Putin avuga ko ibihano yafatiwe kubera Ukraine ari nk'ugutangaza intambara

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin avuga ko ibihano yafatiwe n'ibihugu vy'Uburengero kubera igitero yakoze muri Ukraine "bisa n'ugutangaza intambara".
Yongerako ati: "Ariko Imana ishimwe ko itaba".
Perezida Putin kandi agabisha ko kugerageza gushinga akarere kabujijwemwo indege (Zone d'exclusion aérienne/No-fly zone) muri Ukraine kwoba ari ukwisuka muri ino ntambara.
Yanse kandi iciyumviro co gushiraho amategeko adasanzwe canke amategeko yo mu ntambara mu Burusiya.
Perezida Putin yavuze ibi mw'ijambo yashikirije umurwi w'abagore bakora mu ndege mu kigo c'inyigisho c'ikompanyi y'indege Aeroflot hafi ya Moscou.
Kuva Uburusiya butanguye ibitero kuri Ukraine mu ndwi iheze, ibihugu vyo mu burengero vyarafatiye ibihano bitari bike Uburusiya, harimwo gufata amatungo ya Putin afise hanze, hamwe no gukura amabanki atari make y'Uburusiya mu buhinga mpuzamakungu bwo guhanahana amafaranga (SWIFT).
Hampande y'ibi, amakompanyi mpuzamakungu atari make yarahagaritse ibikorwa vyayo mu Burusiya. Ejo ku wa gatandatu, Zara, PayPal na Samsung, nayo yabaye ayandi makompanyi ahagaritse ibikorwa vyayo vy'ubudandaji muri ico gihugu.
Izi ngingo mu vyo ubutunzi zimaze gutuma ifaranga ry'Uburusiya rouble rikoroka.
Muri iri jambo ryiwe, Perezida Putin yarondeye gusigura akamaro k'iyi ntambara yo muri Ukraine, mu gusubiramwo ko arondera gukingira abanyagihugu b'iki gihugu bavuga ikirusiya abicishije mu co yita "gusambura igisirikare no gusambura ingendo y'aba Nazi" (demilitarisation and de-Nazification) muri ico gihugu.
Yishura ibivugwa n'abihweza ibintu n'ibindi mu vyo kwivuna abansi mu bihugu vy'uburengero bavuga ko ibikorwa vya gisirikare vy'Uburusiya bitariko biragenda uko vyari vyittezwe, yavuze ati: "Igisirikare cacu kizorangura neza ibikorwa cahawe. Aha nta makenga na makeya mfise. Vyose bigenda uko bipanze".
Avuga kandi ko abasirikare babigize umwuga bonyene ari bo bari muri iyi ntambara kandi ko ata barikiri bariyo, n'aho amakuru avuga ibitandukanye.
Umukuru w'iki gihugu avuga ko utwigoro two gushinga akarere kabujijwemwo indege muri Ukraine bishobora gufatwa n'Uburusiya nk'intambwe yo guhangana gisirikare kandi ko abo bose bobigiramwo uruhara bofatwa nk'abansi bo kurwanywa.
Yongerako ati: "Ubutegetsi bw'ubu butegerezwa gutahura ko ni babandanya bakora ivyo bariko barakora, bashobora gushira mu kaga kazoza ka Ukraine".
Ku ruhande rwiwe, umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky arababazwa n'ingingo ya OTAN yo kudashinga akarere kabujijwemwo indege. Abategetsi b'ibihugu vy'uburengero bavuga ko gufata iyi ngingo kwoba ari ukwunyura ibintu.
Perezida Putin avuga kandi ko ata mugambi afise wo gushinga amategeko nk'ayo mu ntambara mu Burusiya, akongerako y'uko ingingo nk'iyo yofatwa gusa mu gihe hoba "igitero kivuye hanze".
Ati: "Ariko ico gihe sico turimwo kandi ndizeye ko tutazogishikamwo".

Hari hagize imisi hari ibihuha ko Putin yariko ategura gushinga amategeko yo mu ntambara, aho amategeko asanzwe abangirwa canke igisirikare kigafata amabanga y'ubutegetsi bw'igihugu.
Avuga ko hariho ayandi mategeko adasanzwe ashobora gukoreshwa mu gihe hoba "ubwoba bwinshi bw'igitero kivuye hanze", ariko ko ata mugambi afise wo gufata aya mategeko.
Hagati aho, ibikorwa vya diplomasi birabandanya hampande y'intambara.
Umushikirangani wa mbere wa Israel Naftali Bennett yarabonanye na Perezida Putin i Moscou ejo ku wa gatandatu aho bamaze amasaha atatu baganira kuri iyi ntambara.
Bennett yabandanirije urugendo i Berlin kubonana n'umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz. Nk'umuyahudi w'umu Orthodox, yararenze kw'ibwirizwa ry'Isabato afata urugendo, ibi bikaba birekuwe mu mategeko y'Abayahudi mu gihe ari ikibazo gihanze ubuzima bwa kiremwamuntu.
N'aho Israel ari incuti ikomeye ya Amerika, umushikiranganji wa mbere Bennett agerageza kubungabunga imigenderanire myiza n'Uburusiya. Perezida Zelensky wa Ukraine, na we nyene akaba ari umuyahudi, asaba Israel ko yoba umuhuza muri iyi ntambara.
Umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire, Antony Blinken, yabonanye n'umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire, Dmytro Kuleba, amubwira ko anezerejwe n'ubutwari bwiwe mu guhangana n'Uburusiya.
Aba bagabo bahuriye ku rubibe rwa Ukraine na Pologne. Kuleba yashimangiye icipfuzo n'icizere c'uko igihugu ciwe gishobora kuronka izindi mfashanyo za gisirikare zitanzwe na OTAN, harimwo no gushinga akarere kabujijwemwo indege.











