Nigeria-Black Axe: Umugwi w'ubunyonyezi burenze imbibe z'ico gihugu

    • Umwanditsi, Na Africa Eye
    • Igikorwa, BBC World Service

Umugwi w'inkozi z'ikibi ukora nka mafia wo muri Nigeria uvugwa mu bwicanyi no mu bunyonyezi waracengetereye ibisata vy'ubuzima bwa poritike muri Nigeria no hakurya y'imbibe z'ico gihugu, nk'uko bigaragazwa n'inyandiko zibwe ku buhinga bwa none (hacked) hamwe n'ubuhamya BBC yashoboye kubona.

Uwo mugwi w'inkorabara witwa "Black Axe" umaze imyaka ukora muri Nigeria kandi ukaba uri mu migwi itinyitse cane y'abafatanya gukora ikibi babiteguye.

Kuba umunywanyi wa bene iyo migwi izwi nka "cults" canke "fraternities" birabujijwe muri Nigeria.

Mu kiringo c'imyaka ibiri iheze, BBC Afrika Eye yarakurikiranye Black Axe, ivugana n'abahoze bawurimwo kandi yihweza inyandiko ibihumbi n'ibihumbi biboneka ko zibwe mu buryo bwa none (hacked) na bamwe mu bahoze ari abanywanyi bakomeye b'uwo mugwi. Ntivyashobotse ko izo nyandiko zose zihinyuzwa, ariko izikomakomeye muri zo BBC yarazihinyuje.

Mu vyo twashoboye gutora harimwo ubutumwa bwa emails bwerekana ko umugwitazatunga wo muri Nigeria, yitoje ku giti c'umugambwe APC mu 2019 ngo aronke amabanga ya poritike, Augustus Bemigho, yabaye umunywanyi akomeye wa Black Axe kandi ko yagize uruhara mu bunyonyezi bwo kuri internet bw'amafaranga aharurwa muri za miriyoni z'amadorari.

Izo nyandiko zibwe zarimwo impapuro (pages) 18.000 za konte imwe ya email ifitaniye isano na Bemigho, harimwo email zerekana ko yarungikiye urufatangane rw'abo bakorana incuro 62 inama z'ingene bokora ubunyonyezi kandi ko hari n'abandi bavuganye ingene hokorwa ubundi bunyonyezi bwihariye.

Imwe muri email yarungikiwe Bemigho ivuga iri: "Twamukuyeko hafi umuriyoni w'amadorari", aho havugwamwo uwo banyonyeje. Iyo email irimwo izina ry'uwanyonyejwe, aho arungikirwa/atangira ubutumwa kuri email, inomero, n'amabwirizwa y'ingene bobigenza kugira anyonyezwe.

BBC yakoresheje email ya Bemigho kugira ikurikirane babiri mu basa n'abanyonyejwe bavuga ko bompi bambuwe hafi miriyoni 3,3 z'amadorari.

Ibikorwa vy'inzego mpuzamakungu zubahiriza amategeko vyerekana ko amafaranga yavuye mu kamaramaza gakorwa na Black Axe ashobora kuba ashika muri za miriyaridi.

BBC yararondeye Bemigho, ariko ntaco yavuze kuri ivyo bimuvugwako.

Bimwe biri muri izo nyandiko - vyerekana ivyavuye mu bikorwa vy'uwo mugwi - biteye ubwoba cane ku buryo atawobishira ahabona. Ariko vyerekana ingene hagati ya 2009 na 2019 uwo mugwi Black Axe wacengeteye muri poritike ya Nigeria mu ntara watanguriyemwo ya Edo ku rugero rutera guhinda agashitsi.

Inyandiko zibiri zerekana ko mu gisagara ca Benin City, miriyoni 35 z'ama-naira ($85.000) yarungikiwe Neo-Black Movement of Africa (NBM) - kompanyi izwi muri Nigeria ariko ifatwa na zimwe mu nzego mpuzamakungu zubahiriza amategeko i Buraya nk'icitiranwa ca Black Axe - mu "gukingira amajwi" no gushika ku ntsinzi mu matora y'umukuru w'intara mu 2012.

Mu kwishura uko gushigikirwa, izo nyandiko zerekana ko "ibibanza 80 vy'akazi ubwo nyene [vyaciye] bihabwa Zone ya NBM Benin na reta y'intara".

Kurtis Ogebebor, umwe mu baharanira kugerageza kubuza ko abakiri bato binjizwa mu migwi nka Black Axe, yabwiye BBC ko poritike muri Nigeria yabaye "poritike ya mafia".

Avuga ati: "Cultism [ibikorwa vy'imigwi y'ubunyonyezi] isa n'iyakwiye mu nzego zose za reta, kuva ku zo hasi gushika ku zo hejuru. Ubisanga ahantu hose."

Neo-Black Movement of Africa urahakana wivuye inyuma kuba ufitaniye isano na Black Axe, abashingwamanza b'uwo mugwi bakaba babwiye BBC ko umunywanyi wese wa Black Axe uzosanga muri wo aca yirukanwa ubwo nyene".

NBM wemeza ko ufise abanywanyi miriyoni zitatu kw'isi, kandi buri gihe ukaba utangaza icese ibikorwa vy'ubugiraneza vy'imfashanyo uha amarerero y'impfuvyi, amashuri n'igiporisi, muri Nigeria no mu mahanga.

Ese Kakor, umukuru w'iryo shirahamwe yabwiye BBC ati: "NBM si Black Axe. NBM nta gikorwa na kimwe c'ububisha irimwo".

Ariko inzego mpuzamakungu zo kwubahiriza amategeko si uko zibibona. Ubushikiranganji bw'ubutungane muri Amerika bwise NBM "ishirahamwe ry'ububisha" kandi bukavuga ko ari ishami rya Black Axe, nayo abategetsi muri Canada bavuze ko Black Axe na NBM "ari kimwe".

Mu mezi aheze, ibikorwa bifatanijwe n'urwego rw'igendereza rwa Amerika FBI hamwe na Interpol mu guhiga Black Axe vyatumye hafatwa abanywanyi ba NBM barenga 35 muri Amerika na Afrika y'Epfo ku vyaha bijanye n'ubunyonyezi bwa za miriyoni z'amadorari buciye kuri internet.

NBM yabwiye BBC ko abo bantu kuva ico gihe baciye bahagarikwa.

Mu 2027, abategetsi ba Canada basambuye amayeri yo kunyegeza ko amafaranga afise inkomoko mbi, amayeri yari afitaniye isano na Black Axe ku mafaranga arenga miriyaridi 5 z'amadorari - ivyo bikerekana ingene ibikorwa vy'uwo mugwi vyakwiye isi.

Nta n'umwe azi igitigiri c'ibikorwa nk'ivyo bimaze kuba hirya no hino kw'isi, inyandiko zashoboye kuboneka zikaba zerekana ko abari muri uwo mugwi bavugana hagati ya Lagos, London, Tokyo, Dubai n'ibindi bihugu bishika 10.

Muri Nigeria, Black Axe uzwi cane cane ku bubisha bwawo ku mabarabara hamwe no guhutaza no kuba uvugwa ko wacengeteye poritike n'imirimo y'ubugwizatunga. Ariko ingene ivyo bikorwa ntivyoroshe gutahura no kuronkera ibibigaragaza.

Umwe mu bigeze kuba ari umutegetsi b'intara ya Edo, avugana n'abamenyeshamakuru mpuzamakungu ubwa mbere, yabwiye BBC ko abanywanyi ba Black Axe ubasanga mu nzego zose z'ubutegetsi.

Tony Kabaka yabwiye BBC ati: "Hamwe wonyicarika ukavuga uti: 'wonyereka aba-Black Axe muri reta?' Nobakwereka."

Kabaka avuga ko yahatswe kwicwa kenshi kuva avuye muri reta, inzu yiwe n'urugi rwo kw'irembo vyuzuye intoboro z'amasasu.

Avuga ati: "Abanyaporitike benshi, hafi bose, barimwo."

Twararungikiye abategetsi ba reta ya Edo ibivugwa ko bafitaniye isano na Black Axe, ariko ntaco bishuye.