Ukraine: Blinken i Kyiv yabwiye Russia gufata inzira y'amahoro

Umunyamabanga wa reta wa Amerika Antony Blinken yahamagariye Uburusiya gufata "inzira y'amahoro n'imigenderanire (diplomatie)" mu gihe ubwoba buguma bwongerekana ku gitero gishasha kuri Ukraine.

Ingabo zigereranywa mu 100.000 z'Uburusiya zararungitswe hafi y'imbibe za Ukraine hanyuma Blinken, ari mu rugendo i Kyiv (umurwa mukuru wa Ukraine), yavuze ko imigambi y'Uburusiya iri mu migambi yo kuyiburizamwo ata kugabisha.

Uburusiya bwagumye buhakana umugambi wo gutera Ukraine bihana urubibe.

Ariko abategetsi bakomeye bavuga ko Moscou ishobora gutera "umwanya uwariwo wose".

Blinken azobonana na mugenziwe w'Uburusiya i Geneve ku wa gatanu, inyuma y'ibiganiro n'abo basangiye ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe i Berlin.

Imbere y'urwo rugendo rwiwe i Kyiv, abategetsi bakomeye bo mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Amerika bavuze ko ministre w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov aho i Geneve ashobora guhabwa "inzira yo kugenda utagaruka'' yo kubivamwo mu buryo bw'imigenderanire.

Ibiro vy'umukuru wa Amerika vyavuze ko ata nzira n'imwe iravanwamwo mu zishobora gukora.

Uburusiya bwasavye ibintu bitari bike ama reta y'ibihugu vy'uburengerazuba , harimwo ko Ukraine itokwigera yinjira mw'ishirahawmwe ryo kwivunira umwansi hamwe rya Otan/Nato kandi ko ibikorwa vya gisirikare vyo kwivuna abansi vy'iryo shirahamwe vyobera mu bihugu birigize gusa harimwo Pologne.

Ibiganiro hagati y'Uburusiya n'ibihugu vy'uburengero vyarananiwe kugira ico bishitseko, bimwe mu vyo Uburusiya busaba bikaba vyiyamirijwe nk'ibidakeneye no kwigwa.

Blinken yabwiye abamenyeshamakuru i Kyiv ati: "Ndizeye cane, cane, ko ibi bintu dushobora kubigumiza ku nzira y'imigenderanire n'amahoro, ariko amaherezo, iyo izoba ingingo ya prezida Putin."

N'ubwo Uburusiya buvuga ko ata migambi bufise yo gutera Ukraine, icuka kiguma ari kibi ku mbibe za Ukraine - mu gihe Uburusiya bwarungitse ingabo muri Belarus bihana urubibe mu vyo ivyo bihugu bivuga ko ari imyimenyerezo bifatanije.

Lavrov yiyamirije kandi ibivugwa na Amerika ko Uburusiya bwoba buriko burategura icitwazo co kugira ibikorwa vya gisirikare muri Ukraine "nk'inkuru yo guhuvya yuzuye".

Urugendo rwa Blinken i Kyiv kuri uyu wa gatatu rwabonywe nk'uburyo bwa Amerika bwo "gukomeza ukwiyemeza gushigikira Ukraine nk'igihugu cigenga kandi nk'uko kingana" imbere y'uko Blinken abandanya ibiganiro i Berlin ku wa kane na bagenziwe bo mu Budagi, Ubufaransa hamwe n'Ubwongereza.

Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe imigenderanire Annalena Baerbock, yagize urugendo i Moscou ku wa kabiri, yagabishije ko hamwe ivya gisirikare vyokwunyuka gusumba vyotera Uburusiya gutakaza vyinshi cane, mu butunzi, muri poritike no mu mikenyuro.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi Oleksii Reznikov yasavye ibihugu vyo mu burengero gufatira ibihano vya buno nyene Uburusiya.

Mu kiganiro HardTalk ca BBC, yagabishije ko igitero c'Uburusiya kuri Ukraine cosesa amaraso menshi kigatera n'akaga k'impunzi i Buraya.