Ntahokatarondererwa: Josiane Kwizera yahisemwo gufotora, abavyeyi bashaka ko yiga kuvura

Josiane Kwizera

Ahavuye isanamu, JOSIANE KWIZERA

Insiguro y'isanamu, Josiane Kwizera yashize gufotora imbere yo kwiga ubuganga

Uwo mwigeme w'imyaka 27 yahejeje amashure yisumbuye mu gisata c'ubumenyi (scientifique), abavyeyi biwe bipfuza ko abandanya mu gisata c'amagara y'abantu ariko we ahitamwo kwiyigisha gufotora.

Avuga ko yakunze umwuga wo gufotora kuva akiri umwana.

Ati: "Kuva nkiri umwana narakunda gufotora. Narakina ibintu vyo gufotora nkoresheje telefone canke ibindi bikoresho".

Josiane avuga ko ahejeje amashure yisumbuye yinginze abantu benshi ngo bamwigishe uwo mwuga ariko benshi baramwankira. Umwe gusa ni we yamwemereye mu 2018.

Ubu ahagaze gute mu mwuga?

Josiane Kwizera avuga ko yatanguye kubikora nk'umwuga mu 2019, n'aho abavyeyi biwe bo bipfuza ko yokora umwuga wo kuvura abantu.

Agira ati: "Abavyeyi bashaka ko mbandanya kwiga ivyo kuvura, ariko jewe nahisemwo gufotora kuko ari vyo nkunda.

"Ubu ndaronka amasoko yo gufotora abana, mu manza z'isabukuru n'iz'ubugeni.

"Ndaniyigisha nkoresheje inyabwonko kandi maze kumenya vyinshi."

Ico amaze gukura mu mwuga wo gufotora

Kwizera avuga ko ubu, afashijwe n'uwo mwuga wo gufotora, hari vyinshi atakizera ku bavyeyi.

Agira ati: "Ubu ndirihira inzu nkoreramwo, nariguriye camera-foto yo mu bwoko bwa Canon izimvye cane, ndagura akamoto n'inyabwonko.

"Ndafasha n'abavukanyi banje nanje nkifasha ntarinze kugora abavyeyi."

Josiane Kwizera

Ahavuye isanamu, JOSIANE KWIZERA

Insiguro y'isanamu, Ubu yariguriye camera yo mu bwoko bwa Canon, moto na laptop

Josiane Kwizera ahanura urwaruka gukura amaboko mu mpuzu ngo bironderere akazi.

Ati: "Ubu si nka kera aho abavyeyi bacu baheza ishure basanga akazi kabarindiriye, akazi n'ukukarondera.

"Ugaye akazi, ntuba uzi ico ushaka gukora."