Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia yoba iriko irategura gutera Ukraine? Ni kimwe mu bibazo
- Umwanditsi, Na Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
Ingabo z'Uburusiya zoba ziriko zitegurira intambara muri Ukraine? Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yiteze ibikorwa kanana vya gisirikare.
Uburusiya bushaka ko ibihugu vyo mu Burengero bibwemerera ko Ukraine itazokwinjira mw'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO, ariko rero n'aho impande zompi ziri mu biganiro, ibi ntibizoshoboka. Ivyoba mu nyuma birashobora gushira mu kaga umutekano w'umugabane w'Uburayi wose.
Kubera iki Uburusiya buteye ubwoba Ukraine ?
Uburusiya burahakana ko ata gitero buriko butegura, ariko imbere y'aha bwarigaruriye ubutaka kwa Ukraine kandi bwaregeranirije ku rubibe rwayo ingabo zababa 100.000.
Uburusiya bumaze imyaka itari mike burwanya ko Ukraine yinjira mu nzego za Bulaya, cane cane muri OTAN.
Ukraine isangiye imbibe n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya (EU) hamwe n'Uburusiya, ariko, nk'icahoze ari Repubulika y'aba Soviet, ifise ubucuti budasanzwe n'Uburusiya mu bijanye n'imico n'imigenzo, kandi ururimi rw'ikirusiya ruravugwa cane muri ico gihugu.
Igihe Abanya-Ukraine babogoza umukuru w'igihugu yari yegamiye ku ruhande rw'Uburusiya mu 2014, Uburusiya bwaciye bwigarurira akarere ka Crimea kari mu bumanuko, buca bufata mu mugongo inyeshamba zirondera kwiyonkora zigaruriye uturere tutari duto mu buseruko bwa Ukraine. Kuva ico gihe, izi nyeshamba zihanganye n'igisirikare ca Ukraine mu ntambara imaze guhitana ubuzima bw'abantu barenga 14.000.
Igitero gishobora gutera akaga ku rugero rungana gute?
Uburusiya buvuga ko ata mugambi bufise wo gutera Ukraine: mbere n'umukuru w'ingabo Valery Gerasimov yaraniyamirije ko ibivugwa ko hari igitero cimirije ari ikinyoma.
Ariko icuka kibi ni cinshi mbere Perezida Vladimir Putin aragabisha ko "azotegerezwa gufata ingingo za gisirikare zikenewe zo kwihora" mu gihe ivyo yita ingedo y'agasotoro y'ibihugu vyo mu Burengero yobandanya.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN aragabisha ko intambara imota, mbere na Perezida Biden abona ko Uburusiya buzoruhira gutera.. Amerika ivuga ko izi neza ko Uburusiya butegura kwongereza ingabo hafi ya Ukraine mu mwanya muto.
Amerika ivuga ko Uburusiya budasigura igituma bwarungitse inabo hafi ya Ukraine - mu gihe ingabo n'ibimodoka vy'intambara vy'Uburusiya vyagiye muri Belarus mu myimenyerezo.
Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya agereranya ingene ibintu bimeze muri iki gihe n'ikibazo ca misire za Cuba (missiles de Cuba/Cuban missiles) mu 1962 igihe Amerika n'Ubumwe bw'aba Soviet bihatswe kwinjira mu ntambara ya nikleyeri.
Igendereza ryo mu bihugu vyo mu Burengero ryerekana ko Uburusiya bushobora gutera umwanya kanaka muri ino ntango ya 2022.
Uburusiya bushaka iki kuri OTAN?
Uburusiya buvuga ko iki ari "igihe c'ukubwirana ukuri" mu migenderanire yabwo na OTAN: "Kuri twebwe ni ugukora ibishoboka vyose kugira ngo Ukraine, ntihirahire ngo ibe umunywanyi wa OTAN", ibi bikavugwa n'icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire Sergei Ryabkov.
Moscou/Moscow (umugwa mukuru w'Uburusiya) yagiriza ibihugu vya OTAN "kurundarunda" ibirwanisho muri Ukraine Amerika nayo ko ikokeza indyane. Perezida Putin avuga ko Uburusiya "ata handi bufise buja - bibaza ko tuzokwicara tukarera amaboko?"
Mu vyo ukuri, Uburusiya bushaka ko OTAN isubira ku mbibe zayo imbere ya 1997.
Busaba ko ivyo kubandanya isatira uburengero bihagarara kandi igahagarika ibikorwa vya gisirikare mu buseruko bw'Ubulaya. Ibi bisigura ko imirwi y'abasirikare biteguriye intambara barungitswe muri Pologne no mu bihugu vya Estonie, Lettonie na Lituanie mu karere ka Baltique bavanwayo, kandi ko ata misire zosubira kurungikwa mu bihugu nka Pologne na Roumanie.
Uburusiya kandi busaba ko hoba amasezerano na Amerika abuza ko hosubira kuba ibirwanisho vya nikleyeri birungikwa hanze y'imbibe zavyo.
Uburusiya bushaka iki kuri Ukraine?
Uburusiya bwarigaruriye Crimea mu 2014, buvuga ko aka karere kari akabwo kuva muri kahise. Ukraine yari imwe mu bihugu vyari bigize Ubumwe bw'aba Soviet bwagiye gusambuka mu kwa cumi na kabiri 1991, ivyo Putin avuga ko ryabaye "isambuka ry'Uburusiya bwo kuva muri kahise".
Ikimenyetso c'ico Perezida Putin yiyumvira kuri Ukraine cagiye kwibonekeza mu nkuru ndende yasohotse mu mwaka uheze, aho yavuze ko Abarusiya n'abanya -Ukraine bagize "igihugu kimwe". Yavuze ko abategetsi ba Ukraine ba kino gihe bafise "umugambi wo kurwanya Uburusiya".
Uburusiya kandi burababajwe n'uko ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro ya Minsk yo mu 2015 ku bijanye n'ubuseruko bw'Ubulayi riri kure nk'ukwezi.
Nta n'integuro zihari zo gutegura amatora mu turere dushaka kwiyonkora. Uburusiya burahakana ivyo bwagirizwa ko ari bwo buri inyuma y'indyane zibandanya.
None integuro y'Uburusiya irashobora guhagarikwa?
Perezida Vladimir Putin aramaze kuvugana incuro zitari nke na mugenziwe wa Amerika Joe Biden kandi ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru birabandanya, ariko abategetsi b'Uburusiya baragabisha ko kubona Uburengero bwaranse ibintu nyamukuru iki gihugu gisaba biriko "vyica ibiganiro".
Ikibazo ni ukumenya aho Uburusiya buzogarukira. Perezida Biden agabisha ko mu gihe hoba igitero ceruye muri Ukraine Uburusiya bwobona ibara. Ariko kandi, yongeye avuga ko mu gihe hoba igitero gito, ibihugu vyo mu burengero "vyokwisanga mu mpari ku co vyokora", amajambo yateye impari.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika Maison Blancher/White House bishimangira ko mu gihe hoba ivogerwa ry'imbibe rya Ukraine vyofatwa nk'igitero - ariko bikavuga ko Uburusiya bufise ibindi birwanisho, harimwo ibitero nyabwonko hamwe n'amayeri yandi ya gisirikare.
Pentagon (ibiro vyo kwivuna abansi vya Amerika) yagiriza Uburusiya ko buriko butegura igitero c'ikinyoma, ko abantu babwo bajejwe igendereza biteguye gukora ibikorwa vyo gutoba ku nyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya zigomba kwiyonkora, kugira ngo kibe inyendamuvano y'ingene bwokwinjira. Uburusiya burahakana ibi.
Uburusiya kandi bwaratanze ibitabo ndangamuntu 500.000 mu turere turi mu minwe y'inyeshamba, rero mu gihe bwobura ivyo burondera, bushobora kwitwaza iki mu gukora igitero ico ari co cose bugasigura ko bushaka gukingira abanyagihugu babwo.
Hagati aho, nimba intumero yonyene y'Uburusiya ari ukwigiza inyuma OTAN ngo ntiyegere ku mbibe zabwo, nta kintu na kimwe cerekana ko buzobishobora.
Ibihugu 30 bihurikiye muri OTAN birarahira bikarengwa ko bidashobora kwemerera muntu n'umwe yogerageza kubibohera amaboko imugongo ku bijanye na kazoza kavyo.
Icegera c'umunyamabanga wa reta wa Amerika Wendy Sherman, ati: "Ntituzigera twemerera umuntu n'umwe kwugara imiryango ya OTAN yugururiwe uwo ari we wese".
Ukraine iriko irarondera igihe ntarengwa co kwinjira, mu gihe OTAN ivuga ko Uburusiya budashobora guhagarika, kandi ko ata burenganzira bufise bwo kuzibira uwu mugambi.
Mbere n'ibihugu vya Suède na Finland bitari no muri OTAN biriyamiriza Uburusiya mu mugambi wabwo wo kugerageza kubizibira mu nteguro zavyo yo gutsimbataza ubucuti n'iri shirahamwe. Umushikiranganji wa mbere wa Finland ati: "Ntiturota duhagarika umugambi wacu".
Uburengero buzogera he ku kibazo ca Ukraine?
Amerika iratomora neza ko ata mugambi ifise wo kurungika ingabo zija kurwana muri Ukraine, ariko ikaba yiyemeza gufasha ico gihugu gukingira "ubusugire bw'ubutaka" bwaco.
Pentagon yateguye ingabo zigera ku 8600 zimeze magabo, zishobora kurungikwa mu bihugu vya OTAN mu buseruko bwa Bulaya mu kanya isase.
Ikirwanisho nyamukuru mu bihugu vy'Uburengero gisa n'uko ari ibihano hamwe n'imfashanyo ya gisirikare igizwe n'abahanuzi hamwe n'ibirwanisho.
Perezida Biden aragabisha umupuru w'igihugu c'Uburusiya ko ashobora kufata ingingo "atari bwigere abona" mu gihe Ukraine yoterwa. None izi ngingo zoba zirimwo ibiki?
Igihano nyamukuru kijanye n'ubutunzi coba ico gukura amabanki y'Uburusiya mu buhinga mpuzamakungu bwo guhanahana amafaranga (Swift). Iyi yamye ibonwa ko yoba ingingo yofatwa ubwa nyumamu gihe izindi zose zanse, kandi hari amakenga ko ishobora kugira ingaruka mbi cane ku butunzi bwa Amerika na Bulaya.
Perezida Biden aragabisha kandi ko ashobora gufatira ibihano Vladimir Putin ku giti ciwe, mu gihe Uburusiya bwotera Ukraine.
Ubundi bwoba buhari ni ihagarikwa ry'iyugururwa ry'umuringoti w'Uburusiya Nord Stream 2 wa gaze mu Budagi, igisata c'amasoko ntanganguzu c'Ubudagi kikaba kiriko kiriga iyi ngingo.
None ibihugu vy'Uburengero vyoba bivuga rumwe ku cokorwa?
Umukuru w'igihugu wa Amerika avuga ko ko we n'abategetsi ba Bulaya "bavyumva kumwe bose" ku kibazo ca Ukraine, ariko hari ukutumvikana hagati ya Amerika n'Ubulaya.
Abategetsi ba Bulaya bashimangira ko Uburusiya na Amerika bidashobora gufata ingingo vyonyene kuri kuri kazoza. Ubufaransa bwobwo bwanasavye ko abanyabulaya bokorera hamwe muri OTAN hanyuma bakagiranira ibiganiro ukwabo n'Uburusiya.
Umukuru w'igihugu wa ukraine asaba ko hoba inama mpuzamakungu kugira ngo hatorwe umuti w'iki kibazo, yoba irimwo Ubufaransa n'Ubudagi biri kumwe n'Uburusiya.