DRC: Delcato Idengo yafatiwe i Butembo n'abajejwe umutekano

Umuririmvyi akunzwe muri Republika ya Demokrasi ya Kongo, Delcato Idengo, yafashwe yagirizwa guhamagarira abantu kugirira nabi abajejwe umutekano

Uyu munyamuzika yafashwe ejo kuwa mungu ari mu muji wa Butembo uri mu buraruko bushira ubuseruko.

Abakunzi biwe bakoze imyiyerekano basaba yuko yorekurwa.

Igipolisi cavuze yuko Idengo azoshinjwa ivyaha vyo kugomorera abantu kugirira nabi abapolisi n'abasirikare.

Ariko uyu munyamuzika ntararenguka imbere ya sentare.

Indirimbo za Idengo kenshi zinegura abajejwe intwaro, cane cane ingene bananiwe kugarukana umutekano mu buseruko bwa Kongo.

Yarigeze kwagiriza igipolisi kuba ata na kimwe gikora ngo gihagarike ubwicanyi.

Urashobora gusoma kandi n'ibi: