Kuki abanya-Nigeria bakomeje kuba benshi mu kurondera kuva muri ico gihugu?

Umwanditsi w'umunya-Nigeria Adaobi Tricia Nwaubani arihweza ingene ukubabazwa n'uko ubuzima bwa minsi yose buguma bubananiza uko bukeye uko bwije bituma abanya-Nigeria b'urugero rwo hagati na hagati (classe moyenne/middle class) barondera kuva mu gihugu.

Mu myaka mike ishize, umwe mu bagenzi twarukanye/twakuranye yagarutse muri Nigeria yari amaze imyaka irenga 20 aba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika (USA) kandi akora.

Ariko naho yaje akaronka akazi muri kompanyi iteye imbere i Lagos, ahembwa umushahara mwiza, kandi aba muri kartiye ikize ya Lekki, uwo mugore ntiyatevye gutekera utwiwe ngo asubire muri Amerika.

Yambwiye ati: "Abantu bigenza nk'uko umenga hari agashimwe gatangwa kubera gushobora kuba muri Nigeria."

"Emwe, jewe ako gashimwe ntako nkeneye guhabwa."

Yavuze ukuri kuko benshi muri twebwe dushoboye kuba muri Nigeria tubona ko umenga n'igihugu c'igihangange.

Iyo tugiye hanze, benewacu b'abanya-Nigeria bahunze igihugu batubona nk'abantu bakomeye cane iyo dutondetse imizigo yacu irenzeko ku kibuga c'indege.

Kugerageza kubaho muri Nigeria

Baratangara ingene babona turyohewe cane no gutaha mu gihugu cihaye izina mu kubamwo ibintu bituma umuntu yama ariko aridoga, umenga ntikigira amategeko, n'ibindi bigeragezo vyinshi usanga irya n'ino mu kubaho kwa minsi yose ngaha.

Rimwe na rimwe bavuga bati: "Sinzi ingene mugerageza kubaho muri iki gihugu.

"Vy'ukuri murakomeye."

Ariko muri iyi minsi, abanya-Nigeria biyongereye cane mu gusa n'abafata ingingo y'uko batanezwe guhabwa "agashimwe ko kurya umutima amenyo [ngo bagume mu gihugu]."

Indwi ku banya-Nigeria 10 biteguriye kuva muri ico gihugu hamwe boronka amahirwe yo kuhava, ku bw'icegeranyo ca Africa Polling Institute casohotse mu 2021.

Mu 2019, amatohoza nk'ayo nyene yari yerekanye ko abanya-Nigeria 32% (barenga gato 3 kuri 10) bonyene aribo bashaka kuhava.

Vyinshi mu bihugu bisaba kubanza gukoresha ibipimo vyo kwa muganga ku banya-Nigeria basaba visa zo kumara igihe kirekire canke zo kwimukira.

Muri Nzero (ukwezi kwa mbere) mu 2022, muri rusangi umwanya wo kurindira igipimo c'iminota itatu c'igituntu (tuberculose) muri radiyo mu kigo c'ishami mpuzamakungu c'abimukira (IOM/OIM) i Lagos wari uwo amasaha 10, mu gihe umwanya wo kurindira ico gipimo ku murwa mukuru Abuja, wari amasha atandatu.

Umuganga wo kuri OIM yanyibiye ibanga ati: ''Ntitwari bwabone abantu benshi nk'abo turiko turabona uwu mwaka", arico gituma ntashobora kumuvuga izina ryiwe.

"Hamwe vyobandanya gutya, tuzohava turaba gusubiramwo uburyo bw'ingene tubakira."

N'amakuru y'ibitigiri vy'abariko barapfa canke bandura Covid-19 mu bihugu vya Buraya ntiyigeze aca inkokora abanya-Nigeria.

Ibigo vyakora ama dosiye y'abasaba ama visa hirya ni hino mu gihugu vyagumye vyuzuye abaza kuzisaba igihe ico kiza cari gikaze cane, kandi n'ubu abantu baruzurana ku buryo imirongo usanga ishika hanze y'ikigo.

Kandi ubu bitandukanye no muri kahise aho wasanga abarondera kuja hanze ari abanya-Nigeria batagira akazi, batagira n'icizere muri kazoza mbere basa n'abihebuye. Ubu abarondera kuva mu gihugu ni abo mu mugwi w'abanya-Nigeria bafise ubuzima muri rusangi bumeze neza.

Kugirango abakoresha babo ntibamenye imigambi yabo yo kurondera kuva mu gihugu canke ngo bonone amahirwe y'uko dosiye yabo ya visa igenda neza, mu bo twavuganye bose kuri iyo nkuru nta n'umwe yemeye ko nomuvuga izina.

"Twebwe abantu turi hagati na hagati nitwe dufise ivyo kwidogera cane muri iki gihugu," nk'uko umwe mu bayobozi bajewe igisata c'abakozi yabwimbwiye.

"Turiha amakori (taxes) buri igihe, gutyo rero ni twebwe dutanga amafaranga atwarwa n'abo bantu bamunzwe n'igiturire kw'isonga ry'igihugu."

Ubuzima mu gihugu bwagumye bwunyuka muri iyi myaka iheze, abantu ubu bakaba bafise imvo zitandukanye zo kurondera kuva mu gihugu.

Bamwe barataye icizere ku gihugu cabo. Ntibashobora kwibaza ko reta ihari canke iyari yo yose yo muri kazoza izoshobora kuvana igihugu mu migozi y'ibiturire n'umutekano muke hamwe n'idindira ry'ubutunzi.

Abandi batewe umutima uhagaze n'ingene ifaranga rya Nigeria, naira, riguma rita agaciro.

Idorari rimwe ryangana n'ama-naira 198 igihe prezida Muhamadu Buhari yashika ku butegetsi haraheze imyaka indwi. Ubu ukenera ama-naira 572 kugira uronke idorari rimwe kw'isoko.

Umukozi wo mu rwego rw'ubuyobozi muri banki yambwiye ati: "Nshobora kwicara ngaho nibaza ngo mpembwa umushahara ufadika.

"Ariko igihe cose nzoba mpembwa ama-naira, amafaranga yose nziganya, uko yongana kwose, ashobora kuba ataco amaze ejo."

Bamwe bumva ko kugira imizi mu bihugu vya Buraya bihumuriza n'ubwo wokwifuza kuzogaruka muri Nigeria muri kazoza.

Umwe mu bashingwamanza (lawer) yambariye ati: "Muri Nigeria haroroshe kuba iyo uzi ko ushobora kuvuga uti ndagiye igihe cose ubishakiye.

"Ingorane ni iyo wumva ko umenga ubohewe ngaha."

Abandi barondera ahoba ikiruta ikindi, nk'ibihumbi n'ibihumbi vy'abaganga n'abaforoma b'abanya-Nigeria bahurumbira hanze kuko bazi ko bashika baronka umushahara wisumbuye.

Hari abashaka ko abana babo bakurira mu bihugu bifise amaragamo.

Abandi batinya ko umunsi umwe borwara bagasinzikarira mu gihugu aho ubuvuzi bukiri inyuma cane.

Hari n'abandi batewe umutima uhagaze n'umutekano uguma wunyuka, ukunyuruza abantu, ukwica hamwe n'ukwiba hakoreshejwe ibigwanisho biguma vyiyongera hamwe n'ubundi bubisha bukorwa n'izindi nkozi z'ikibi akenshi zidafatwa.

Ntaco bitwaye n'aho izo ndoto z'ubuzima bwiza kuruta zitoshikwako muri ivyo bihugu vy'amahanga navyo nyene hari igihe bitaburamwo guhura n'ingorane.

Ariko kuri benshi baba babigiyemwo, nta kabi batazi koza gasumba ako muri Nigeria bazi neza.

Uburyo bukunze gukoreshwa cane mu kuva mu gihugu ni visa yo kuja kwiga, kuko bishobora kwugurura amayira yo gukora no kuguma mu gihugu c'amahanga iyo amashure arangiye.

Mu ntango z'imyaka ya 1980 igihe ubutunzi bwa Nigeria bwatangura kurindimuka, abantu barondera kuva mu gihugu bari benshi cane ku buryo reta ya General Buhari, nk'uko bamwita igihe yari umutegetsi wa gisirikare, yashize uburyo mu butumwa bwo kuri television na radiyo bwo gutera intege abanya-Nigeria kuguma mu gihugu kugira bubake igihugu cabo.

Mu butumwa bwakunzwe cane, umugabo yiswe Andrew yariko arasunika ivarisi (valise/suitcase) yiwe ku kibuga c'indege agenda arazingurura umugozi wanditseko imyidogo yose afitiye Nigeria.

Ati: "Ndataye ndagiye. Ndarushe."

Buno nyene, yumva uwumufashe ku rutugu: "Andrew! Ntugende!"

Uwo munya-Nigeria akunda igihugu ciwe yaciye atangura kumusukamwo amajambo y'umwizero kuri kazoza ka Nigeria wa mugabo aca arihana ku mugambi wiwe wo guhunga igihugu.

Ariko muri iki gihe, prezida Buhari ari ku butegetsi bwaciye mu matora, asa n'uwudahagaritswe umutina n'isinzi ry'abantu bariko barahunga igihugu.

Yavuze mw'ijambo mu 2019 ati: "Uwo wese yibaza ko afise ikindi gihugu atari Nigeria: Ni agasaga (Goodbye)."

"Ni mugende ariko twebwe turi ngaha. Dufise ishaka ryo kunagura igihugu cacu, cane cane ku neza y'abana n'abuzukuru bacu."