Karim Benzema: Uwo mukinyi w'Ubufaransa yagiriwe n'icaha co gukangisha video y'igitsina

Ahavuye isanamu, Getty Images
Karim Benzema, umukinyi w'imbere w'Ubufaransa na Real Madrid yagiriwe n'icaha co kuba yaragize uruhara ku gukangisha umukinyi mugenziwe w'Umufaransa hakoreshejwe video y'igitsina (y'ibishegu).
Umucamanza yaciriye Benzema umunyororo udashirwa mu ngiro w'umwaka anategekwa kuriha ihadabu y'amafanga angana na €75,000 (84.000 mu ma dorari, arenga miriyoni 167 mu mafaranga y'Uburundi)
Benzema, w'imyaka 33, yari umwe mu bantu batanu barengukijwe mu rubanza mu kwezi guheze kubera kugerageza gusokora amafaranga muri Mathieu Valbuena.
Ako kamaramaza karashegeshe umuryango w'umupira w'amaguru mu Bufaransa, abakinyi bompi bakaba baratakaje ibibanza vyabo mu mugwi w'igihugu.
Ivy'urwo rubanza bihera muri Ruheshi (ukwezi kwa 6) mu 2015, igihe abo bakinyi babiri bari mw'ikambi yo kwimenyererezamwo.
Muri iyo kambi, Benzema yokeje igitutu Valbuena ngo ahe amafaranga abariko baramukangisha, yari yakoranye nabo kugira agire uruhara rwo kuja hagati, nk'uko bivugwa n'abashikirizamanza.
Benzema yagumye ahakana ibivugwa ahubwo akemeza ko yariko aragerageza gufasha Valbuena kugira agarure iyo video yari kumutera ingorane.
Uwo mukinyi ubu yarasubiye mu mugwi w'Ubufaransa akaba yitezwe gutangura gukinira Real Madrid ku wa gatatu mw'ijoro aho baja gukina na FC Sheriff Tiraspol muri Champions League.
Benzema ntiyari muri sentare i Versailles igihe urubanza rwasomwa, na Valbuena siho yari ari, we nawe akaba akinira umugwi Olympiakos wo mu Bugiriki.
Bane mu bagirizwa hamwe na Benzema muri urwo rubanza nabo bahamijwe icaha. Abunganira Benzema mu mategeko bavuga ko badamwe n'urwaciwe bavuga ko bazokwunguruza.
Umushingwamanza wiwe yabwiye abanyamakuru hanze ya sentare ati: "Twakiranye ishavu urwo rubanza rurimwo ibihushane".
Ariko igihe yariko arasoma urubanza, umucamanza yavuze ko Benzema yagize "uruhara ubwiwe" muri uwo mugambi wo gusokora amafaranga muri Valbuena.
Urwo rubanza rwa video y'igitsina rwerekeye iki?
Ivy'urwo rubanza vyatanguye mu 2015 igihe Valbuena, ubu afise imyaka 37, yasaba umugabo w'i Marseille , Axel Angot, kuvana ivyari muri telephone yiwe ngo avyimurira muri nshasha.
Angot yasanze muri iyo telephone video igaragara ko ari y'ibishegu, hanyuma we n'uwundi bakurikiranwa hamwe, Mustapha Zouaoui, bakaba bagirizwa ko bakangishije Valbuena mu kumubwira ko bazoyishira ahabona atabahaye ivyo basaba.
Zouaoui yabwiye abamenyamakuru ko iyo video hari abandi yayihaye, ariko hatigeze haba kugerageza gusokora amafaranga muri Valbuena.
Valbuena avuga ko yegerewe n'uwundi nawe yaregwa muri urwo rubanza, Younes Houass, yabwiye sentare ko yari yagabishije uwo mukinyi kuri ico kibazo, ariko ata mafaranga asavye.
Igihe uwo mukinyi yaja kubibwira abaporisi, baciye bakora umukenyuro wo gushiramwo umuntu akora yihishije.
Abashikirizamanza bavuga ko hari uwundi yakurikiranwa muri urwo rubanza yaciye yinjira muri ako kamaramaza - Karim Zenati, asanzwe ari umugenzi wo mu bwana wa Benzema. Aho niho Benzema yaca asabwa gufasha "nkw'uwoja hagati " muri uwo mupango.
Muri Gitugutu (ukwezi kw'icumi) mu 2015, Benzema yaregereye mugenziwe w'Umufaransa mu cumba iwe mw'ikambi aho bariko barimenyerereza.
Benzema avuga ko we ico yariko aragerageza kwari ukugira mugenziwe arabe ingene iyo video yofutwa, amugabisha ati : "Uragaba, barakomeye, n'abasuma bakomeye."
Yaciye amubwira ko yomuha uwo bavugana kandi yizeye - umugenzi wiwe wo kuva mu bwana , Zenati.
Ico gihe igiporisi caguma gifata amajwi y'ivyo Benzema abwira umugenzi wiwe kuri terefone: "Ntafata ko ibintu bikomeye."
Zenati bivugwa ko yaciye yishura ati: "Turi ngaha kugira ico kibazo tukirangize; niba atabishaka azohangana na piranhas [ibifi bifise amenyo akarishe cane]"
Ari imbere ya sentare, Valbuena avuga ko atigeze yishiramwo gutanga amafaranga kugira iyo video ntije ahabona.
Bitandukanye na mugenziwe, Valbuena ntarasubira gukinira umugwi w'Ubufaransa kuva hatanguye ivy'iyo video.
Valbuena yabwiye sentare ko umupira w'amaguru aribwo buzima bwiwe.
Yavuze ati : "Nari nzi ko hamwe iyo video yoja ahabona nzogira ikibazo gikomeye n'umugwi w'Ubufaransa".










