Umugabo wo muri Australia yaciye umuhigo mu gutura umube!

Neville Sharp yaciye umuhigo, akaba asumbije umwongereza Paul Hunn yari yiganje kuva mu 2004!

Ahavuye isanamu, GuinnessWorldRecords

Insiguro y'isanamu, Neville Sharp yaciye umuhigo, akaba asumbije umwongereza Paul Hunn yari yiganje kuva mu 2004!

Umugabo wo muri Australia yatuze umube wa mbere munini gushika ubu.

Neville Sharp yatuze umube ufise ibipimo vya decibels 112.4 - igipimo c'urwamo ruruta uruvuzwa n'itarumbete (trombone).

Uwu mube waciye umuhigo ukaba wasumvye uwari uhasanzwe umaze imyaka irenga cumi.

Amaze kubikora, Neville yavuze ko anezerewe bidasanzwe kubona ashoboye guca umuhigo mu gutura umube.

Uwo mube wapimye decibels 112.4

Ahavuye isanamu, Guinness World Recrods

Neville avuga ko yatanguye imyimenyerezo yo gutura umube avyigishijwe na mushikiwe mukuru - kandi ko yabandanije atera intambwe kuva ico gihe!

Umugore wiwe yagumye amuhimiriza ko yoguma agerageza kuraba ko yoca umuhigo kugira yerekane impano yiwe idasanzwe.

Nico gituma amaherezo yahavuye afata ingingo yo kuraba ubushobozi bwiwe aho bugarukira maze aca yitaba ihiganwa ry'umuhigo wa Guiness World Record mu mube w'urwamwo rwinshi zihuza abagabo.

Neville yamaze imyaka itanu yose ari mu myimenyerezo yitegurira iri higanwa kugira ngo ashobore kuguma yongereza inguvu n'ijwi vy'umube.

Avuga ati: "Icatumye ngerageza kuraba ko noca uwo muhigo nashatse ko nitwa umuntu wa mbere kw'isi yaciye umuhigo".

Ewe Neville, nawe wabishitseko uradukuyeho n'umube wawe!