Vladimir Putin: Vyabaye ngombwa ko nisumamwo nk'umushoferi wa taxi mu myaka ya1990

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya aravuga akababaro yagize igihe icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviets casambuka mu 1991, akavuga ko vyabaye ngombwa ko akora akazi nk'umushoferi wa taxi kugira ngo arabe ko yokwisununura.

Ibibazo vy'ubutunzi vyatewe n'isenyuka ry'iki gihugu vyatumye Abarusiya benshi barondera ubundi buryo bushasha bwo kwibeshaho.

Perezida Putin avuga ko iri senyuka ari ntibagirwa mu mateka y'Uburusiya.

Aya majambo ashobora gutuma abantu bibaza ibibazo vyinshi ku nteguro ziwe yoba afise kuri Ukraine, igihugu cahoze cegukira iyahoze ari URSS/USSR.

Uburusiya bwaregeranirije ingabo zirenga 90.000 ku rubibe buhana na Ukraine, hakaba hari ubwoba ko bushobora kuyitera.

Uburusiya burabihakana, bukagiriza ahubwo Ukraine ko ibusotora, bukaba kandi bukeneye ko ishirahamwe ry'ibihugu vy'Uburengero, OTAN/NATO ribwemerera ko ata nteguro bufise ryo kwiyagurira akarere.

Amajambo ya Perezida Putin yacishijwe mw'ireresi yiswe Russia, Latest History (mu kirundi twogereranya na Uburusiya, akahise ka vuba), yerekanywe ku wa Mungu.

Avuga ati: "Ryari isambuka ry'Uburusiya bwari buzwi kw'izina rya Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet", akongerako y'uko mu bihugu vyo mu Burengero bemeza neza ko isambuka ry'Uburusiya cari ikibazo c'igihe gusa.

Vyari bizwi neza ko Putin afata isenyuka ry'ico gihugu nk'akaga, ariko ivyo avuga ku vyerekeye ibibazo vy'ubuzima yagize ico gihe ni bishasha.

Ati: "Rimwe rimwe nategerezwa kwisumamwo. Aha mvuga kwisumamwo nkoresheje imodoka, nk'umushoferi nikorera utwanje. Mvugishije ukuri, ntivyari ibintu biryoshe namba, ariko ku gihamana kibi, niko vyagenze".

Ico gihe, ama taxis ntiyari arwiriye mu Burusiya, kandi abantu batari bake ku giti cabo barunguruza abantu batazi kugira ngo barabe ko boronka ico bashira ku munwa. Hari bamwe mbere bakoresha n'imiduga y'akazi, nk'izitwara abarwaye (ambulances), bakayikoresha nka taxi.

Putin azwi nk'uwahoze akora mu gisata c'igendereza ry'aba Soviets, KGB.

Hagati aho, mu ntango za 1990, yakora mu biro vy'umukuru w'igisagara ca Saint Petersburg Anatoly Sobchak. Avuga ko yatanze imihoho muri KGB muri Myandagaro (ukwa munani) 1991, inyuma y'igikorwa co kugerageza gutembagaza ubutegetsi bw'uwari umukuru w'igihugu c'aba Soviet, Mikhail Gorbachev, ari na ryo ryatumye URSS/USSR isambuka.