Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
R. Kelly yagirizwa gufata ku nguvu umwana w'umuhungu i Chicago
Umuririmvyi rurangiranwa wo muri Amerika wo mu mudiho wa R&B, R. Kelly, yasubiye kwagirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu, ubu rero hakaba hajemwo ibirego vyo gusambanya ku nguvu umwana w'umuhungu yari afise imyaka 17.
Abashikirizamanza bagiriza uyu muririmvyi ko yafashe ku nguvu uyu muyabaga bahuriye mu nzu y'uburiro McDonald's yo muri Chicago, hari mu 2006.
Bashaka ko ivyemezo vy'ibi vyaha, hamwe n'ibindi nk'ibi yagirizwa ariko bitarashobora gucirirwa urubanza, ko vyumvirizwa mu gihe Kelly azoba aramutse yitaba muri sentare mu kwa munani.
Kelly arahakana ko atigeze ahohotera umuntu n'umwe, abashingwamwanza biwe bakaba batarashobora kugira ico bavuze kuri ibi birego bishasha.
Robert Kelly, umuririmvyi yigeze gutsindira agashimwe kiswe Grammy Awards gahabwa abanyamuziki n'abahinga mu vyo umuziki muri Amerika, yiteze kurenguka imbere y'ubutungane i New York mu kwezi kuza.
Mu vyo yagirizwa harimwo gusambanya abana, gukora amashusho y'ibiterasoni, uburiganya n'ukuburagiza ubutungane.
Mu bamurega harimwo abagore n'abakobwa batandatu batavugwa amazina.
Ubu, abashikirizamanza bashaka ko abacamanza bumviriza abandi bantu barenga cumi bavuga ko Kelly yabakubaguye, akabatera ubwoba canke akatoteza.
Muri aba harimwo umusore w'imyaka 17 yari umuririmvyi akiri ku rugero rwo hasi, avugwa ko yahuye na Kelly mu buriro McDonald hanyuma akamutumira muri studio yiwe i Chicago.
Inyuma yo gufasha uyu muhungu mu bijanye n'umuziki, bivugwa ko Kelly yamuhendahenze gushika aho amusambanya mu gihe yari akiri umwana.
Abashikirizamanza bavuga ko uyo muhungu kandi yeretse Kelly mugenziwe w'umuhungu yari afise imyaka 16 canke 17, na we nyene yahavuye ashurashuzwa n'uyu muririmvyi haciye imyaka itari mike.
Bagiriza kandi uyu muririmvyi ko yategetse abagore batari bake baryamana na we - harimwo n'umwe yari akiri umwana - gushurashura nawe abafata amashusho.
Abashikirizamanza bavuga ko ibirego bitangwa n'aba bahungu babiri, biri kumwe n'ivyo bindi, bizokwerekana ko ivyaha Kelly yagirizwa "bitari ibintu bisanzwe kandi vyari muri kamere yiwe".
Umucamanza ntaremeza nimba ibi vyemezo bizokwumvirizwa.
Uyu muririmvyi Kelly yigeze kuba ari umwe mu bihangange vyo mu mudiho wa R&B mu myaka ya 1990, amaze hafi imyaka ibiri mw'ibohero arindiriye gucirirwa urubanza.
Urubanza rwiwe rwa New York rwitezwe gutangura ku wa 09 z'ukwezi kw'umunani 2021.