MICT/IRMCT yategetse Niger guhagarika ingingo yo kwirukana abanyarwanda barungitsweyo

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Urwego rwashinzwe kurangiza imanza zasigajwe n'amasentare mpuzamakungu (International Residual Mechanism for Criminal Tribunals, IRMCT) rutegeka reta ya Niger kuba irahagaritse ya ingingo yo kwirukana ba banyarwanda bimurirwa muri ico gihugu.
Abanywarwanda umunani bamwe muri bo barangije ibihano baciriwe, abandi nabo bagizwe abere mu vyo bagirizwa vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, mu kwezi guheze bararungitswe kuba muri Niger hisunzwe amasezerano hagati y'iki gihugu n'uru rwego rwa ONU/UN, ariko mu nyuma iki gihugu kikaba cabahaye imisi indwi ngo babe bavuye mu gihugu.
Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ejo kuwa gatanu, umushingwamanza wabo, Hamadou Kadidiatou, yavuze ko iyi ngingo yafashwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati ya Niger iteye isoni.
Mu rwandiko rwaraye rurungikiwe ico gihugu na Joseph E. Chiondo Masanche yari arongoye sentare ya Arusha yegukira uru rwego mu kwezi guheze kwa cumi na kabiri, Niger yahawe ikiringo c'imisi 30 ngo ibe yatanze insiguro ku catumye ifata iyo ngingo.
Umucamanza Masanche yibutsa Niger ko ingingo yo kubarungika muri iki gihugu yafashwe habaye umwumvikano na sentare, kandi ko Niger yari yemeye kubaha uburenganzira bwo kuba muri iki gihugu burundu.
Muri uru rwandiko, umucamanza Masanche avuga ko batandatu mu begwa n'iyo ngingo bamwituye, bamwe basaba ko bohabwa umwanya kugira barondererwe ahandi boshobora gutwarwa, abandi nabo basaba ko iyo ngingo ifutwa.
Uru rwego rutegeka Niger ko ata n'umwe yokwirukanwa muri abo umunani bose gushika habaye umwumvikano hagati ya reta y'ico gihugu n'iyi sentare.
Nta co reta ya Niger irashikiriza ku mugaragaro haba ku vyavuzwe n'umushingwamanza Hamadou canke na Masanche.
U Rwanda rwavuze ko rwiteguye kubakira, ariko bo bavuga ko muri iki gihe badashaka gusubira mu Rwanda kubera impungenge ku mutekano wabo.










