US: Umwishongozi Maya Angelou abaye umwiraburekazi wa mbere ashizwe kw'ifaranga

Igisata kijejwe ikigega ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cakoze ibiceri biriko umwishongozi (poet) Maya Angelou - uyu akaba ari we mwiraburekazi wa mbere ashizwe ku kingorongoro c'isenti 25 ca Amerika, kizwi nk'ikuta (quarter).

Angelou, umwishongozi akaba yarahanira agateka ka zina muntu, ni we yabaye umugore wa mbere w'umwirabure yanditse amazina y'ubuhizi yongera arayivuga mu birori vyo kwimika umukuru w'igihugu.

Ibiceri vyategekanirijwe abandi bagore bakoze ibidasanzwe, nka kimwe mu mugambi wa Amerika wo gushira ku biceri abagore bagize ico bamara muri kahise wiswe American Women Quarters, AWQ.

Iyi ngingo yarashimishije cane umunyamabanga wa mbere w'umugore muri ico gihugu ajejwe ikigega.

Janet Yellen agira ati: "Igihe cose dusubiyemwo ifaranga ryacu, dufite amahirwe yo kugira ico tuvuga ku gihugu cacu - ico duha agaciro, ndetse n'uko twagiye dutera intambwe nk'umuryango".

Angelou - umwanditsi akongera akaba n'uwaharanira agateka ka zina muntu - yasandavye mu 2014 afise imyaka 86.

Yagiye kumenyekana cane igihe yandika kahise k'ubuzima bwiwe mu 1969, mu gitabo yise I Know Why the Caged Bird Sings (twogereranya na Ndazi igituma inyoni iboshe iririmba), aho yavuga ku buzima bwiwe akiri umwana mu karere ka Deep South.

Yahawe impapuro z'umutsindo z'icubahiro zitari nke akaba yanditse ibitabo birenga 30 vyaguzwe cane. Mu 2010, yahawe umudari w'iteka wa Prezida, ( Presidential Medal of Freedom ) - agashimwe ka gisivire karengeye ubundi bwose muri Amerika - yahawe na Barack Obama.

Iki giceri gishasha cerekana Angelou yuguruye kandi aramvuye amaboko. Inyuma yiwe hari inyoni iguruka n'izuba riserutse, ibimenyetso vyiwe "nk'umwishongozi n'ingene yabayeho", nk'uko bivugwa n'igisata kijejwe ikigega ca Amerika.

Uruhande rw'imbere rw'iki kingorongoro rwerekana igishusho ca George Washington, umukuru w'igihugu wa mbere wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ikigo kijejwe gukora amafaranga (US Mint) gitegekanya gukora ibiceri bindi 20 vy'amakuta mu myaka ine iri imbere, bizokwerekana abandi bagore ba Amerika bagize uruhara rudasanzwe muri kahise k'igihugu.

Muri kino gihe, imigambi yo gusubiriza Perezida Andrew Jackson ku noti y'amadorari 20 ikamusubiriza n'umwiraburekazi Harriet Tubman yarwanije ubucakara - yanakijije abantu bari bagizwe abacakara abicishije mu ciswe Underground Railroad - iracariko iratunganywa.

Si abagore benshi bagize uruhara muri kahise bagiye bashirwa kw'ifaranga rya Amerika.