu arenga 70 yarashwe mu gihe yariko agerageza guhunga aciye mu muryango w'inyuma.

Uyu mugore ati: "Akaguriro kari kuzuye abantu. Hari muri weekend. Kari agahomerabunwa".

Avuga ivyakurikiye, umupolisi umwe yabwiye Buffalo News ati: "Umengo uriko urorera ireresi iteye ubwoba, ariko si ireresi, ni ibintu vyabaye".

Mu masaha yitereye y'ejo ku wa gatandatu, buramatari wa New York, Kathy Hochul yavuze ko uwufatwa ko ari we "yakoze iki gitero c'iterabwoba ni umuzungu agendera ku vyiyumviro vy'uko abazungu ari bo basumba bose (white supremacist)".

Iki ni "igitero gisa n'ica gisirikare co gutera abantu basanzwe bariko barasuma mw'iduka", nk'uko yabivuze igihe yagendera igisagara ca Buffalo.

Mw'itangazo yasohoye, Perezida Joe Biden yavuze ko we n'umugore wiwe bariko barasengera abaguye muri ico gitero n'imiryango yabo.

Ati: "Urwanko rushingiye ku macakubiri y'urukoba ni akabi kabishe ku gihugu cacu. Dutegerezwa gukora ivyo dushoboye vyose tugahagarika iri terabwoba riva ku nzigo mu gihugu".