Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugabo yafashije Vladimir Putin kuva muri KGB akaba umukuru w'Uburusiya
Uko imyaka yagiye ikurikirana, abategetsi b'Uburusiya bagiye bashikira ubutegetsi mu buryo butandukanye.
Aba Tsars (abami b'Uburusiya) barabivukana, ariko Vladimir Ulyanov Lenin wewe yashitse ku butegetsi aciye mu migumuko.
Abanyamabanga bakuru b'umugambwe w'aba Sovieti (Soviet Communist Party) bobo bashikira ubwo butegetsi mu kuduga bukebuke gushika bashike mu biro bikuru, bagaca barindira ko bashikirwa.
Ariko mu myaka 20 iheze, Vladimir Putin wewe ubutegetsi yarabuhawe atagowe.
Uyo mugabo yahoze ari umwe mu bakozi b'igisata cari kijejwe igendereza KBG, yagenywe na Perezida Boris Yeltsin n'abari bamukikije kugira ngo arongore igihugu mu kinjana ca 21.
Ariko kubera iki Putin?
'Icegera ciwe yari aciye ubwenge cane'
Valentin Yumashev yagize uruhara ruhambaye kugira ngo Vladimir Putin abe umukuru w'igihugu c'Uburusiya.
Uyo mugabo yahoze ari umumenyeshamakuru mu nyuma yinjira muri Kremlin, ntakunze gutanga ibiganiro n'abanyamakuru, ariko yahavuye yemera kuvugana n'umunyamakuru amubwira amakuru yiwe.
Bwana Yumashev yari umwe mu bizigirwa ba Boris Yeltsin - akaba mbere yanamubereye umukwe mu kurongora umukobwa wiwe, Tatyana.
NK'umukuru w'ibiro vya Perezida Yeltsin, yahaye akazi Bwana Putin ubwa mbere mu 1997 muri Kremlin.
Bwana Yumashev ati: "Uwari umukuru w'ubutegetsi kuri Yeltsin, Anatoly Chubais, yambwiye ko yari azi umuntu mwiza ashobora kumbera icegera".
"Niho yaciye anzanira Vladimir Putin duca dutangura gukorana. Ubwo nyene namubonyemwo ubutwari budasanzwe".
"Ariko ashikiriza ivyiyumviro, akora n'umwihwezo w'ibintu n'ibindi, warumva ko ari umuntu w'incabwenge akomeye".
Umumenyeshamakuru yamubajije ati: "None hari igihe wigeze wiyumvira ko uyo mugabo yari gushobora kuba umukuru w'igihugu?".
Arishura ati: "[Boris] Yeltsin yari afise mu mutwe abantu yabona ko bashobora kumusubirira, nka ba Boris Nemtsov, Sergei Stepashin na Nikolai Aksenenko".
"Naravuganye cane na Yeltsin ku bantu bashobora kumusubirira. Igihe kimwe niho twavugana kuri Putin.
"Yeltsin yambajije ati 'wibaza iki kuri Putin?'
Nishuye nti 'Jewe nibaza ko ari umu candidat akomeye cane'. Nibaza ko womwiyumvirako. Biraboneka ko ashobora kurangura n'ayandi mabanga akomeye cane uravye ingene akora akazi".
Kahise kiwe nk'umukozi wa KGB vyoba vyaramuciye intege?
"Abakozi benshi ba KBG nka Putin barahevye akazi bamaze kubona ko kabateza urubwa. Ariko kwitwa uwahoze akorera KGB ntaco vyamugize".
"Putin yamye yerekana ko ashaka ubwigenge kandi yashaka intwaro rusangi, yipfuza kubandanya impinduka".
Ibintu vyakozwe mu mpisho
Mu kwezi kw'umunani 1999, Boris Yeltsin yagenye Vladimir Putin kuba umushikiranganji wa mbere. Ico cari icerekana ko Perezida Yeltsin yariko ategura Bwana Putin kuba umukuru w'igihugu.
Bwana Yeltsin yari asigaje ikindi kiringo c'umwaka kugira ngo ashikirize ubutegetsi, ariko mu kwezi kwa 12/1999 yafashe ingingo y'ugutanga imihoho, ingingo yatangaje benshi.
Bwana Yumashev arabandanya ati: "Iminsi itatu imbere y'umwaka mushasha, Yeltsin yatumyeko Putin muhira iwe.
"Yansavye ko ariho noba ndi, kumwe n'umukuru w'ibiro vya gisirikare mushasha, Alexander Voloshin".
"Yabwiye Putin ko atari gushobora kubandanya arongoye igihugu gushika mu kw'indwi. Ko yashaka gutanga imihoho ku wa 31 z'ukwa 12.
"Akarwi gato cane k'abantu niko kari kabizi: jewe, Voloshin, Putin n'umukobwa wa Yeltsin, Tatyana. Yeltsin nta n'uko yabibwiye umugore wiwe".
Bwana Yumashev yahawe igikorwa c'ukwandika ijambo rya Yeltsin ry'ugutanga imihoho.
"Ryari ijambo rigoye kwandika. Vyaraboneka ko ryari ijambo ritegerezwa kuba mu mateka y'igihugu. Ryari ijambo rikomeye. Nico gituma nashizemwo akarongo gakomeye kavuga ngo 'Ndabasavye imbabazi'.
"Abarusiya barababajwe cane n'ubutegetsi mu myaka ya 1990. Yeltsin yategerezwa kugira ico abivuzeko".
Buca ari umwaka mushasha wa 1999, Boris Yeltsin yarafashwe amajwi y'ijambo ryiwe rya nyuma ryategerezwa gushikirizwa kuri televiziyo muri Kremlin.
"Abari aho bose bakubiswe n'inkuba, kireste jewe nari naryanditse. Abantu baraturikishije bararira. Cari igihe c'umunezero kidasanzwe.
"Ariko rero icasumbirije rwose, ni uko ryagumye ari ibanga. Hari hasigaye amasaha ane kugira ngo iryo jambo rishikirizwe. Rero vyabaye ngombwa ko abari muri ico cumba bose bugaranirwayo".
Nta n'umwe yari yemerewe gusohoka. Naciye mfata iryo jambo ndaritwara kuri televiziyo. Ryagiye gutangazwa isaha zitandatu".
Vladimir Putin yaciye aba umukuru w'igihugu mfatakibanza. Haciye amezi atatu, yatsinze amatora.
Umwe mu bari bagize "Akazu"?
Valentin Yumashev afatwa nk'umwe mu bari bagize "Akazu": Akarwi k'abantu bakeya bari bakikije Boris Yeltsin, bavugwa ko ari bo bamukoresha gushika mu mpera z'imyaka ya 1990.
Bwana Yumashev arahakana ivyo "Akazu" akavuga ko ari "ikintu cavugwa ariko kitigeze kibaho".
Ariko nta nkeka ko mu myaka ya 1990, mu gihe Perezida Yeltsin yari akitswe n'amagara, yiyegereje cane akarwi gatoya kari kagizwe n'abo mu muryango wiwe, abagenzi hamwe n'abarwizatunga.
Umuhinga mu vya politike, Valery Solovei, avuga ko abegereye Putin batamukoresha nk'uko.
"Abantu begereye Putin bari mu mice ibiri: abagenzi bakuranye nk'abavukanyi ba Rotenberg, hamwe n'abo bakoranye mu kigo c'igendereza ca KGB.
"Ariko ntabaha icizere cose. Yeltsin yizera abo mu muryango iwe, Putin nta n'umwe yizigiye".
'Nta myidogo - Abarusiya barizeye Putin'
Bwana Putin ari ku butegetsi, nk'umukuru w'igihugu canke umushikiranganji wa mbere, mu kiringo c'imyaka 20. Muri iki kiringo, yashizeho ubutegetsi bugendera kuri we".
"Ubutegetsi bwiwe bwabandanije buba ubw'agahotoro, igihugu kirangwamwo uburenganzira buke bwa demokarasi n'ubwigenge.
Bwana Solovei ati: "Yeltsin yari azi ko afise ihangiro, kandi na Putin ni uko. Yeltsin yibona ko ari Musa: yashaka gukura igihugu ciwe mu buja bwa communisme.
"Ihangiro ya Putin ni ugusubira kuri kahise. Ashaka kwihora ico yita 'akaga kashikiye isi yose mu kinjana ca 20', isenyuka rya URSS".
"We n'abo bari kumwe, abahoze bakora muri KGB, bazi ko isambuka rya URSS ari igikorwa c'ibihugu vyo mu burengerazuba".
Isura ya Vladimir Putin ubu iratandukanye n'iyo Bwana Yumashev yamubonamwo kera nk'umuntu yashira imbere ubwigenge.
None Bwana Yumashev yahoze ari umukoresha wiwe yoba yicuza kubona yaramuhaye akazi?"
Avuga ati: "Sinicuza na gato. Biraboneka ko Abarusiya bagikunda Putin".
Bwana Yumashev yibaza ko ugutanga imihoho kwa Boris Yeltsin gukwiye kubera icigwa abandi ba perezida bose b'Uburusiya.
Icigwa kikaba ari uko" ari nkenerwa cane gutanga imihoho bagahereza akanya abakiri bato. Kuri Yeltsin ico cari ikintu gikomeye cane."