Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi-CVR: 'Nimba ukuri ari ukuje gutera indyane mu gihugu, ntaco kwoba kumaze', Ndayishimiye
Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko mu gihe "ukuri kwoza gutuma mu gihugu haduka indyane twopfuma tuguheba", yabivugiye mu kiganiro yahaye abanyagihugu kuri uyu wa gatatu, aho yasiguye yongera yishura ku bibazo bitari bike bijanye n'ubuzima bw'igihugu.
Asigura ibijanye n'ukumenya ukuri ku bwicanyi bwabaye mu 1972-73, Perezida Ndayishimiye avuga ko "kumenya ukuri atari ikibazo", ko ahubwo "kwodufasha kwubaka akahise kacu, abana bacu baze bamenye ikizira n'ikitazira".
Ati: "Turi mu bihe vy'ukumenya ukuri, ariko rero, …ni kwaba uko kuri ari ukuje gutuma indyane ziba mu gihugu, uko kuri ntaco kwoba kumaze".
Haciye imisi umurwi ujewe kumenya ukuri n'ukunywanisha mu Burundi, CVR, utangaje ko ubwicanyi bwabaye mu 1972-1973 ari "ihonyabwoko ryakorewe Abahutu", ivyateye impari mu Barundi bamwe bamwe, bavuga ko ico cegeranyo gifise aho gihengamiye canke ko bimwe mu bikivugwamwo ari "ikinyoma".
Ku bwa Perezida Ndayishimiye, iyo ukuri kumaze kuboneka haba hasigaye ingene igihugu kigukoresha.
Ati: "Mugabo rero hariho abandi baca basimba, bagaca barondera ingene bagukoresha, ivyo bijejwe inzego z'igihugu, zozo zizomenya ingene zigukoresha ziravye ico abenegihugu bazovuga".
Yemerera Abarundi ko indongozi zizotegerezwa gukora uko zishoboye kwose "kugira ngo uko kuri kutwubake, kwubake kazoza k'Uburundi, gukure ivyo kwihorana".
Akebura ko mu gihe ukuri kutamenyekanye bishobora gutuma ubwicanyi bubandanya.
"Dutegerezwa kumenya ko kwica ari icaha gikomeye cane, hanyuma tukakirwaniriza hamwe. Rero uko kuri nti kuje kudusambura, kuje ahubwo kutwubaka".
Ku bijanye n'ico cegeranyo ku bwicanyi bwa 1972-73, Perezida Ndayishimiye avuga ko cashikirijwe inama nshingamateka, iyi nayo ikazogishikana mu rwego nshingwabikorwa rw'igihugu, na rwo ruheze rwiture abize amategeko kugira bagice irya n'ino, kugira bemeze niba ari icaha mpuzamakungu n'abagikoze.
Ku bafise ubwoba kuri iki cegeranyo, Perezida Evariste avuga ati: "Abarundi ni tuve mu bishobisho, nta bwoko bwagize jenoside mu Burundi, nta bwoko bwagize icaha c'ihonyabwoko mu Burundi".
Ku bwa Perezida Ndayishimiye, bamwe mu Barundi bafise ubwoba kuko hamye ingeso yo kujaniranya, hakaba abitirira ikibi kanaka ubwoko kanaka "nk'uko umengo cari igihugu kitagira ubutegetsi".
Ubutegetsi bwaramenje
Evariste Ndayishimiye yemeza ko ubutegetsi bw'ico gihe ari bwo bubazwa ubu bwicanyi buteye impari.
Ati: "Nta muntu n'umwe yonsigurira ingene hoba umurwi w'abantu wogenda ukagandagura abantu ibihumbi n'ibihumbi, ntihagire ico ubutegetsi bukora ataco buwuziko".
"Ni twemere neza ko ubutegetsi bw'igihugu bw'ico gihe bwamenje".
Avuga ko bamwe mu bari muri bwo batanze ukuri barashinga intahe y'ukuntu vyagenze.
Nayo ku bavuga ko ishirahamwe ONU ari ryo ryoba rifise ububasha bwo kwemeza icaha ca jenoside, Perezida Ndayishimiye avyamirira kure kuko "nta na hamwe vyanditse".
"Igitabo mpanavyaha c'Uburundi, kirahana neza ivyaha vy'ihonyabwoko, amakungu si yo mucamanza w'Uburundi, ONU si reta y'Uburundi".
"Icaha ca jenoside cemezwa n'amategeko mpanavyaha y'Uburundi".
Ikigongwe ku banyaporitike
Abajijwe nimba abanyaporitike bahunze bagirizwa amabi bashobora kugirirwa ikigongwe, Perezida Ndayishimiye, avuga y'uko bizovana n'ingene igihugu gishobora kuvyakira.
Ati: "Igihe Papa Johani Paulo wa kabiri bamurasa, uwamurashe yaramugiriye ikigongwe, mbere araja no kumuraba aho abohewe, ariko ntiyaciye ataha, igihugu nticaciye kimugirira ikigongwe.
"Burya rero ibijanye n'ikigongwe, ubanza kuraba ingene igihugu kivyakira, nimba agatima k'ubukoko karavuye muri uyo muntu, kandi nimba ashobora gusubira mu bandi agatekana neza.
"Mwarabonye abantu bagiriwe ikigongwe mu baheruka, ubwo nyene baca basubira kwica abantu, basubira gufatwa baja mu gasho. None nk'abo bantu wumva tutagize amakosa kubarekura?"
Abahohoterwa n'igendereza
Abajijwe ku bivugwa vy'uko urwego rujejwe igendereza ruhohotera abantu, mbere hakaba hari n'uwuherutse kuhasiga ubuzima, Perezida Evariste Ndayishimiye nawe avuga ko uwabikoze yamenje kandi ko ategerezwa guhanwa.
Avuga ko abakora ivyo bintu bashobora kuba bari muri ba bantu "baja gukora mu mabanga y'igihugu bafise inzigo", bafitiye akarigangamuhogo abantu.
Ati: "Muhora mwumva abapolisi bafata abantu bakabapfunga muri weekend kugira bazorekurwe ku wa mbere. Hariho Abarundi bagifise agakoko mu mitima".
Mu misi iheze, hari umunywanyi w'umugambwe CNL yafashwe yagirijwe gutunga inkoho, arasinzikarizwa ubuzima gushika aritaba Imana.
Evariste Ndayishimiye avuga ko yababajwe n'urupfu rwiwe, kandi ko uwabikoze yafashwe kugira ashiwe imbere y'ubutungane.
"Uyo muntu yamuhohoteye yaramenje kandi ategerezwa guhanwa bimwe vy'akarorero. Ntituzokwihanganira na rimwe umuntu uwo ari we wese azohohotera uwundi, n'aho azoba yakoze ikibi, agateka kiwe kaguma kubahiriwa".
Nayo ku kibazo c'abanyuruzwa, Perezida Ndayishimiye avuga ko bikorwa n'akarwi k'inkozi z'ikibi kihaye kwama gatuntuza abarundi.
Avuga ko bariko barahiga abagize ako karwi "kandi hari abamaze gufatwa muri bo, mbere dusanga harimwo n'umupolisi".
Avuga ko abakora ubwo bubisha ari ababá bashaka kwerekana ko ubutegetsi bw'igihugu ari bwo bunyuruza abantu.
Ati: "Nico gituma ubona baca bahindukiza, ngo ni uburongozi bw'igihugu. None Uburongozi bw'igihugu bwoba ari bwo bwabikoze bugaca buja guhiga abo bantu?"