Afcon 2021: Ikipe ya Senegal yakiriwe gitwari itahanye igikombe cya Africa

Insiguro ya video, Reba: Uko Intare za Senegal zakiriwe gitwari zitahanye igikombe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ikipe y'igihugu ya Senegal yakiriwe gitwari ubwo yari igeze mu gihugu itahanye igikombe cya Africa mu bagabo ku nshuro ya mbere.

Abantu babarirwa mu bihumbi za mirongo bari buzuye ku mihanda i Dakar aho imodoka itwaye aba bakinnyi bamurika igikombe yari kugenda inyura kuwa mbere.

Perezida Macky Sall wari watangaje ikiruhuko mu gihugu kuwa mbere, yari mu bagiye ku kibuga cy'indege kwakira iyi kipe.

Ubwo umutoza Aliou Cissé yazamuraga iki gikombe ari hejuru y'imodoka, abantu bateye hejuru mu byishimo bidasanzwe.

Emeline Nsingi Nkosi, umunyamakuru wa BBC i Dakar ati: "Ni ibirori mu muhanda. Sinibaza ko Senegal yigeze ibona ibintu nk'ibi mbere."

Abakinnyi bari imbere muri iyi modoka no hejuru yayo baca ku mihanda ya Dakar yuzuye uruvunganzoka rw'abantu.

Senegal football team ride coach

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umutoza Aliou Cisse hejuru y'imodoka amurikira abafana igikombe

Die Mbaye w'imyaka 17 yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko ibi ari ibihe atazibagirwa na rimwe mu buzima.

Yambaye ibendera ry'igihugu cye, yagize ati: "Twari tubikwiye, twategereje imyaka 60."

Ibirori muri Senegal byatangiye kuva umukino urangiye ku cyumweru nijoro, ubwo Sadio Mané yari amaze gutsinda penaliti yabahaye intsinzi.

Abantu bahise bisuka mu mihanda ya Dakar, baririmba, babyina baturitsa ibishashi by'iby'ishimo mu kirere.

Abategetsi bahise batangaza ko kuwa mbere - umunsi ikipe yageze mu gihugu - ari ikiruhuko mu gihugu.

Ibirori byatangiye ku cyumweru nijoro inkuru y'intsinzi igitaha muri Senegal

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ibirori byatangiye ku cyumweru nijoro inkuru y'intsinzi ikigera muri Senegal
Ahari ishusho ya African Renaissance muri Dakar hari abantu ibihumbi za mirongo ari naho barebeye umupira wa Senegal na Misiri

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ahari ishusho ya African Renaissance muri Dakar hari abantu ibihumbi za mirongo ari naho barebeye umupira wa Senegal na Misiri
Supporters cheer on a bus

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imodoka y'ibirori yavuye ku kibuga cy'indege igana hagati muri Dakar, umujyi utuwe n'abaturage miliyoni eshatu
Afcon Senegal

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Macky Sall yavuye i Addis Ababa huti huti kugira ngo abashe kwakira iyi kipe ku kibuga cy'indege
Afcon Senegal

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ahari Monument de la Renaissance africaine hari abantu ibihumbi baharebeye umupira ku cyumweru banahaguma ngo bakire ikipe yabo
Umugore wisize irangi wambaye n'imitako y'amabara y'igihugu cye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugore wisize irangi wambaye n'imitako y'amabara y'igihugu cye
Abantu bari uruvunganzoka mu kwakira iyi kipe kuwa mbere

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu bari uruvunganzoka mu kwakira iyi kipe kuwa mbere

Mu yindi mijyi itandukanye ku isi nka Paris na New York habonetse amashusho y'abaturage ba Senegal mu mihanda bishimira intsinzi y'igihugu cyabo.

I Paris ahatuye benshi, ibihumbi byabo bahuriye kuri Arc de Triomphe kubyina intsinzi.

1px transparent line

Ifoto Sadio Mane yatangaje aryamye ku buriri afite igikombe cya Africa yambaye n'umudari wa zahabu, ni imwe mu zakunzwe na benshi ku mbuga nkoranyambaga.

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa

1px transparent line

Perezida Macky Sall wari uherutse gutorerwa kuyobora umuryango w'Ubumwe bwa Africa byabaye ngombwa ko ataha vuba kugira ngo yakire iyi kipe igeze mu gihugu, ndetse no kuwa kabiri ayakire mu biro bye.

Mu butumwa yanditse kuri Twitter yagize ati: "Mbega umukino! Mbega ikipe! Mwabikoze. Ibihe byiza bya football, ibihe byiza by'ishema ry'igihugu. Nimwishyuke ntwari zacu."

Senegal team celebrating

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Senegal won its first ever African Cup of Nations after a penalty shootout against seven-times winners Egypt