Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Jenoside: Uprona irahakana uruhara mw'ihonyabwoko ry'abahutu mu 72
Umukuru w'umugambwe w'Abadasigana Uprona wari ku butegetsi mu 1972, Olivier Nkurunziza, arahakana ko uwo mugambwe wagize uruhara mu bwicanyi bwabaye muri uwo mwaka bwahitanye abahutu benshi mu Burundi.
Umugwi ujejwe gutohoza ukuri no gusubiza hamwe, CVR, wavuze ko, ushingiye ku bimenyetso ufise, ubwo bwicanyi ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu.
Umukuru w'uwo murwi, Pierre Claver Ndayicariye yarashikirije icegeranyo cerekana ido n'ido ry'ingene abahutu na cane cane abize n'abari bafise ubuzima bwiza, bahizwe, bagafatwa bakicwa mu buryo bw'agashinyaguro kandi buteye ubwoba mu gihugu cose kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane mu 1972 kubandanya no mu 1793.
Ndayicariye yavuze ko uwuza kw'isonga muri ako kabi ari uwari umukuru w'igihugu ico gihe Capitaine Michel Micombero n'ingezo zitandukanye z'igihugu, anavuga kandi umugambwe Uprona n'ishami ryawo rry'urwaruka, JRR.
Umugambwe Uprona wari ku butegetsi mu 1972 aho ubwo bwicanyi bwaba urahakana kubugiramwo uruhara, ahubwo ukavuga ko na wo wiciwe.
Olivier Nkurunziza arongoye uwo mugambwe agira ati:"Twari gutegura jenoside hanyuma abategetsi bacu bakaba ari bo bicwa?
"Icegera c'umunyamabanga mukuru w'umugambwe, Ndikumana Gregeoire ari mu bishwe co kimwe n'abanyamabanga babiri ku rwego rw'igihugu baguye muri ubwo bwicanyi.
"None twari kwiyica?"
Olivier Nkurunziza avuga ko hari ivyo CVR ivuga bemera ariko hakaba n'ibindi yashikirije vyumvikana cane ko ari ingingo za politike. Izo na zo ngo ziracafuza, ntizinywanisha kandi ngo ntizubaka.
Uprona ntihakana ko hariho urwaruka rwawo ruhurikiye mu muhari JRR, rwagize uruhara muri ubwo bwicanyi, akavuga ko uwari arurongoye ico gihe yasemereye avyiyamiriza.
Nkurunziza agira ati: "Emile Mworoha yari arongoye aba JRR ico gihe yarandikiye umukuru w'igihugu amubwira ko hariho urwaruka ruriko rurakoreshwa na bamwe mu bajejwe umutekano n'intwaro."
Avuga ko umugambwe Uprona wari uboheye amaboko i mugongo n'intwaro ya gisirikare yari irongowe na Capitaine Michel Micombero aho no mu nzego z'umugambwe yari yashizemwo abasirikare.
None hoho Uprona iremera ko habaye jenoside yakorewe abahutu mu 1972, ku buryo nibazana itegeko ryerekeye ico caha mu nama nshingamateka Uprona izoryemeza?
Olivier Nkurunziza ati:"Tugiye kuvyicarira tubirabe."
Umurwi ujejwe gutohoza ukuri ku mabi yakozwe mu Burundi kuva ku gihe c'ubukoroni (CVR) uremeza ko abahutu bo mu Burundi bakorewe ubwicanyi bw'ihonyabwoko (genocide) mu 1972 no mu 1973.
Vyashikirijwe inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoraniye hamwe mu ngoro ya Kigobe i Bujumbura ku wa mbere.