Umupfakazi wa TB Joshua mu rugamba rwo kurongora ishengero yasize muri Nigeria

Evelyn Joshua

Ahavuye isanamu, SCOAN

Evelyn Joshua yabaye umurongozi w'imwe mu mashengero akomeye y'abarokore muri Afrika, ariko uwo mupfasoni w'imyaka 52 ahanganye n'ikibazo co kubungabunga iragi ry'umugabo wiwe.

Urupfu rwa Joshua rwabaye giturumbuka mu kwezi kwa gatandatu afise imyaka 57 rwatumye hatangura intambara yo kumusubirira yamaze amezi n'amezi kugira ironke inyishu.

Ariko imiryango y'iryo shengero ryiwe rya Synagogue Church of All Nations (SCOAN), iri mu gisagara kinini cane muri Nigeria, yasubiriye kwugurugwa kugira yakire abayoboke baryo ubwa mbere mu mezi atanu.

Yari rurangiranwa kubera imburi ziwe n'inyigisho, vyatumye ahurumbirwa n'ibihumbi n'ibihumbi vy'abayoboke bavuye hirya no hino kw'isi baja Lagos, harimwo n'abanyepolitike bakomeye bo muri Afrika na Amerika y'epfo.

Members of Synagogue Church of All Nations (SCOAN) hold a candlelight procession for TB Joshua in Lagos, Nigeria - Monday 5 July 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hari abantu bababaye cane igihe TB Joshua yapfa mu kwezi kwa gatandatu

Ni gake haba ibiganiro vy'isubirizwa mu mashengero y'abarokore muri Nigeria mbere kenshi uburongozi buca buhabwa umupfakazi w'uwuba yarashinze ishengero.

Ariko muri SCOAN, umupfasoni wa Joshua, yari umupasitori yatiwe, ahanganye n'abandi kubera atari mu rwego rukuru rurongoye iryo shengero.

Ibi bifatwa n'abo bahanganye ko ari ikimenyetso c'uko umugabo wiwe atigeze amufata nk'uwushobora kumusubirira.

Intumwa n''inararibonye' ziwe

Bitandukanye n'abandi bagore b'abapasitori bo muri Nigeria, ntiyiyerekana cane mu myaka irenga mirongo itatu bari bamaze bubakanye.

TB Joshua afatwa n'abayoboke ba SCOAN nk'"intumwa", yakorana n'umugwi umwegereye cane yita "inararibonye" - umwe muri bo bikaba vyari vyitezwe ko ari we azomusubirira.

TB Joshua

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu barenga imiliyoni zitandatu ni bo bakurikirana TB Joshua ku rubuga rwiwe rwa Facebook - ibiharuro vyabandanije kwongerekana kuva apfuye

Ariko inyuma y'urupfu rwiwe, abari begereye umupfasoni wa Joshua barahawe uburenganzira na sentare bwo kumugira umwe mu bagize urwego nshingwantwaro, bica vyorosha kugera ku ntambwe yo gushika kuri ayo mabanga.

Iryo shengero ryaciye rimenyesha ko umupfasoni wa Joshua abaye umurongozi mushasha "Arongowe n'Imana", ivyababaje ayandi mashami ari muri iryo shengero ku kungene bitabaye mu muco.

Cane cane umugwi uzwi kw'izina rya Global Congress of SCOAN Members (GCSM), vyitwa ko ushigikiwe n'abayoboke bo mu rwego rwo hejuru, warerekanye amakenga kuri iyo ngingo.

Ariko nta madidane yabaye ku mukuru yari kurongora amasengesho ubwa mbere ya SCOAN itariki 7 z'ukwezi kwa cumi na rimwe kuva umugabo wiwe apfuye.

Bivugwa ko atahemye kugira yerekane ubutegetsi bwiwe muri iryo shengero, mu gukoresha amezi make ya nyuma mu gusukura iryo shengero.

Hari ama Video yagiye ahabona y'abayoboke, benshi b'abanyamahanga, bamaze imyaka baba muri urwo rupangu runini, bariko baravayo bariko barabazomera.

Umwe mu bayoboke yakoresheje imvugo ngereranyo ko "cari icigwa".

Abakuwe muri ico kibanza vyavuzwe ko bari abadashigikiye ubutegetsi bw'umupfasoni wa Joshua.

Patrick Iwelunmor, yahoze ajejwe kumenyeshamakuru ku muhisi Joshua, yabwiye BBC ati:"Inyuma y'urupfu rw'intumwa, bamwe mu bamugendanira ntibavugisha Evelyn mu rupfasoni."

Hari n'inkuru kandi yerekeye igiturire, mbere igisata ca Nigeria kijejwe kugwanya igiturire, EFCC, cemereye BBC ko kiriko kiragira amatohoza ku bivuga ko habaye ubusuma muri iryo shengero.

Ntibiramenyekana nimba ibi ari vyo biriko biragirwako amatohoza, kuko ikinyamakuru co muri Nigeria The Punch cari canditse ko iki ari co gituma bamwe mu bayoboke b'iryo shingiro boba banyegeye.

Ivyipfuzo inyuma inyuma y'itariki ya mbere

Ubu ikigiye kugora cane umupfasoni Joshua n'ugukora ku buryo abayoboke ibihumbi n'ibihumbi bakunda umugabo wiwe biyumvamwo ukwemera kwiwe.

Baje kubera igihagararo ciwe n'ubwitonzi hakaba ata co biteze ku mutegetsi mushasha.

Residents and church members gather at the main gate of The Synagogue Church of All Nations headquarters to mourn the death of TB Joshua in Lagos, Nigeria - 6 June 2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Icicaro gikuru ca SCOAN i Lagos ni kinini cane

Gbenga Osinaike, arongoye uruganda rw'abamenyeshamakuru mu kinyamakuru Church Times Nigeria, aremeza ko igenwa ryiwe ryaje giturumbuka.

Yabwiye BBC ati:"Yahora asengesha rimwe na rimwe arik TB ntiyigeze amuha icizere."

Ariko nk'umuntu atigeze yitabwaho na benshi, "harimwo n'umugabo wiwe", umupfasoni Joshua yarerekanye " inguvu n'ubushobozi afise mu gutwara iryo shengero."

Yaranse ko ahabwa icubahiro c'umugabo wiwe ca " uwujejwe gucungera vyose", avuga ko ari we akibarongoye, ko gusa "atanguriye urugendo aho data yashikanye inkino".

Kandi TB Joshua aracafise ikibanza gikomeye muri iryo shengero, amafoto yiwe amanitse hose mu nzu, inyigisho ziwe na zo ziguma zica ku mbuga hwaniro ziwe.

Bisa kandi n'uko umupfasoni Joshua yasigaranye iragi ry'ingene umugabo wiwe yigisha - aho yaguma acishamwo indirimbo zo guhimbaza Imana - aho n'umudiho usa n'uwo umugabo wiwe aho yariko arahereza inkuka ari wenyene.

Ko ari babiri bahuye ubwa mbere mu 1990 aho yamutangaza mu kumubwira ivyerekeye ubuzima bwiwe, yandika n'izina ryiwe ku rupapuro ata jambo na rimwe amubwiye.

Bamaranye iminota 45 incuro ya mbere babonana, aho inyuma y'aho yaciye amusaba ko bokwubakana.

'Impano yo kunywanisha'

Ni ihasa akaba n'imfura mu muryango w'abana indwi, yakuriye i Okala Okpuno mu ntara ya Delta mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria. N'aho atatanguye ari umupasitori, yaramenyerejwe hanyuma arabuhabwa n'umugabo wiwe.

Nigerian man lies on ground during healing session in Lagos in undated picture.
Insiguro y'isanamu, Abagabo n'abagore bahora bagwa hasi mu gihe "co kwakira agakiza@ mw'ishengero rya Synagogue Church of All Nations

Mu 2009, yavuze ko ari umuntu afise impano zidasanzwe mu kunywanisha - "imigenderanire y'abavyeyi n'abana, abubakanye n'ibindi bintu nk'ivyo."

Abasitori bakuru muri Nigeria kenshi bavuga ko baronse umuhamagaro uva muri bibiriya - nk'abahanuzi Samuel na Paul - kugira bakorere Imana.

Nk'uko bivugwa na Joshua, umuhamagaro wiwe waje igiye yerekwa mu kiringo c'imisi itatu aho yumva ijwi rigira riti:"Ndi Imana yawe. Ndaguhaye ubutumwa bweranda bwo kugenda gukora igikorwa ceranda c'Imana."

Umupfasoni Joshua ntaravuga ko yaronse umuhamagaro nk'uwo, ariko kuri bamwe, kuba bakorana n'umugabo wiwe birakwiye.

Iwelunmo agira ati:"TB Joshua yari intumwa kuva avuka, ariko umugore wiwe yamubaye kubera we. Umugabo n'umugore babaye umwe, kubera ubwo bumwe yaciye na we asigwa amavuta."

N'aho bamwe mu bapfakazi b'abakuru b'amashengero muri Nigeria, nka Janet Onaolapo wa Abundant Life Gospel Mission na Margaret Idahosa wa Church of God Mission International , barongoye neza amashengero yabo, s'ibintu bisanzwe.

Amashengero y'abapantekoti muri Nigeria yubakiye ku gihagararo c'abayashinze, akaba asambuka bamaze gupfa.

Osinaike avuga ko ivyo bishobora gushikira na SCOAN.

Avuga ati:"Iyo hageze ku bibazo vy'ishengero, abantu baza kurondera inyishu, kurondera ibitangaro, kuraba uwoba yareretswe ibiberekeye.

"Icuka gitegerezwa kuzosubira hasi."