Menya uyu mutunzi ruhebwa yaronse amamiriyoni n'amamiriyoni mu gukina akamari

Peter Done

Hari ikintu yama yibuka cama kimubako mu bwana bwiwe: Peter Done yama yibuka umuntu yama amufyonderako umudo mu maso.

Uwo yagiriza ibi vyose ni mwenewabo Fred, yamusumvya imyaka ine. Baryamana ku gitanda kimwe gushika ku myaka 15 mu nzu y'abavyeyi yari ifise ivyumba bibiri musi n'ibindi bibiri hejuru, mu karere ka Ordsall kari kazwi kw'izina rya "slum of Salford" mu Bwongereza. Bashiki babo babiri nabo nyene baba mu kindi cumba kimwe.

Done ati: "Gushika ubu, uwu mudo urantera ubwoba. Kumbure ngira ni uko noba narakubagana cane mu gihe we yari mukuru kuri jewe".

Ariko rero n'aho vyari bimeze uku, ubugenzi bwari hagati yiwe n'uyu mukuruwe nibwo mu nyuma bwagiye kubaha amahirwe mu buzima.

Aba bavukanyi bashoboye gusezera ubukene baciye mu kamari, maze bashobora kwiyubakira amazu y'akamari, begeranya amamiriyoni n'amamiriyoni ku buryo bahavuye bamamara baja ku rutonde rw'abantu batunze cane rw'ikinyamakuru Sunday Times.

Peter Done (uwa nyuma i buryo) kw'ishure - yari azi umuntu umwe wenyene yagiye kuri kaminuza

Ahavuye isanamu, Peter Done

Insiguro y'isanamu, Peter Done (uwa nyuma i buryo) kw'ishure - yari azi umuntu umwe wenyene yagiye kuri kaminuza

Aba bahungu bompi bagiye guheba amashure bafise imyaka 15 gusa batarayarangiza.

Ariko ntibagiye akagirire, kuko mu nyuma bagiye kuronka akazi mu bigo vyakinisha akamari mu karere ka Manchester. Nk'uko vyari bimeze ku bubare, ibigo nk'ibi vy'akamari vyari birwiriye cane mu turere tw'abakene. Gushika mu 1961, ibi bigo ntivyari bwemerwe imbere y'amategeko.

Hari hasanzwe hari impungenge ku bijanye n'ingaruka bishobora kugira ku mibereho n'inyifato ibereye mu bakinyi b'akamari/urusimbi.

Kuva ku myaka 17, Done yari arongoye ikigo c'akamari n'aho amategeko atamwemerera kwinjira.

Nyene ico kigo yaramukundira cane ubwenge yari afise mu bijanye n'ibiharuro (maths). Yarakurikirana neza ivyinjira n'ibisohoka, agakora ibiharuro vyo mu mutwe ata ngorane, agashobora kubona n'ingoga inyungu canke uruhombo rushobora kuhaba.

Amaduka y'akamari yagiye kwemerwa imbere y'amategeko mu ntango y'imyaka ya za 1960

Ahavuye isanamu, British Pathe

Insiguro y'isanamu, Amaduka y'akamari yagiye kwemerwa imbere y'amategeko mu ntango y'imyaka ya za 1960

Mu mpera z'imyaka ya 1960, ibi vyari ibigo vyari biteye ubwoba gukoreramwo, atavyo kuvuga ngo uri umwana. Mu bisanzwe vyari birwiriyemwo abagabo, kandi wamengo ni mw'ibohero.

Done yibuka ko ibintu vyashobora kuba nabi cane, cane cane ku misi ya gatandatu inyuma y'isaha icenda, aho wasanga bigenderwamwo cane n'abantu baba bavuye gufata urukanywa mu bubare.

Ati: "Carazira ko uboneka ko uri magoyagi, kuko izi ndyamunyu z'insoresore zaca zibona ko ataco umaze bakagutera igitsure".

Done na mwenewabo berekanye ubutwari mu kurongora ibi bigo, hanyuma Peter yari amaze gushikana imyaka 21 mu 1967, aba bahungu bari bafise iduka ryabo.

Bariguze ku mugabo yahoze akinisha akamari ku ma pawundi 4.000 - muri yo Peter Done akaba yaciye ayashira kuri konte kugira azoguremwo inzu ari kumwe n'umugore wiwe mushasha.

Nta bwoba yagize kuko yari amaze imyaka itandatu yose akora uru rudandaza, kandi igihe cose yamye abona ko yari gushobora gushinga iduka rikomeye gusumba abakoresha biwe mu gihe bomuha akaryo.

Amaduka y'akamari mu myaka ya 1960 na 1970 ntiyari ashemeye

Ahavuye isanamu, British Pathe

Insiguro y'isanamu, Amaduka y'akamari mu myaka ya 1960 na 1970 ntiyari ashemeye

Amaze kugera ku myaka 21, yarize ibintu bikomeye gushika ubu agiha agaciro.

Done abona ko ikintu nyamukuru ari ingene ufata abakiriya neza, kuko iki nico gituma abantu bagaruka iwawe.

"Abakiriya bacu twabahamagara ngo 'Nyakwubahwa' mu gihe ico gihe iki cari ikintu kitabaho".

"Iyo hari uwakinye akamari agatsinda, nyene gukinisha mu kumuha amahera yaramutera, akamubwira ngo 'fata kandi ntuzogaruke ng'aha!' mu gihe ahubwo twebwe twamubwira tuti 'ng'aya amahera yanyu, muryoherwe!'

"Vyarabatangaza cane. Ariko twebwe twari tuzi ico turiko turakora kuko twari tuzi ko impera n'imperuka bazogaruka iwacu kandi uku niko uwukinisha akamari yama yunguka".

Aba bahungu kandi ntibakunda ingene ibigo vy'akamari vyasa "n'utururi".

"Twahaye agaciro umukino wacu, twasasa amatapi".

Aya mayeri yabahaye amahirwe menshi cane kuko bukebuke bagiye bagura ibindi bigo vy'akamari, ivya mbere bikaba vyagiye birongorwa na bashiki babo, bituma umuryango wisununura. Gushika mu myaka ya 1980, bari bafise ibigo vy'akamari birenga 70 vy'isosiyete bise Betfred.

Ikigo Betfred c'akamari mu gisagara hagati ca Manchester
Insiguro y'isanamu, Ikigo Betfred c'akamari mu gisagara hagati ca Manchester

Ariko rero hari ikibazo cadutse mu gihe nyene Peter Done yariko araduga, bituma ava muri uyu mwuga wo gukinisha akamari. Aba bavukanyi bagiye kwitwarirwa n'umukozi bakoresha mw'iduka ryabo rishasha bari bafashe.

Iki kintu carabababaje cane, bica bibatuma biyumvira kuronderera ahandi, mu gushinga ikompanyi itanga ubufasha mu bijanye n'abakozi, amategeko, amagara y'abantu n'umutekano.

Niho baca batanguza ikompanyi Peninsula maze Peter Done aca aba umuyobozi nshingwabikorwa ku myaka 35 gusa. Icicaro gishasha cayo ni igorofa icana ibibatsi, yubatse mu biyo gusa ikaba ari yo yiganziye ikirere ca Manchester. Ibiro vya Done bihanamiye akarere ka Ordsall yakuriyemwo.

Uko imyaka yagiye igenda niko Peninsula yagenda ikura, muri kino gihe ikaba ifise abakozi 3.000 bafasha amakompanyi arenga 100.000 kw'isi yose, muri yo 40.000 akaba ari mu Bwongereza.

Peninsula
Insiguro y'isanamu, Ikompanyi Peninsula yubatse ibiro vyayo biri mu buraruko bw'igisagara

Ikiza karanda ca coronavirus catumye abakiriya b'iyi kompanyi biyongera gushika ku rugero rwa 12%, kubera amakompanyi yose kw'isi vyabaye ngombwa ko asubiramwo poritike zijanye n'itunganywa gushasha ry'abakozi n'umutekano wabo, haba ku bijanye n'ingingo zo gukorera mu rugo, kwitandukanya canke gucandagwa. Uko imyaka yagenda, niko inyungu mu gukinisha akamari yagenda yiyongera.

Hagati aho, hagati y'imyaka ya 1980, n'aho hari ibimenyetso vyiza kuri kazoza k'urudandaza rwiwe, amahirwe yo kugira ico bashitseko ntiyaboneka neza, ku buryo vyabaye ngombwa ko aba bavukanyi bafata ingingo. Ni nde azohagararira iyi kompanyi".

Kugira ngo batore uwova muri iyi kompanyi Betfred, Peter Done avuga ko vyabaye ngombwa ko batigira.

Amwenyura mu kuvuga ingene vyagenze, Peter ati: "Fred yambwiye ati reka duterere ikingoro mu kirere, natsinze, hanyuma aca ambwira ati 'vamwo', imbere y'uko ngira ikintu na kimwe mvuga".

Rero vyabaye ngombwa ko Peter Done asigira mukuruwe iyi kompanyi Betfred, n'aho agifisemwo umutahe ukomeye.

Fred Done na Sir Alex Ferguson

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mukuru wa Peter Done, Fred Done, ari kumwe na Sir Alex Ferguson yahoze amenyereza Manchester United

Mu kwivana muri iyo kompanyi, yoba ari yo nzira yatumye ava mu biganza vya mukuruwe Fred, na rirya izina ryiwe riri mu bigize iyo kompanyi? Canke yagomvye gukinisha izina ryiwe?

Done ati: "Ubwa mbere na mbere, kuva tukiri bato, kubona yama ashira umusego wiwe ku mutwe wanje, ibi vyerekana ko yashaka kuncinyiza, ariko narihagararako".

Hari kandi abibaza ko Peter yavuye muri iyo komapnyi kugira ngo yikureko iceyi co gukina akamari, urukino rwiganje ahatari hake, cane cane nk'uko ivyigwa bivyerekana, rukaba rufatwa nk'urukino rwo mu burere bukenye nk'aho yakuriye.

Done siko abibona. Avuga ati: "Akamari kabonwa nabi, ariko abenshi mu bantu bagakina babikora mu kwinezereza kandi bakabikora bakoresheje imifuko yabo".

Mu gusigura icatumye aheba umwuga w'akamari, Done avuga ko yashatse kuronderera ahandi kandi ko yamye afise ishaka ryo kuraba ingene mu bindi bisata bigenda.

Gusa, ivyigwa yakuye muri uru rudandaza rw'akamari akiri umwana nivyo gushika ubu akigenderako.

Kubw'iwe, abakiriya afise mw'ikompanyi Peninsula ntibatandukanye n'abakinyi b'akamari yakinisha mu myaka ya 1960.

Aragendera ku ciyumviro c'uko ingene utunganiriza abakiriya ari vyo bituma umuntu agaruka iwawe. Kandi kuri we, biroroshe cane kugarukana umukiriya gusumba kurondera mushasha.

Ikintu kimwe ngirakamaro Done aherutse kwiga mu kazi, ni uko iyo utunganiriza neza abakozi bawe ukabaha udushirukabute, uzoshika kure - ari naco gituma yama arondera kugumana abakozi beza mbere agatanga n'udushirukabute kuri abo bakoze neza gusumba abandi.

Peter Done arakunda kwumviriza impanuro ahabwa. Umwe mu bagenzi biwe ni uwahoze ari umumenyereza w'igihangange Sir Alex Ferguson, yigeze kumuha impanuro ikomeye igihe kimwe bariko barasangira ikinyobwa bari ahantu mu karuhuko imyaka mike iheze, akavuga ati: "Menya kwigumya kandi wubahuke gufata ingingo, n'aho zoba atari zo. Ikintu kibi cane si ugufata ingingo".

Peter Done abona ko umwanya wose yamaze mu rudandaza yamye agendera kuri aya majambo, kandi vyatumye ashobora kubungabunga neza ibikorwa vyose batanguje.