Patrick Lyoya: Video yerekana umupolisi arasa uyu mugabo w'umwirabure muri US

Hasohotse video y'igipolisi yerekana umupolisi w'umuzungu arasa umugabo w'umwirabure inyuma mu mutwe babanje kurwanira ibastola (pistolet).

Amashusho y'ibi vyabaye ku wa 04 ndamukiza (4) ahitwa Grand Rapids muri leta ya Michigan, yerekana Patrick Lyoya w'imyaka 26 yiruka ahunga uyu mupolisi yari yamuhagaritse.

Uyu mupolisi atavuzwe izina yumvikana abwira Lyoya ko yorekura inkoho yiwe, imbere y'uko uyu mugabo araswa mu gihe yari aryamye hasi yubitse inda.

Iri raswa ryatumye haduka imyiyerekano.

Ejo ku wa gatatu, abari mu myiyerekano bariyegeranirije hanze y'ibiro vy'igipolisi ca Grand Rapids (GRPD) basaba ko izina ry'uyu mupolisi rishirwa ahabona.

Igipolisi co muri iyo reta kiriko kirakora amatohoza ku kungene vyagenze.

Lyoya asanzwe yamuka muri Repubulika y'intwaro Rusangi ya Congo akaba amaze imyaka itanu aba i Grand Rapids, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umushingwamanza Benjamin Crump aserukira umuryango wa Lyoya.

Video yerekana iki neza na neza?

Ku wa gatatu, igisata GRPD cerekanye video y'ivyabaye vyavuye muri kamera yari yambawe n'uyo mupolisi, kamera yo ku modoka y'igipolisi, muri terefone ngendanwa hamwe na kamera ikoreshwa mu gucungera inyubakwa.

Imwe muri izo video yerekana uyu mupolisi ahagarika imodoka ya Lyoya inyuma gato y'isaha zibiri z'agatondo (isaha zitandatu kw'isaha mpuzamakungu) ku wa 04 Ndamukiza.

Uyu mupolisi yafashe ingingo yo guhagarika iyo modoka kubera yari ifise inomero ndangamuduga itameze neza, nk'uko bivugwa n'abategetsi basubirwamwo n'imboneshakure CNN.

Lyoya yaravuye mu modoka ariko uyu mupolisi aca amutegeka gusubirayo.

Asa n'uko yataye umutwe, Lyoya yagumye hanze y'imodoka aca abaza ikosa yakoze. Uyu mupolisi yamubajije nimba avuga icongereza, nawe yishura ati "ego".

Lyoya yagumye kandi abazwa nimba afise uruhusha rwo kugendesha imodoka, hanyuma bamaze kuvugana umwanya muto aca ariruka ahunga uyu mupolisi.

Mu nyuma, bompi baboneka bariko bararwanira hasi, maze uyu mupolisi asokorora ibastola yiwe, baca barayirwanira. Umupolisi yumvikana abwira Lyoya kurekura inkoho yiwe.

Mu gihe bariko bararwana, uyu mupolisi yazimije atabishaka kamera yari yambaye, nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Hagati aho, amasanamu yafashwe na terefone ngendanwa y'uwari kumwe na Lyoya mu modoka nayo yerekanywe, akaba asa n'ayerekana uyu mupolisi arasa Lyoya inyuma mu mutwe.

"Hanyuma Lyoya yarashwe mu mutwe. Hagati aho, aya niyo makuru yonyene mfise", niko avuga, agasigura ko ivyabaye ari "akaga".

Uyu umupolisi yarungitswe mu karuhuko mu kurindira ibizova mu matohoza. Winstrom avuga ko izina ryiwe ridashobora gushirwa ahabona kiretse ari nka hamwe ivyo yagirizwa vyomenyekana.

Umunyamategeko Crump aserukira umuryango wa Lyoya, asaba ko uyu mupolisi yirukanwa hanyuma agashengezwa.

Yanditse ku rubuga rwa Twitter ko aya mareresi yerekana uyu mupolisi arasa Lyoya kandi ata kirwanisho yari afise "mu gihe yari aryamye hafi kandi atariko araraba uyu mupolisi".

Yongerako ati: "Patrick ntiyigeze akoresha ingimba kuri uyu mupolisi n'aho uyo mupolisi yakoresheje ingimba kuri we incuro zitari nke".