Rwanda: umuryango wa Paul Rusesabagina witwaye urondera indishi y'akababaro ya miriyoni $400m

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuryango wa Paul Rusesabagina witwaye muri sentare yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika usaba indishi y'akababaro y'imiriyoni 400 z'amadorari y'abanyamerika kw'inyuruzwa n'iyicarubozo bivugwa ko yakorewe.
Sentare y'Urwanda yamuciriye umunyororo w'imyaka 25 mu mwaka uheze ku vyaha vy'iterabwoba, mu rubanza rufatwa ko ruteye isoni.
Umuryango wiwe uvuga ko reta y'Urwanda yamuhenze ikamuvana muri Texas aho yari asanzwe aba mu buhungiro, ikamusubiza mu Rwanda.
Arashimirwa kuba yararokoye abantu bagera 1200 mu gihe cya jenoside yo mu 1994.
Mw'itangazo, umuryango wa Rusesabagina wagiriza reta y'Urwanda n'abategetsi bakuru ko bakoze umugambi wo guhendahenda Rusesabagina kugira ngo bamuvane mu nzu yiwe i San Antonio kugira bamushikane mu Rwanda "aho yaborejwe igufa agapfungwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko mu buzima bwiwe asigaje kubaho".
Iri tangazo ryongerako y'uko indishi y'akababaro isabwa y'imiriyoni $400 "izogenda yiyongera umusi ku musi mu gihe cose Paul Rusesabagina azoba agipfunzwe".
Iri tangazo rivuga ko uru rubanza rwugurujwe i Washington DC kandi ko rwamenyeshejwe reta y'Urwanda gushika ubu ataco iravuga ku mugaragaro, mbere ikaba ititavye akamo yatewe na BBC ko kugira ico iruvugako.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jenoside yo mu Rwanda yamaze imisi 100, kuva mu kwa kane mu 1994, aho abantu 800.000, abenshi bakaba bari Abatutsi, bagandaguwe bunyamaswa n'intagondwa zo mu bwoko bw'Abahutu.
Rusesabagina - ico gihe akaba yari arongoye ihoteri - yanyegeje abantu bababa 1200 muri ubwo bwicanyi, bagiye barondera ubuhungiro muri iyo hoteri. Firime ya Hollywood, Hotel Rwanda, yakinywe mu 2004 aho uwitwa Don Cheadle yakinye nka Rusesabagina.
Umwaka wakurikiye yahawe agashimwe k'umukuru w'igihugu wa Amerika, Médaille Présidentielle de la Liberté/ Presidential Medal of Freedom, na Perezida George W Bush yari ku butegetsi ico gihe, ku twigoro twiwe.
Ariko ibintu vyagiye guhinduka kuri Rusesabagina, uwahoze yitwa umutabazi aza kwitwa umwansi w'igihugu, inyuma y'aho amenyekaniye cane nk'uwunegura reta y'Urwanda y'inyuma ya jenoside na Perezida Paul Kagame.
Mu butumwa bwa videwo mu 2018, Rusesabagina yasavye ko ubutegetsi buhinduka, avuga ko "igihe cageze ko dukoresha uburyo bwose bushoboka kugira ngo duhindure ibintu mu Rwanda".
Yahagaritswe mu 2020, aho, nk'uko bivugwa n'abamushigikiye, yurira indege y'abikorera utwabo azi ko yari imutwaye mu Burundi, ariko mu nyuma akisanga yamushikanye i Kigali, umugwa mukuru w'Urwanda. Mu kw'icenda kw'umwaka uheze, yaragiriwe n'icaha co kwifatanya n'umurwi w'inyeshamba wakoze ibitero vyahitanye abantu mu 2018 na 2019 mu Rwanda.
Ico gihe, Amerika, igihugu asanzwe abamwo, yavuze ko ifise impungenge kuri uru rubanza yaciriwe.










