Philippines : Umupolisi yariko abanguranya indwano y'isake zibiri yishwe n'imwe muri zo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umupolisi wo muri Philippines yishwe n'isake igihe yari agiye guhagarika urukino rutemewe n'amategeko rw'isake zirwana mu ntara ya Samar iri mu buraruko bw'ico gihugu.
Liyetena Christine Bolok yakaswe n'icuma cari cambitswe iyo sake, icuma gifise ubugi bambika isake zirwana muri urwo rukino.
Ico cuma gikarishe camukase umutsi wo kw'itako ry'i bubamfu. Yaciye anyarukanwa kwa muganga ariko ashitse yaciye acikana.
Urukino rwo kurwanisha isake rwarabujijwe muri kino gihe c'ikiza karanda ca coronavirus.
Imbere y'uko iki kiza caduka, uru rukino rwari rurekuriwe kubera mu bibanza bisanzwe bizwi n'amategeko ku minsi ya Mungu no mu gihe c'uburuhuko, co kimwe no mu gihe c'iminsi mikuru imara iminsi itatu itarenga, nk'uko bimenyeshwa n'ikinyamakuru ca leta, Philippine News Agency (PNA).
Umukuru w'igipolisi muri iyo ntara, Koloneli Arnel Apud yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko iryo sanganya "ribabaje" akaba avuga ko ari ivyashitse ku gihamana kibi ariko adashobora gusigura.
Ati: "Vyangoye kwemera igihe ndavyumva ubwa mbere. Nibwo bwa mbere mu myaka 25 yose maze ndi umupolisi mbuze umupolisi biturutse kw'isake zirwana".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu batatu baciye bahagarikwa hanyuma isake indwi zariko zirarwana zikaba zaciye zifatwa zirabikwa, nk'uko bivugwa na PNA.
Abandi batatu bikekwa kugira uruhara mu vyabaye baracahigwa.
Urukino rw'isake zirwana ni urukino rukundwa cane muri Philippines, aho abantu benshi bakina akamari batigirira ku bizova muri iyo ntambara y'isake.










