Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC: Delcato Idengo yafatiwe i Butembo n'abajejwe umutekano
Umuririmvyi akunzwe muri Republika ya Demokrasi ya Kongo, Delcato Idengo, yafashwe yagirizwa guhamagarira abantu kugirira nabi abajejwe umutekano
Uyu munyamuzika yafashwe ejo kuwa mungu ari mu muji wa Butembo uri mu buraruko bushira ubuseruko.
Abakunzi biwe bakoze imyiyerekano basaba yuko yorekurwa.
Igipolisi cavuze yuko Idengo azoshinjwa ivyaha vyo kugomorera abantu kugirira nabi abapolisi n'abasirikare.
Ariko uyu munyamuzika ntararenguka imbere ya sentare.
Indirimbo za Idengo kenshi zinegura abajejwe intwaro, cane cane ingene bananiwe kugarukana umutekano mu buseruko bwa Kongo.
Yarigeze kwagiriza igipolisi kuba ata na kimwe gikora ngo gihagarike ubwicanyi.