Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Ingabo za Russia zigaruriye igisagara gikomeye ca Kherson - vyemezwa n'umukuru waco
Ingabo z'Uburusiya zigaruriye igisagara kiri ku nyanja mu bumanuko bwa Ukraine, nk'uko umukuru waco abivuga.
Kherson ni co gisagara ca mbere gikomeye gifashwe n'Uburusiya, inyuma y'intambara z'urutavanako kuva bukoze igitero muri Ukraine, haraciye indwi.
Umukuru w'iki gisagara, Igor Kolykhaev, avuga ko ingabo z'Uburusiya zinjiye ku nguvu muri ico gisagara zifata ibiro bikuru vyaco zica zishinga amasaha ntarengwa yo kuba hanze ku banyagihugu babayo.
Ibisagara bitari bike birasugerejwe, aho umusi w'ejo ku wa gatatu wabaye umwe mu misi yaranzwe n'intambara zikomeye.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye yatanguje amatohoza ku bishobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.
Uburusiya bwemeje ku ncuro ya mbere ko bwabuze abasirikare benshi muri iki gitero kuri Ukraine, aho 498 bamaze gupfa, abandi 1597 barakomereka. Ukraine yoyo ivuga ko abasirikare b'Uburusiya bamaze kuhasiga ubuzima baharurwa mu bihumbi.
Ukraine ivuga ko abasivire barenga 2000 bamaze gupfa kuva iki gitero gitangura ku wa kane w'indwi iheze. Ishirahamwe ONU rivuga ko abarenga umuriyoni w'abantu bamaze guhunga.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Facebook, Kolykhaev avuga ko ingabo z'Uburusiya ari zo zigenzura Kherson, ikivuko kiri mu bumanuko bwa Ukraine ku Nyanja Yirabura (Mer Noire/Black Sea) gifise abantu barenga 280.000.
Asaba abasirikare b'Uburusiya ko batorasa abasivire, anavuga ko ata ngabo za Ukraine ziri muri iki gisagara.
Kolykhaev asaba abakibamwo kwemera ibisabwa n'ingabo z'Uburusiya kugira ngo "ibendera rya Ukraine ribandanye rihungabana". Muri ibi basabwa harimwo:
- Kudatembera kuva isaha zibiri z'ijoro gushika isaha cumi na zibiri z'igitondo
- Kutaboneka hanze murenga abantu babiri
- Kwemerera gusa amamodoka atwaye imfungurwa, imiti n'ibindi vya nkenerwa, kwinjira muri iki gisagara, kandi agenda ku muvuduko muto ushoboka
Itororokanirizo ry'amakuru AFP risubiramwo amajambo y'umukuru w'akarere, Gennady Lakhuta, avuga ati: "Abarusiya bigaruriye igisagara baranyagara hose kandi bateye ubwoba cane".
Ifatwa ry'iki gisagara ca Kherson kiri ku mpera z'uruzi Dnieper imbere y'uko rwisuka mu Nyanja Yirabura ni ikintu gikomeye kubera kizotuma Uburusiya bushobora kuhashinga ikirindiro mu gihe ingabo zabwo zirondera kwinjira hagati mu gihugu.
Igisagara kigira kabiri ca Ukraine, Kharkiv, naco caratewe bikomeye n'indege. Umukuru waco yabwiye BBC ko ibitero vy'indege na za misire vyakozwe mu turere dusanzwe tubamwo abanyagihugu benshi, ivyatumye abasivire batari bake bahagirira ingorane.
Eka no mu gisagara ca Mariupol kiri mu bumanuko hari ubwoba ko hari benshi bahapfiriye inyuma y'amasaha atari make camaze giterwa amabombe.
Ariko utwigoro tw'Uburusiya tw'ukuzinguriza umugwa mukuru Kyiv twaratakaje umuvuduko., aho umutegetsi wa Amerika avuga ko ku musi w'ejo ku wa gatatu bitoroheye umurwi w'abasirikare b'abarusiya n'ibikoresho vyabo igihe bariko bagerageza gutera baja mu buraruko bw'iki gisagara.
Ibibombe bikomeye vyumvikanye ku mugwa mukuru muri iri joro ryakeye aho amareresi yerekanye umuriro mwinshi mu kirere c'ijoro.
Hari ibiturika bine vyumvikanye hagati mu gisagara, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Ukraine.
Amasanamu y'intambara zibera muri Ukraine yatumye amakungu yiyamiriza Uburusiya, aho ibihugu vyinshi vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bitera akamo Moscou ko yokura ingabo zayo muri Ukraine vuba bwango.
Ibihugu bitanu vyonyene nivyo bitemeje iki cemezo, harimwo Syria na Korea ya Ruguru.
Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ishingiye La Haye, CPI/ ICC, ivuga ko iriko iregeranya ivyemezo vy'ivyaha vyo mu ntambara inyuma y'aho ibihugu 39 biyisabiye gukora amatohoza.
'Amajana n'amajana baramaze gupfa' muri Mariupol
Na Joel Gunter, BBC News, Ukraine
Inyuma y'amasaha arenga 15 ari amabombe y'urutavanako yaterwa n'ingabo z'Uburusiya, igisagara ca Mariupol kiri "hafi yo kugwa mu kaga", nk'uko icegera c'umukuru w'igisagara yabibwiye BBC.
Serhiy Orlov ati: "Igisirikare c'Uburusiya kiriko gikoresha ibirwanisho vyaco vyose bishoboka hano - inkoho zikomakomeye, ibikoho birasa amaroketi menshi ica rimwe, indege, amaroketi. Kiriko kiragerageza gusambura igisagara".
Orlov avuga ko ingabo z'Uburusiya ziri ku birometero bitari bike mu mpande zose z'iki gisagara kandi ko zateye ku nyubakwa nkuru nkuru, zikata amazi n'amatara mu bice bimwe bimwe vy'igisagara. Avuga ko akarere kamwe kabamwo n'abantu benshi "hafi kose kasambuwe". .
"Ntidushobora kumenya igitigiri c'abapfuye hariya hantu, ariko turemeza ko n'imiburiburi abaharurwa mu majana bamaze gupfa. Ntidushobora kwinjirayo ngo dukureyo ibiziga. Dawe niyo aba, sinshobora kumuronka, sinzi ko akiriho canke ko yapfuye".
Igisirikare ca Ukraine kirabandanya civuna ingabo z'Uburusiya gushika ubu mu turere dukuru dukuru tw'igihugu ariko ukwiyongera kw'ibitero vy'indege mu bisagara kwatumye haba ubwoba ko Uburusiya bwahinduye imikenyuro.
Orlov ati: "Igisirikare ca Ukraine ni intwari kandi bazobandanya bakingira igisagara ariko uburyo abasirikare b'Uburusiya barwana ni nk'abononyi - ntibarwanisha ingabo zabo, ahubwo ico bakora ni ugusambura uturere".
"Turizeye igisirikare ca Ukraine, ariko ibintu ntivyoroshe".