Benjamin Mendy: Uyu mukinyi wa Manchester City yagirijwe ibindi vyaha vyo gufata ku nguvu

Umukinyi w'inyuma wa Manchester City, Benjamin Mendy, yasubiye kwagirizwa ibindi vyaha bibiri bijanye no gufata ku nguvu.

Mendy ategerezwa kwitaba ubutungane muri sentare yo mu karere ka Stockport kuri uyu wa gatatu.

Uyu mukinyi w'imyaka 27, aho ari mu gasho, ubu ahanganye n'ivyaha bitandatu vyo gufata ku nguvu, hamwe n'ikindi caha c'ihohotera rishingiye ku gitsina.

Yitwariwe n'abamwagiriza barenza gato imyaka 16, bakaba bavuga ko yabakoreye ibi vyaha hagati y'ukwa cumi 2020 n'ukwa munani 2021.

Uyu mukinyi mpuzamakungu w'Ubufaransa aheruka gukinira Manchester City mu mwaka w'inkino uheze kuva mu 2017, igihe yinjira muri uyu murwi avuye muri Monaco yo mu Bufaransa, aguzwe imiriyoni hafi 70 z'amadorari y'abanyamerika.

Yabaye arahagarikwa n'uyu murwi igihe yagirijwe n'igipolisi, kugira ngo habanze kuba amatohoza.

Asangiye ivyaha na mugenziwe yahoze ari umunonotsi Louis Saha Matturie, nawe nyene yagirizwa ivyaha bine nyene vyo gufata ku nguvu yakoze hagati y'ukwa gatatu 2021 n'ukwa munani 2021.

Louis Saha Matturie [ntahave yitiranywa na Louis Laurent Saha yahoze ari umukinyi wa Manchester United], umunya Sierra Leone ubu afise imyaka 40 akaba aba mu karere ka Edwin Ct, Eccles, muri Manchester mu Bwongereza, yagirijwe n'ibindi bibiri nk'ivyo hamwe n'ikindi caha c'ihohotera rishingiye ku gitsina, akaba nawe nyene yarengukishijwe n'iyo sentare yatumyeko Mendy.

Aba bagabo bompi bitezwe gucirirwa urubanza ku wa 24 z'ukwa mbere 2022.