Ntahokatarondererwa: Ornella Uwimana yize ivyo kuvura kuri kaminuza ariko akora intebe mu mapine

Ahavuye isanamu, Ornella Uwimana
Umwigeme Ornella Uwimana yahejeje ivyigwa vy'amagara y'abantu muri kaminuza mu 2020 ubu akaba akora akazi ko gukora intebe mu mapine.
Intebe za mbere yazikoze mu 2016 akiri ku ntebe y'ishure, umuvyeyi wiwe aca arazimugurira kugira amutere intege.
Agira ati:"Naguze amapine umunani ku bihumbi mirongo ine, hanyuma nca ndayakoramwo intebe.
"Mu kuntera intege, umuvyeyi wanje arazishima aca arazingurira azishira kw'ibaraza"
Ubwo buhinga yabwize hehe?
Ornella avuga ko akunda kwiyigisha gukora ibintu bitandukanye kuri YouTube.
Ahejeje kaminuza mu gisata c'ivy'amagara y'abantu "Sante Publique" mu 2020, ivyo gukora intebe mu mapine yaciye abigira umwuga.
Avuga ko abona ko amaze gutera imbere ugereranije n'aho yatanguriye.
Agira ati: "Natanguye nkorera muhira ariko ubu narakotesheje ikibanza nkoreramwo ndiha ku kwezi.
"Nkoresha abakozi batatu baza buri musi, n'abandi bane baza igihe mba ndabakeneye."

Ahavuye isanamu, Ornella Uwimana
Gushika ubu avuga ko yoba ageze ku mutahe wa miliyoni zine z'amarundi.
Impanuro ku rwaruka
Ornella Uwimana ahanura urwaruka kwubahuka gukora ico ari co cose rubona gishobora kuruteza imbere.
Avuga ko hari benshi bagaya akazi canke ntibashiruke umwete wo kugakora.
Ati: "Hari abambona ndiko ndahiga amapine bagatangara. Bakanayanyima nkarinda guca ku bafundi b'imodoka
"Hari n'abantwenga bambonye ndiko ndatobora amapine kandi baheruka nari nagiye gusigisha inzara.
"Ubu ariko batanguye gutahura kuko babona ntanguye gutera imbere.

Ahavuye isanamu, Ornella Uwimana
Uburundi buherutse gushinga umugambi wa PAEEJ (Programme d'Autonomisation Economique et d'Emploi des Jeunes Diplômés), werekeye urwaruka ruhejeje amashure kugira rwishingire imigambi yo gukora.
Uwo mugambi reta yawuhaye imiriyaridi 48 z'amafaranga y'amarundi.
Ariko n'ubu hari abacibaza uruhara nyarwo rwa PAEEJ, mu gihe abandi bafise amakenga ko bashobora gufasha koko urwaruka kwigenga mu butunzi rukareka kuzera inze.










