Aung San Suu Kyi: Sentare muri Myanmar yaciriye uwo mutegetsi yakuwe imyaka ine yo gupfungwa

Indongozi ya Myanmar yakuwe ku butegetsi Aung San Suu Kyi yaciriwe gupfungwa umunyororo w'imyaka ine , mu rubanza rwa mbere aciriwe mu zindi nyinshi zishobora gutuma apfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Yahamijwe icaha co kugumura no kurenga ku `ngingo za za Covid hisunzwe amategeko agenga ivyaduka vyizanye.

Madame Suu Kyi ahanganye n'ivyaha 11 vyose hamwe, vyiyamirijwe cane nk'akarenganyo. Vyose arabihakana.

Apfungiwe i muhira kuva mu kwezi kwa kabiri igisirikare gitembagaje reta yiwe yari yatowe n'abanyagihugu.

Ntibizwi niba canke ryari Madame Suu Kyi azojanwa mw'ibohero.

Uwo baburanywa hamwe Win Myint, yari umukuru w'igihugu akanaba soma mbike mu mugambwe wa Suu Kyi National League for Democracy (NLD), nawe yaciriwe gupfungwa imyaka ine kuri ivyo vyaha nyene.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty ryavuze ko ivyo vyaha ari "irementanya", rivuga ko ari "akarorero ka vuba ko igisirikare ciyemeje kuniga ukutavuga rumwe no gucinyiza ubwigenge muri Myanmar. "

Suu Kyi 'ntamerewe neza'

Uwo mugore w'imyaka 76 yagirijwe ivyaha vyinshi birimwo ivy'ibiturire no kumena amabanga y'igihugu.

Mu rubanza rumwe, Madame Suu Kyi yagiriwe no kurenga ku ngingo za Covid mu kuduza ukuboko (gupepera) aramutsa abamushigikiye mu bikorwa vyo kwiyamamaza mu mwaka uheze, kandi ico gihe yari yambaye agafukamunwa n'inkinzo yo mu maso.

Mu rundi rubanza, yahamijwe icaha co gutera uruhagarara kubera itangazo ryo guhamagarira abantu kwanka itembagazwa ry'ubutegetsi, iryo rikaba ryasohowe n'umugambwe wiwe we aja yamaze gufatwa akanapfungwa.

Abashingwamanza ba Suu Kyi, aribo bonyene amakuru ajanye n'urwo rubanza ashobora kuvako, nabo bahawe amategeko ababuza gutanga amakuru.

Uretse kuboneka akanya gato mu ntahe ya sentare, nta masanamu canke amajwi ya Madame Suu Kyi menshi ahari.

Umuvugizi wa reta y'ubumwe iherutse gushingwa, umugwi ugizwe n'abashigikiye demokrasi n'abateye kubiri no gutembagaza ubutegetsi, yari yabwiye BBC ko Madame Suu Kyi atamerewe neza.

"Ntameze neza...aba jenerari ba gisirikare bariko barategura kumucira gupfungwa imyaka 104. Bashaka ko azopfira mw'ibohero", nk'uko bivugwa na Dr Sasa.

Igisirikare cari cafashe ubutegetsi kivuga ko habaye ubusuma mu matora rusangi yabaye mu mwaka uheze aho NLD yatsinze urukombamazi.

Ariko indorerezi zakurikiranye ayo matora zavuze ko muri rusangi yagenze neza.

Iryo tembagazwa ry'ubutegetsi ryatumye haba imyiyerekano mu gihugu cose, igisirikare ca Myanmar gica cirara mu bagira inyiyerekano bashigikiye demokrasi, abaharanira uburenganzira hamwe n'abamenyeshamakuru.

Madame Suu Kyi ni umwe mu bantu 10.600 bafashwe n'ako kagwi kuva mu kwezi kwa kabiri, nibura abashika 1.303 nabo bakaba barishwe muri iyo myiyerekano, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ryishinze gufasha abafungiwe ivya poritike (Assistance Association for Political Prisoners).

Aung San Suu Kyi ni nde?

Aung San Suu Kyi yamaze imyaka 15 mw'ibohero apfunzwe n'abasirikare hagati ya 1989 na 2010, hanyuma arahabwa agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel kubera ibikorwa vyiwe vyo kuzana demokrasi muri Myanmar.

Umugambwe wiwe, National League for Democracy (NLD) watsinze amatora urukombamazi mu 2015, ariko aca arabuzwa kuba umukuru w'igihugu we nyene n'amategeko yankira abantu bafise abana b'ubwenegihugu bwo hanze gufata amabanga nk'ayo. Ariko yagumye abonwa nk'aho ariwe ategeka igihugu.

Ariko izina ryiwe mu makungu ryaratosekaye cane kubera ingene yitwaye ku kibazo c'abantu mu bwoko bw'aba -Rohingya, cadutse mu 2017.

Mu 2019 Madame Suu Kyi yararengutse muri sentare muzamakungu y'ubutungane ya ONU (ICJ) kugwanira igihugu ciwe cagirizwa ihonyabwoko.