Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Abasirikare babiri baborewe bishe 15 harimwo n’abana
Abasirikare babiri barashe bica abantu 15 mu bitero bitandukanye mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo.
Hafi ya bose muri aba bishwe ni abasivire.
Ibi bibaye inyuma y'aho abantu batandatu bakomerekeye igihe abasirikare batera igisasu ntezwantoke mu kirwi c'abantu mu gihe bariko bagerageza guhakarika umuntu.
Umutegetsi wo mu ntara ya Kivu y'Epfo yavuze ko umusirikare yari yaborewe ari mu bwato mu kiyaga Tanganyika yishe ingenzi umunani harimwo n'abana imbere y'uko ahagarikwa.
Ku wa Mungu, uwundi musirikare yishe umukoroneri n'uwamucungerera ubuzima, hamwe n'abandi basivire batanu mu ntara ya Ituri. Uyu mwicanyi kandi avugwa ko na we nyene yari yaborewe, yaciye yicwa na mugenziwe igihe yariko arahunga.
Abanyagihugu bo mu buseruko bwa DR Congo bamaze imyaka irenga 20 bari mu bitero igihe cose bikorwa n'imirwi yitwaje ibirwanisho.
Reta ya Perezida Félix Tshisekedi yihaye intumbero nyamukuru yo kurangiza imvururu.
Haraciye hafi umwaka intara za Kivu ya Ruguru na Ituri zishizwe mu mategeko adasanzwe ya gisirikare.
Ariko gushika ubu nta kintu kiboneka kirashikwako mu gihe inyeshamba ndetse rimwe na rimwe n'abasirikare bataye umurongo babandanya biha inkumbi.