Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Ntidukorana nabo': Ubuzima mu turere twa Ukraine twafashwe na Russia
- Umwanditsi, Na Joel Gunter
- Igikorwa, i Lviv, Ukraine
Ku musi wa mbere, Ivan Federov umukuru w'igisagara ca Melitopol kiri mu bumanuko bwa Ukraine, yaricaye mu biro iwe kugira ngo arungike ubutumwa bwiwe bwa misi yose acisha ku rubuga rwa Facebook yerekana ingene ibintu bimeze.
Yabwiye abamukurikira ko ingabo z'Uburusiya zigaruriye igisagara ubu zigenzura itumatumanako muri ico gisagara, rero ko bogira amakenga ku vyo bumva ku mboneshakure no kw'iradiyo.
Ni bangahe bashobora kubona ubutumwa bwiwe, ntavyo yari azi. Itumatumanako rya internet i Melitopol mu bisanzwe na ryo nyene ryarapfuye, ibituma udashobora gushikira abantu muri ico gisagara uhamagaye kuri WhatsApp canke Telegram, canke ngo ushobore kuba ku murongo umwanya munini.
Imirongo ya terefone zisanzwe ntaco zari zikimaze, nk'uko Federov yabibwiye BBC igihe Telegram yari igarutse ku murongo. "Ntidushobora kuyikoresha. Biroroshe cane rwose ko Abarusiya bumviriza ivyo twovugana".
Igihe ingabo zateye igihugu zigarurira Melitopol, haraciye indwi, barasahuye urukombamazi ibiro vy'umukuru w'igisagara, nk'uko Federov abivuga, aho abakozi biwe baciye bahungira ahandi, ari naho bari mu kugerageza kurongora igisagara.
Federov yashimangiye ati: "Ntidushobora gukorana n'Abarusiya mu buryo ubwo ari bwo bwose. Ntibigeze bagerageza kudufasha, ntibashobora kudufasha, kandi ntidushaka ubufasha bwabo".
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko ariko ararondera gukura mu vyara vy'ubutegetsi bw'aba Nazi ubutaka bw'Uburusiya n'abavuga ikirusiya.
Ariko muri Melitopol hamwe no mu bindi bisagara bitari bike vyo mu bumanuko n'ubuseruko bivuga ikirusiya, ingabo ziwe zisanze ziriko zifatwa nk'abansi bateye igihugu.
Yuliya Kovaliova w'imyaka 33, imbere y'iki gitero akaba yafasha umuryango wiwe mu rudandaza rwawo rw'ivyuma vya elektroniki, agira ati: "Melitopol irangwamwo imyiyerekano imisi yose".
Ati: "Igihe kimwe ingabo z'Uburusiya zatanguye ziturasa, mbere umugabo umwe araraswa, ariko ntitwahagaritse imyiyerekano. Ntidutinya gukora imyiyerekano kuko turi hamwe. Dutinya kugenda twenyene mw'ijoro ariko ntidutinya kugira imyiyerekano".
Federov avuga ko ku wa kabiri, abantu bababa 5000 biyegeranije mu kibanza co hagati mu gisagara ca Melitopol, n'aho mu ndwi iheze bari barashwe, umugabo umwe agakomereka mu kuguru.
Hari amareresi ariko arakwiragira yerekana imyiyerekano mu bisagara vyigaruriwe vyose canke ibice vyavyo muri ako karere - Kherson, Berdyansk, Starobilsk, Novopskov. BBC yaregereye ababibamwo n'ababirongoye mu kugerageza gutahura ingene ibintu bimeze muri ibi bisagara.
Yunona w'imyaka 29 mu gisagara ca Kherson ati: "Sinzi ingene noharura abantu bari mu myiyerekano. Nibaza ko n'imiburiburi bashika 2000".
"Umwe mu bagenzi bacu yarakubiswe anatwarwa n'ingabo z'Uburusiya abantu baca barashavura baca bazirukako baramubohoza".
Ingabo z'Uburusiya i Kherson ziboneka ko ari abakiri bato kandi bafise ubwoba, nk'uko Olha, umwigisha w'icongereza w'imyaka 63 abivuga. Ati: "Tuja mu myiyerekano imisi yose kandi baba bari hafi yacu ariko baboneka ko bafise ubwoba. Turindiriye ko igisirikare ca Ukraine kibirukana".
Amakuru avuga ihohotera ry'abanya Ukraine bari mu myiyerekano si menshi, kuko ingabo z'Uburusiya nka zose zisa n'izirabisha amaso gusa. Ariko bamwe mu barongoye ibisagara bari mu madidane - ntibabona ingene bohimiriza bikwiye abanyagihugu kuja mu mabarabara.
Federov, umukuru wa Melitopol ati: "Abantu bacu bakeneye kuja mu myiyerekano ariko kandi bakeneye kubungabunga ubuzima bwabo. Nabasavye nti - ndabinginze ntimwegere abasirikare b'Abarusiya, mubazunguruke".
Vadym Gaev, umukuru wa Novopskov, igisagara kiri hafi ya Donbas yabwiye BBC ko hari haciye igihe hari imyiyerekano y'imisi yose ariko ko haciye imisi itatu ihagaze inyuma y'aho abasirikare b'Uburusiya barasiye batatu mu bari muri yo - n'aho batababaye cane - bongera bakubita uwundi umwe.
Gaev avuga ko ingabo z'Uburusiya zabwiye umukozi wiwe ko zahawe uruhusha rwo kurasa abari mu myiyerekano, ko rero ata yindi ikwiye kuba.
Novopskov ni akarorero k'ibintu bidasanzwe kandi bigoye bibera mu turere tumwe tumwe twa Ukraine, aho abategetsi b'iki gihugu babandanya n'ibikorwa vyabo ukuntu, ariko ingabo z'Uburusiya ari zo zigenzura.
Avuga ko no mu gisagara cigaruriwe ca Starobilsk kiri hafi yaho, umukuru waco Yana Litvinova na we nyene yabandanya akorera kure.
"Hashinzwe 'ubutegetsi bushasha'. Ikintu kimwe tuzi ni uko bugenda buca ku nyubakwa za reta busaba abanyagihugu kwifadikanya nabwo, ariko bakanka".
Gaev n'abo bakorana bavuye mu gisagara igihe Uburusiya bwigarurira Novopskov, kugira ngo uburongozi bwiwe muri ico gisagara bubandanye - ingingo yacanishijemwo abakibamwo, aho bamwe bamwagiriza ko yabahemukiye, ariko abandi nabo bagashima ko yari akibandanya ibikorwa vyiwe.
Babiri mu baba i Kherson babwiye BBC ko bibaza ko umukuru w'igisagara yabahemukiye mu gukorana n'ingabo z'Uburusiya - ibirego vyazungurutse mu mirwi yo ku rubuga rwa Telegram. Abandi babiri nabo bavuga ko yakoze ivyo yategerezwa gukora kugira ngo igisagara kibandanye n'ubuzima.
Umukuru w'igisagara ca Kherson, Igor Kolykhayev, yabwiye BBC ati: "Iyo mpemukira igisagara, mba nkiri ng'aha? Ndi mu biro imisi yose, nkorana n'abo dukorana kugira ngo ibikorwa bibandanye".
Kolykhayev avuga ko ikintu nyamukuru ari ugutangura kwimbura imfungurwa no gumihiriza abantu bagasubira ku bikorwa.
"Imfungurwa ziriko ziraduherana kandi nta mfashanyo ziriko ziraza, nta kiriko kirakorwa. Rero dutera akamo abantu bose mu gisagara: rondera ivyo kurya ivyo ari vyo vyose ushobora kurondera, kora ico ari co cose ushobora gukora".
Abantu bose baba mu bisagara vyigaruriwe bashoboye kuvugana na BBC bavuga ko imfungurwa ziriko rirabaherana.
Yuliya Kovaliova adandaza ivyuma vya elektroniki i Melitopol ati: "Amaduka ni nk'aho agaragara. Urashobora gusuma ibintu bisigayemwo ariko hasigayemwo bike cane. Amaduka y'imiti aragaragara kandi mama ntashobora kuronka umuti w'indwara yiwe y'umutima".
Kovaliova avuga ko amakamyo abiri y'Uburusiya yari afise imfashanyo yaje mu gisagara mu ndwi iheze agerageza gutanga imfungurwa, ariko yari yazananye n'umurwi w'abafata amashusho. Avuga ko nka bose banse kuzitora.
"Mu nyuma twagiye kubibona ku mboneshakure. Uburusiya bwarigaruriye iminara y'imboneshakure hano, rero dushobora kuraba televiziyo imwe gusa y'Uburusiya, ico gihe yerekanye abantu batora izo mfungurwa bavuga ingene bashima iyo mfashanyo yatanzwe n'Uburusiya".
Maxim w'imyaka 22 yigisha kuvuza inanga muri ico gisagara, na we nyene aravuga ivy'izi mfashanyo. Ati: "Barafashe amashusho, abantu bakivugira ko abanyatugenegene baje gufata izi mfungurwa".
Yunona wo muri Kherson na we nyene avuga ko yabonye ibisa n'ivyo, kandi ko ibinyamakuru vya Ukraine vyavuze ibintu nk'ibi i Berdyansk.
Ivan Federov, umukuru w'igisagara ca Melitopol, avuga ko na we nyene yumvise ivy'izi "mfashanyo'. Ariko avuga ko ata "makamyo y'Uburusiya yigeze aza kandi nta mfungurwa z'Uburusiya zigeze ziza".
"Bari gushobora kwugurura amayira umwanya uwo ari wo wose kugira imfashanyo z'imfungurwa n'imiti zinjire, ariko ntavyo bashaka. Turabizi, twarabigerageje".
Inyuma y'umutaga w'ejo ku wa kabiri, nk'uko bisanzwe, Federov yasohoye ubutumwa kuri Facebook avuga ingene ibintu bimeze, atera akamo umuntu uwo ari we wese yari abishoboye kuriha ivyo ategerezwa kuriha, yongera akeza abagore ba Ukraine ku musi mpuzamakungu wahariwe abagore.
Ati: "Ndazi intambara vuba izorangira maze duhimbaze imisi mikuru yacu yose mu mahoro, Melitopol ya Ukraine".
Moscou iratanga imfashanyo y'ubutabazi ku basivire
Umushingamateka wo mu nama nshingamateka y'Uburusiya akaba n'umunywanyi w'umugambwe wa Perezida Putin arahakana amakuru avuga ko Uburusiya biriko buratera amabombe abasivire, avuga ko ahubwo Ukraine ishobora kuba itera abanyagihugu bayo.
Maria Butina yabwiye BBC ko Moscou ikora uko ishoboye kwose kugira ngo ifashishe imfashanyo y'ubutabari abasovore.
Avuga ko abanyagihugu ba Ukraine bakwiye guhabwa uburenganzira bwo kwitorera reta yabwo bwite ariko asubiramwo amajambo ashikirizwa na Kremlin ko Uburusiya butegerezwa kubanza gusambura igisirikare ca Ukraine bwongere bukureho ubutegetsi bw'iki-Nazi.
Maria Butina yarapfungiwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu 2018 yagirizwa gukora igendereza nk'umunyamahanga atanditswe mu nyuma asubizwa mu Burusiya ari naho yaciye atorwa kuba umushingamateka.