Belgium: imvubu ziri mw'iyororero bazisanzemwo Covid

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abarongoye iyororero ry'ibikoko Antwerp Zoo mu Bubirigi bavuga ko imvubu zabo zibiri zataramuwe inyuma y'uko bazipimye bagasanga zaranduye coronavirus.
Abajejwe iri yororero riri i Antwerp bavuga ko bitazwi neza ingene Imani ifise imyaka 14 hamwe na Hermien y'imyaka 41 zanduye uwu mugera, bakavuga ko izi nyamaswa zari zimeze neza uretse gusa ko zari zifise uruseruseru.
Hafashwe ingingo zo kubuza uruja n'uruza kuri iri yororero gushika aho izi nyamaswa zizoba zitagifise umugera.
Kw'isi yose, haravugwa amakuru atari make yerekeye inyamaswa - zaba izafatiwe mu mitego canke izisanzwe zorowe - zanduye umugera wa Sars-CoV-2.
Mu bisanzwe, amazuru y'imvubu yama atose, ariko abaganga b'ibikoko kuri iri yororero Antwerp Zoo bafashe ingingo yo gupima izi zibiri inyuma y'aho baboneye "zirekura uruseruseru".
Ikigo cazo caciye cugarwa. Abazijejwe - n'aho bapimwe bagasanga nta mugera bafise - bategerezwa kwambara udupfukamunwa hamwe n'amarori yo kwikingira, kandi bagategerezwa kwipompa imiti yica imigera ku birato vyabo imbere y'uko begera izi mvubu.
Uwujejwe kuvura ibikoko kuri iri yororero Antwerp Zoo Francis Vercammen avuga ati: "Ku vyo nzi, ni bwo bwa mbere izi nyamaswa z'ubu bwoko zanduye uwu mugera. Kw'isi yose, twari tumenyereye kubona uwu mugera mu bikoko vyo mu bwoko bw'inguge no mu muryango w'inyabu (ingwe, intambwe, ...)".
Mu ntango z'iyi ndwi, Canada nayo nyene yaremeje ko hari inyamaswa zitatu zo mu bwoko bw'isasu (ibikoko bifitaniye isano n'ingeregere/impongo) zanduye Covid - ni zo nyamaswa za mbere zo mw'ishamba zitangajwe ko zanduye uwu mugera muri iki gihugu.
Ariko kubera hari ibipimo bike bikorwa ku bikoko, biragoye kumenya ingene coronavirus yifashe mu bikoko vyo mw'ishamba.










