Ntahokatarondererwa: Inyuma ya Kaminuza Leonidas Ndayizeye yabaye umu taxi-moto

Ahavuye isanamu, Leonidas Ndayizeye
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Amaze kurangiza kaminuza, Leonidas Ndayizeye yaciye aja ku gatumba kurima, ari na ho yakuye ipikipiki yo kwunguruza abantu n'ibintu.
Inyuma y'amategeko mashasha agenga ama taxi-moto, amakinga n'amabajaji, yo kudashika mu gisagara hagati, yahisemwo kuyigurisha.
Leonidas Ndayizeye yafatanije akazi ko kurima no gufasha abanyeshure gusubiramwo ivyo bize kw'ishure (Cours du soir).
Buke buke agenda aratera imbere.
Agira ati:"Nkiheza kaminuza, ubwo nyene naciye nja ku gatumba aho mvuka, ntangura kurima.
"Amahera yava mu burimyi n'ayo nakorera mu kwigisha ni yo nakuyemwo taxi-moto.
"Ubwa mbere nari mfise uwuyitwara, ariko mu nyuma maze kuyimenya, twarakurakuranwa."
Avuga ko akazi ko gutwara taxi-moto kamuha amahera menshi, n'aho hari abamutwenga na cane cane mu bantu batize.
Ndayizeye agira ati: "Abantu batize barantwenga bakanansuzugura kubona ndi umu taxi-moto. Ariko abize bo barantahura.
"Abo twiganye canke abize imbere yanje, hari n'abambaza ko ntobarangira na bo uwobaha akazi ko gutwara moto."
Ariko n'aho bamutwenga avuga ko bitamuca intege kuko yabona ko we ariko arunguka.

Leonidas Ndayizeye avuga ko, inyuma yo kugurisha ipikipiki yiwe, ubu akora akazi ko gutwara imodoka yunguruza abantu (taxi voiture).
Urwaruka rurangije amashure rurafise ingorane yo kuronka akazi, reta ikaba ibahimiriza kwishira hamwe mu mashirahamwe kugira bakorere hamwe.
Kugira ivyo bikunde, iherutse no gushinga ibanki y'urwaruka, BIJE (Banque d'Investissement pour les Jeunes), yo gufasha mu kubaha ingurane.










