Iraq: umushikiranganji wa mbere al-Kadhimi yaraye ahatswe kwicwa mu gitero ca drone i Baghdad

Mustafa al-Kadhimi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mustafa al-Kadhimi abanyagihugu gutekana bakigumya inyuma y'iki gitero

Umushikiranganji wa mbere wa Iraq Mustafa al-Kadhimi avuga ko yarusimvye kandi ko ataco yabaye mu gitero cabaye muri iri joro ku muhana iwe ku mugwa mukuru Baghdad.

Abategetsi bavuga ko inzu yiwe iri ku mugwa mukuru yatewe na ya ndenge itagira umudereva, drone, yari yuzuye ibisasu, mu gitero kivugwa ko carondera agatwe kiwe.

Amakuru yatangajwe ubwa mbere avuga ko umushikiranganji al-Kadhimi yaciye anyarukanwa kwa muganga.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, yasavye abanyagihugu "gutekana bakigumya, ku nyungu za Iraq".

Abategetsi bavuga ko abantu n'imiburiburi batandatu bari mu bajejwe umutekano w'umushikiranganji wa mbere bakomeretse.

Nta muntu canke umurwi n'umwe uriyitirira iki gitero cabaye mu karere k'ico gisagara gasanzwe karimwo inyubakwa nyinshi za reta n'iz'ubuserukizi bw'ibihugu bitari bike.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamiriza iki gitero, ikavuga ko izofasha gukora amatohoza.

Mw'itangazo yasohoye, umuvugizi w'ubunyamabanga bujejwe imigenderanire, Ned Price, avuga ati: "Iki gitero gisa n'ic'iterabwoba, igitero twiyamirije twivuye inyuma, cakozwe ku mutima w'igihugu ca Iraq".

Umushikiranganji al-Kadhimi yahoze arongoye urwego rw'igendereza yashikirijwe amabanga mu kwa gatanu kw'umwaka uheze.

Mu ndwi nkeya ziheze, hari abanya Iraq bashigikiye abanyaporitike bakoze imyiyerekano hafi y'akarere asanzwe abamwo.

Biyamiriza ivyavuye mu matora yo mu kwezi guheze, bavuga ko yaranzwe n'amanyanga.

Abantu barenga 100 barakomeretse mu mishamirano n'abajejwe umutekano muri ino ndwi.