Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iraswa muri Ohio: Igipolisi ca Columbus cishe umuyabaga w'umwiraburekazi
Umupolisi wo mu ntara ya Ohio muri Amerika yishe umwiraburekazi w'imyaka 16 igihe yariko aratabara uwagira aziburwe imbugita.
Uwo muyabaga yahuye n'ico cago, ku mugwa mukuru Columbus, yamenyekanye kw'izina rya Ma'Khia Bryant.
Igiporisi ca Columbus catanze amasanamu yerekana uwo mukobwa ariko arashaka gucumita abandi imbugita imbere y'uko araswa.
Hariko harakorwa amatohoza, abategetsi bagasaba abanyagihugu gutekana.
Ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko uwo muporisi ataravugwa izina, yarungitswe mu karuhuko k'akazi ariko akazoguma ahembwa.
Ikinyamakuru ca Columbus Dispatch canditse ko igiporisi cahamagawe ahantu mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Columbus nk'isaha cumi n'iminota 45 z'umuhingamo (isaha zibiri na 45 z'ijoro mu Burundi no mu Rwanda) ku musi wa kabiri.
Amasanamu ya kamera abapolisi bambara yatanzwe n'igipolisi yerekana umushamirano hagati w'umugwi w'abantu imbere y'inzu imbere y'uko umwe muri bo - bivugwa ko ari Ma'Khia Bryant - aboneka agurukira ku wundi muntu wo muri uwo mugwi nyene afise imbugita mu ntoke.
Umuporisi umwe rero aca yegera uwo mugwi w'abantu ahaca imodoka hanyuma asemerera "Unama", imbere y'uko arasa amasase menshi, aca ahitana uwo mukobwa.
Abategetsi bavuze ko uwo muporisi yarashe kugira akize ubuzima bw'umwe muri abo bakobwa, n'aho umugore umwe yavuzwe n'ikinyamakuru co ngaho ko ari inasenge wa Bryant yavuze ko umusengezana wiwe yariko arivuna inyuma yo kugirwako igitero.
Avugana n'imboneshakure WBNS-TV, nyina wa Ma'Khia Bryant, Paula Bryant, yavuze ko 'yababajwe' n'ivyashitse kandi ko umukobwa wiwe yari "umukobwa afise urukundo".
Yavuze ati: "Ibi ntivyategerezwa gushika."
Yongeyeko ati: "Ndashaka inyishu kuri ibi bintu."
Paula Bryant avuga ko umukobwa wiwe yaba munzu y'irerero. Yariko ''araraba ingene yogaruka muhira".
Mu kiganiro n'ibimenyeshamakuru , umukuru mfatakibanza w'igipolisi ca Columbus, Mike Woods, yavuze ko hariko harakorwa amatohoza n'ibiro bijejwe amatohoza y'ubwicanyi vy'i Ohio.
Yavuze ati: "Mu gusozera ayo matohoza, igiporisi kizokwihweza ivyerekeye uwo muporisi hamwe na bagenziwe bari kumwe muri ico kibanza.
"N'ibintu bibabaje kuri bose, ariko cane cane ku muryango w'uwo mwigeme."
Iryo raswa ryo muri Columbus ryabaye gato imbere y'uko abahamagawe gusasa mu rubanza banzura ko uwahoze ari umuporisi yagiriwe n'icaha co kwica umunyamerika w'umwirabure George Floyd kw'ibarabara ryo muri Minneapolis mu mwaka uheze.
Derek Chauvin, w'imyaka 45, yafashwe amasanamu apfukamye kw'izosi ra Floyd mu gihe kirenga iminota icenda igihe yariko aramuhagarika mu kwezi kwa gatanu.
Ayo masanamu yarabwe cane yatumye haba imyiyerekano irya n'ino kw'isi yo kwiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba n'ikoreshwa ry'inguvu z'ikirenga n'igiporisi.
Hari abahavuye bagira imyiyerekano muri Columbus hafi y'urugo rw'aho uwo mukobwa yarasiwe.