Indege ya American Airlines yasubiye inyuma iri mu kirere kubera impari ku gafukamunwa

Indege ya kompanyi ya American Airlines yari igiye Londres ivuye Miami yasubiye iyo ivuye yamaze gufata ikirere kubera hari umwe muri bari bayirimwo yanse kwambara agafukamunwa, nk'uko iyo kompanyi ibivuga.

Iyo ndege ya American Airlines nomero AAL38 yarimwo ingenzi 129 yasubiye i Miami aho yasanze abaporisi bayirindiriye nk'uko kompanyi ibandanya ibivuga.

Baciye baherekeza umugore w'imyaka hafi 40 avuye muri iyo ndege.

Iyo kompanyi ivuga ko yaciye ashirwa ku rutonde rw'abantu batemerewe gusubira kugendera mu ndege za American Airlines mu kurindira ko haba ayandi matohoza.

Iyo ndege yo ku wa gatatu yahindukiye isubira inyuma imaze umwanya udashika isaha ihagurutse, nk'uko bivugwa na FlightAware ikurikirana amakuru y'indege ziri mu ngendo.

Iyo kompanyi yavuze iti: "Indege ya American Airlines 38 yava Miami (MIA) ija Londres yasubiye MIA kubera ingenzi yagoranye ikanka kwubahiriza ingingo y'igihugu yo kwambara agafukamunwa".

Ingenzi zari zigiye Heathrow , kimwe mu bibuga vy'indege vya Londres, zaciye zishirwa ku yindi ndege yo ku wa kane.

Umwe mu ngenzi amaze gusohoka iyo ndege yo ku wa gatatu yabwiye television CBS station WFOR-TV ati: "Abantu bose baradamwe."

Uwundi nawe vyababaje yagize ati: "Nta na kimwe batubwiye, kandi nibaza ko ata na kimwe babwiye abakozi bo mu ndege kuko bavuga bati ivyo bovuga vyose ari uko hari umuntu ateye ingorane ikomeye ko none indege itegerezwa gusubira inyuma".

Kompamyi z'indege zivuga ko vyashitse nk'uko incuro 6.000 mu mwaka uheze aho hari ingenzi zigaba, mu ndwi zibiri zitangura uyu mwaka naho bikaba bimaze kuba 151, nk'uko bimenyeshwa n'urwego rw'igihugu ruraba indege (Federal Aviation Adminitration).