Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Miss Burundi 2022: Kelly Ngaruko avuga ko vyamuteye inguvu kubona hari abatemera ko ariwe yatsinze
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Mu kiganiro cihariye na BBC Gahuzamiryango, Miss Burundi 2022 avuga ko kuba hari abatashimye ko ari we yatahukanye intsinzi ata ntege vyamuciye ko ahubwo vyamwongereye ingoga.
Kelly Michelle Ngaruko yatahukanye intsinzi mw'ihiganwa ryabereye i Bujumbura ku wa gatandatu uheze.
Intsinzi yiwe ntiyavuzweko rumwe n'abakurikiranye iryo higanwa.
Atangazwa ko ariwe abaye uwa mbere mu bari mu birori hari abahagututse berekena ko batemera ko ariwe we yari akwiye ikibanza ca mbere.
Kelly Ngaruko yabwiye BBC ko ivyo aho kumuca intege ahubwo "vyampaye inguvu."
Agira ati: "Vyatumye ntangara ko abantu benshi bari bahanze amaso rino higanwa.
"Numva umenga vyanteye inguvu… barabishigikiye, kandi barifuza kubona umwigeme w'umurundikazi hari igikorwa atanze."
"Umwigene barakunda kumwibagira"
Miss Burundi 2022 avuga ko abatashimye ingene yatowe boshinga amaso ivyo agiye kuzorangura.
Ivyo navyo ngo bishingiye ku mugambi wiwe wo guteza imbere no gushigikira umwigeme w'umurundikazi abicishihe ku budandaji. Kandi avuga ko yari asanzwe abikora kuva mu mwaka uheze.
Ati: "Ndabashira mu migwi, aho bigishwa, bagakurikiranwa kugira batanguze ubudandaji bwabo."
Umwigeme Ngaruko avuga ko asanzwe akorana n'isandugu itanga ingurane (microfinance).
"Nzobandanya ndabikora uko nahora" mu kubaha ingurane kugira batanguze ubudandaji.
Ku mvo yatumye ashira imbere umwigeme avuga ko ari kubera yasanze ari we "dukunda gusiga inyuma, tugafasha abamama, abasore, mugabo kenshi umwigene barakunda kumwibagira."
Kelly Michelle avuga ko ihiganwa rya Miss rirengeye gushira imbere ubwiza bw'umubiri.
Ati: "Impanuro notanga ku mwigeme w'umurundikazi n'ukubandanya akora kugirango yerekane, abicishije mu bikorwa vyiwe, ko agaciro kiwe gasumba ubwiza abantu babona."