Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ebola: DR Congo yatanguje isekeza ryo gucandaga i Butembo
Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo yatanguje isekeza ryo gucandaga abanyagihugu bo mu buseruko bw'ico gihugu inyuma y'aho ikiza ca Ebola gisubiriye kwibonekeza muri ako karere nk'uko bivugwa n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO.
DR Congo itangaza ko abantu bane ari bo bamaze kwanduka Ebola kuva gisubiriye kwibonekeza ku wa 07 z'ukwa kabiri mu karere ka Butembo.
OMS ivuga ko abakozi bo ku kigo c'ubuvuzi muri ako karere habonetsemwo umuntu wa mbere yayanduye ari bo bahereyeko gucandaga.
Aya makuru aje haciye umusi umwe gusa igihugu ca Guinée kiri mu burengero bwa Afrika gitangaje ko catewe n'iki kiza.
Ikiza ca Ebola muri DR Congo cari catangajwe ko carangiye mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze wa 2020.
Cari cahitanye abantu 2.287 kuva mu kwa munani 2018.
Doze zishika 8.000 z'urucanco rwa Ervebo, zari zasigaye igihe iki kiza gitangazwa ko carangiye, nizo ziriko ziratangwa muri rino sekeza, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC akorera i Kinshasa Emery Makumeno .
Ervebo ni rwo rucanco rwa Ebola rwemejwe ubwa mbere n'ikigo ca Amerika kijejwe imiti n'imfungurwa (FDA) mu kwa cumi na kabiri 2019.
Ku wa Mungu, Guinée yatangaje ko ikiza ca Ebola casubiye gutera muri ico gihugu, inyuma y'aho habonekeye abantu indwi banduye hamwe na batatu cahitanye.
Batanguye bacibwamwo, badahwa kandi bava amaraso inyuma y'aho bitabiriye igikorwa co gufuba umubikira hafi y'igisagara ca Nzérékoré kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP risubiramwo Alfred George Ki-Zerbo, aserukira OMS muri Guinée aho avuga ati: "OMS iri maso kandi iriko iravugana n'ihinguriro ry'urucanco kugira ngo haboneke doze zikenewe kugira ngo tukirwanye amazi atararenga inkombe".
Hagati ya 2013 na 2016, abarenga 11.000 nibo bahitanywe n'ikiza ca Ebola mu burengero bwa Afrika cari catanguriye muri Guinée nyene.
Umukuru w'igihugu wa Liberia George Weah yasavye abajejwe amagara y'abantu kumera magabo kugira ngo ico kiza ntigihave kibinjirana.
Umunyamakuru wa BBC muri Sierra Leone, Umaru Fofana, avuga ko mu gihugu abanyagihugu bafitiye ubwoba Ebola gusumba Covid-19.
Avuga ko kuba hari incanco nshasha bibaha umwizero - ni mu gihe hari doze 500.000 zategekanijwe mu runani mpuzamakungu rw'incanco, Gavi.
Ibi bihugu bitatu bifise abantu baharurwa muri miriyoni 22,5, ibitera impungenge ko abahingura izi ncanco bashobora kutaronka umwanya uhagije wo gukora izindi ncanco mu gihe zokenerwa kubera ubu hagezweho incanco za Covid, nk'uko uyu munyamakuru abivuga.
Ebola ni iki?
- Ebola ni umugera utuma umuntu ameneka umutwe, agatakaza inguvu, akababara umubiri wose kandi no mu muhogo akagira ibikomere
- Uko ibintu vyunyuka umuntu yayanduye aradahwa, agacibwamwo, akava amaraso imbere n'inyuma mu mubiri
- Abantu bandura uwu mugera biciye mu gikomere, mu kanwa no mu zuru iyo barinze bakorakora amaraso, ibidahwe, amazirantoke canke amazimazi ava mu muntu yanduye Ebola
- Umurwayi ashobora gupfa kubera gukama amazi mu mubiri.