Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afcon 2021: Ikipe ya Senegal yakiriwe gitwari itahanye igikombe cya Africa
Ikipe y'igihugu ya Senegal yakiriwe gitwari ubwo yari igeze mu gihugu itahanye igikombe cya Africa mu bagabo ku nshuro ya mbere.
Abantu babarirwa mu bihumbi za mirongo bari buzuye ku mihanda i Dakar aho imodoka itwaye aba bakinnyi bamurika igikombe yari kugenda inyura kuwa mbere.
Perezida Macky Sall wari watangaje ikiruhuko mu gihugu kuwa mbere, yari mu bagiye ku kibuga cy'indege kwakira iyi kipe.
Ubwo umutoza Aliou Cissé yazamuraga iki gikombe ari hejuru y'imodoka, abantu bateye hejuru mu byishimo bidasanzwe.
Emeline Nsingi Nkosi, umunyamakuru wa BBC i Dakar ati: "Ni ibirori mu muhanda. Sinibaza ko Senegal yigeze ibona ibintu nk'ibi mbere."
Abakinnyi bari imbere muri iyi modoka no hejuru yayo baca ku mihanda ya Dakar yuzuye uruvunganzoka rw'abantu.
Die Mbaye w'imyaka 17 yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko ibi ari ibihe atazibagirwa na rimwe mu buzima.
Yambaye ibendera ry'igihugu cye, yagize ati: "Twari tubikwiye, twategereje imyaka 60."
Ibirori muri Senegal byatangiye kuva umukino urangiye ku cyumweru nijoro, ubwo Sadio Mané yari amaze gutsinda penaliti yabahaye intsinzi.
Abantu bahise bisuka mu mihanda ya Dakar, baririmba, babyina baturitsa ibishashi by'iby'ishimo mu kirere.
Abategetsi bahise batangaza ko kuwa mbere - umunsi ikipe yageze mu gihugu - ari ikiruhuko mu gihugu.
Mu yindi mijyi itandukanye ku isi nka Paris na New York habonetse amashusho y'abaturage ba Senegal mu mihanda bishimira intsinzi y'igihugu cyabo.
I Paris ahatuye benshi, ibihumbi byabo bahuriye kuri Arc de Triomphe kubyina intsinzi.
Ifoto Sadio Mane yatangaje aryamye ku buriri afite igikombe cya Africa yambaye n'umudari wa zahabu, ni imwe mu zakunzwe na benshi ku mbuga nkoranyambaga.
Perezida Macky Sall wari uherutse gutorerwa kuyobora umuryango w'Ubumwe bwa Africa byabaye ngombwa ko ataha vuba kugira ngo yakire iyi kipe igeze mu gihugu, ndetse no kuwa kabiri ayakire mu biro bye.
Mu butumwa yanditse kuri Twitter yagize ati: "Mbega umukino! Mbega ikipe! Mwabikoze. Ibihe byiza bya football, ibihe byiza by'ishema ry'igihugu. Nimwishyuke ntwari zacu."