Imishamirano hagati ya US na Iran iriko ifata iyindi ntera, abanyagihugu nibo bahatikirira

Irbil airbase
Insiguro y'isanamu, Imirwi y'abarwanyi bashigikiwe na Irani muri Iraq nibo bikekwa ko bakoze igitero ca drone giheruka ku kirindiro ca gisirikare ca Irbil
    • Umwanditsi, Na Quentin Sommerville
    • Igikorwa, BBC News, Baghdad

Drone, ya ndege itagira umudereva, yari yuzuye ibibombe, yaciye mu nzira ikoreshwa n'indege za gisivire hejuru y'ikibuga c'indege ca Irbil muri Iraq kugira ngo yinyegeze. Yagiye gukorokera ku nyubakwa y'ububiko bwa CIA ku kirindiro c'ingabo z'abanyamerika kiri hafi y'ici kibuga c'indege mu kwa kane.

Ingabo za Amerika zivuga ko zumvise umutigito muri ico kirindiro gisanzwe ari co gifise abasirikare benshi b'abanyamerika n'abongereza muri Iraq. Iyo nyubakwa yacitse umunyota, ariko nta n'umwe yapfuye canke ngo akomereke.

Umwe mu ntwazangabo za Amerika ati: "Bari bazi aho bagiye gutera, ariko ntibari bazi ibirimwo".

Ingabo mpuzamakungu zirongowe na Amerika ziri muri Iraq na Syria gutuza umurwi Etat Islamique
Insiguro y'isanamu, Ingabo mpuzamakungu zirongowe na Amerika ziri muri Iraq na Syria gutuza umurwi Etat Islamique

Mu mwaka n'igice urangiye, habaye ibitero vyababa 300 ku birindiro n'amatungo ya Amerika muri Iraq, ahanini hakoreshejwe amarokete canke amabombe ategwa mu kuzimu yatezwe amamodokari.

Iyi ntwazangabo iti: "Aha umukenyuro wahindutse". Iyi drone yakorewe muri Iran, kandi ni iya gisirikare, irateye ubwoba kuko ntihusha. Amadrone rero ububi bwayo aragoye guhagarika. Iran irahakana ko ata ruhara yagize muri ico gitero.

Imirwi y'intagondwa

Kuva Amerika yishe wa mu Jenerali wo ku rwego rwo hejuru wa Iran, Qasem Soleimani hamwe na Abu Mahdi al-Muhandis yari arongoye Kataib Hezbollah umuhari w'abarwanyi ba Iraq ufashwe mu mugongo na Iran mu gitero ca drone i Baghdad ku wa 20 z'ukwa mbere 2020, iyi ntambara yo mu kinyegero hagati ya Amerika na Iran ku butaka bwa Iraq iriko irahindura umuvuduko.

Ingabo za Amerika ziri ku kirindiro ca Irbil mu ntara y'aba Kurde iri mu buraruko. Ziri mu ngabo mpuzamakungu, kumwe n'iz'Ubwongereza, zifasha abarwanyi b'aba Kurde ba Syria na Iraq mu kurwanya umuhari Etat Islamique (IS). Ariko ntibaja mu ntambara na IS - ikibazo nyamukuru kibahanze ni imirwi ifashwe mu mugongo na Iran.

Muri kino gihe, Amerika ifise abasirikare 2500 bonyene ku rubuga muri Iraq no mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria, igitigiri cashinzwe na Donald Trump kandi kitarahindurwa n'uwamusubiriye, Joe Biden. Inyuma y'igandagurwa rya Soleimani na Muhandis, inama nshingamateka ya Iraq yasavye ko ingabo mvamakungu zose ziva mu gihugu, ariko ibi ntivyigeze bija mu ngiro.

Izi ni ingabo za Amerika ziri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria
Insiguro y'isanamu, Izi ni ingabo za Amerika ziri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria

'Ibintu vyarenze urugero'

Inyuma y'ukwezi habaye ico gitero ku kirindiro ca Irbil, iyindi ndege ya drone ya Iran yarateshejwe igiye gutera ikirindiro c'abasirikare barwanira mu kirere kiri ahitwa Al Asad mu ntara ya Anbar iri mu burengero bwa Iraq.

Brigadier Richard Bell avuga ko ingabo mpuzamakungu zirongowe na Amerika zifise uburenganzira bwose bwo kwivuna
Insiguro y'isanamu, Brigadier Richard Bell avuga ko ingabo mpuzamakungu zirongowe na Amerika zifise uburenganzira bwose bwo kwivuna

Intwazangabo y'umwongereza Brigadier Richard Bell, icegera c'uwurongoye ingabo mpuzamakungu ziri mw'isekeza ryo gutuza IS, rizwi nka Operation Inherent Resolve, avuga ko ibi bitero vya drone vyerekana ko "ibintu vyarenze urugero".

Ati: "Tubifata nka nkama. Turafise uburyo bukomeye bwo kwivuna umwansi, gusa sinshaka kwinjira mw'ido n'ido. Ariko, ico nshaka kuvuga ni uko dufise uburenganzira bwose bwo kwivuna, nk'uko vyogenda ku wo ari we wese".

Abu Mahdi al-Muhandis yishwe ari kumwe n'umujenerali wa Iraq Qasem Soleimani mu gitero ca drone ya Amerika mu kwa mbere 2020
Insiguro y'isanamu, Abu Mahdi al-Muhandis yishwe ari kumwe n'umujenerali wa Iraq Qasem Soleimani mu gitero ca drone ya Amerika mu kwa mbere 2020

Mu gihe Amerika itarashobora kwishura ibi bitero - ubu ikiyiraje ishinga ni ibiganiro na Iran ku mugambi wayo w'uguhingura ubutare bw'ubumara - iyi ntwazangabo yagize ico ivuga kuri iyi mirwi y'abarwanyi ifashwe mu mugongo na Iran.

Brigadier Bell ati: "Umushikiranganji wa mbere wa Iraq we nyene ubwiwe aherutse gutangaza ko iyi mirwi itemewe mu gihugu. Kandi nibaza ko ari ko ikwiriye gufatwa. Ni ingorane kuri twese, ariko ico novuga, ni abo kudusamaza gusa. Igikorwa nyamukuru ni ugufasha abanyagihugu ba Iraq na Syria gushigikira itsinzi yabo ku muhari IS".

Map of Iraq

Ariko ku banyagihugu ba Iraq, abarwanyi b'iyi mirwi si abo gusamaza gusa, ini ingorane ikomeye kuri bo.

Barinjijwe mu nzego zijejwe umutekano za Iraq nk'umurwi wari uzwi nka Popular Mobilisation Forces/Forces de mobilisation populaire, inyuma y'aho bafashirije kurwanya IS mu 2017. Ariko baragirizwa ubwicanyi ndengerabutungane, ibikorwa vy'ubukozi bw'ikibi, kandi ko ari bo bagandaguye abari mu myiyerekano yo mu 2019 basaba ko haba reta nshasha, n'uko amahanga yoreka kwivanga mu biraba igihugu cabo.

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta basaba ubutungane ku bantu baharurwa mu majana bamaze kwicwa kuva mu 2019

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta basaba ubutungane ku bantu baharurwa mu majana bamaze kwicwa kuva mu 2019

Abantu barenga 500 barishwe bari muri iyo myiyerekano, abaharanira agateka ka zina muntu n'abanyamakuru baharurwa kuri 34 nabo nyene baragandagurwa.

Mu kwezi guheze, urwaruka rwarasubiye kwiha amabarabara, ico gihe bakaba bariko bashaka kumenya, "Ni nde yanyishe?". N'imiburiburi abantu babiri barishwe mu mishamirano hagati yabo n'igipolisi kijejwe gutuza imigumuko i Baghdad.

'Ibirwanisho bikwiragiye hose'

Ali Kadhim Mohammed ni umugabo atekereje. Yambaye impuzu iriko isanamu ya mwenewabo Amjed, umwe mu baharanira agateka ka muntu yiciwe mu karere ka Maysan mu bumanuko bwa Baghdad. Ali nta cizere afitiye amatohoza ariko arakorwa na reta ku bwicanyi bwakorewe abari mu myiyerekano.

"Ni ikinamico nta matohoza ng'aho, kandi ndazi ko abacamanza bakorera ku gitsure ku buryo ata matohoza nyayo bashobora gukora".

"Amatohoza [kuri mwenewacu] yarahagaze baca bandika ko yishwe "n'abantu batamenyekanye". N'ubwo aho Amjad yiciwe ari mu kibanza ca reta gifise n'amakamera acungereye, ntaho bigeze bashika".

Avuga ko mwenewabo yishwe kubera igihugu ca Iraq gitunganijwe nabi.

"Ibirwanisho bikwiragiye mu mabarabara yose mu turere twose kubera ata reta ikora ihari. Ugiye no ku bigo vya reta uhasanga abantu bagendana ibirwanisho".

Abarwanyi bashigikiwe na Iran bari muri Popular Mobilisation Forces barinjijwe mu nzego zijejwe umutekano za Iraq

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abarwanyi bashigikiwe na Iran bari muri Popular Mobilisation Forces barinjijwe mu nzego zijejwe umutekano za Iraq

Amatora y'abashingamateka ategekanijwe mu kw'icumi uno mwaka, ariko abari mu myiyerekano basaba ko ataboyitaba. Nta cizere bafitiye reta ko ifise ubushobozi bwo kubakingira.

Musa Rahmatallah yahatswe kugandagurwa incuro zibiri, biba ngombwa ko akinjura. Kuva iyi myiyerekano itangura ayifisemwo uruhara.

Ati: "Twari twizeye ko hazoba amatora meza, ariko ntazoshoboka uravye ingene ibintu bimeze, abanyaporitike bazokora ikinamico ngo ni amatora kandi bazovuga ko abanyagihugu bayitavye".

Musa Rahmatallah
Insiguro y'isanamu, Musa Rahmatallah avuga ko impande zose zirwiriyemwo abatwaza umukazo muri Iraq

Afise kandi amakenga kuri kazoza ka Iraq.

Ati: "Saddam [Hussein] yari umutegetsi umwe gusa yatwaza umukazo, ubu rero abatwaza umukazo bari mu mpande zose z'igihugu kandi bashaka ko abanyagihugu babaho uko bobo babishaka. Umwe ashaka ko ubaho uko idini ritegeka, uwundi nawe agashaka ko ubaho uko poritike itegeka, uwa gatatu nawe agashaka ko ubaho nka kera. Rero umuntu ahitamwo kubaho uko bashaka canke uko umunwa w'inkoho umutegeka".

Iraq yavuye ku ntwaro y'umukazo iterwa n'abanyamahanga, irigarurirwa, mu nyuma ihangana na al-Qaeda hamwe na Etat Islamique. Nk'uko vyari bimeze imbere y'aha, abasiga ubuzima muri ino ntambara yo mu kinyegero ni abanyagihugu ba Iraq.