France: Karim Benzema yagarutse mu mugwi nserukiragihugu inyuma y'imyaka itanu

Benzema yinjije ibitego bibiri mu rukino yaheruka gukinira Ubufaransa mu 2015

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Benzema yinjije ibitego bibiri mu rukino yaheruka gukinira Ubufaransa mu 2015

Umukinyi w'imbere wa Real Madrid, Karim Benzema ari ku rutonde rw'abakinyi 26 bahamagawe n'Ubufaransa mu nkino z'igikombe ca Buraya co muri iri ci inyuma y'imyaka yababa itandatu.

Ntiyari bwakinire igihugu ciwe kuva mu 2015 kuva yagirijwe gushaka gucafuza mugenzi we bakinana mu mugwi w'Ubufaransa.

Benzema w'imyaka 33 ntiyagiye mu nkino za Buraya zabereye mu Bufaransa mu 2016 hamwe n'igikombe c'isi yose catahukanywe n'ico gihugu mu 2018 kubera ivyo yagirizwa.

Mu kwezi kwa mbere mu 2021, umushingwamanza w'umufaransa yamenyesheje ko Benzema ashobora gushikirizwa ubutungane.

Yagirizwa kuriha abantu kugira bibe amahera ku ruyeri umukinyi wo hagati w'Ubufaransa, Mathieu Valbuena w'imyaka 36, mu kumutera ubwoba ko bashira ahabona amafoto yiwe y'ibiterasoni, ariko we akavugako ari umupolisi yamukoresheje mu buryo bumaramaje mu kugira akore ivyo.

Inyuma yo kwemezwa ko Benzema yahamagawe mu mugwi, umumenyereza w'Ubufaransa Didier Deschamps yavuze ati: "Igikomeye cane ni uyu musi n'ejo.

"Harabaye intambwe zihambaye. Twarabonanye. Twaraganiriye cane. Narifumviriye cane kugira mfate iyi ngingo. Nta co nshobora kuvuga kuvyo twaganiriye biraba twebwe gusa. Nari ndabikeneye, na we yarabikeneye."

Hugo Lloris na Moussa Sissoko bo muri Tottenham Hotspur, umukinyi w'inyuma wa Everton Lucas Digne, umukinyi wa Chelsea Kurt Zouma, Olivier Giroud na N'Golo Kante hamwe na Paul Pogba ba Manchester United bose bari kuri urwo rutonde