Kubera iki urupfu rwa Qasem Soleimani rwabaye inkuru nziza kuri ISIS/ Etat Islamique

Ahavuye isanamu, AFP
Umurwi wiyita ko ushaka gushinga ubutegetsi bushingiye kw'idini rya Isilamu, Etat Islamique, urishimiye cane urupfu rwa Jenerali Qasem Soleimani wa Irani, yari arongoye ingabo zidasanzwe za Quds.
Mw'itangazo wasohoye, uvuga ko urupfu rwiwe ari Imana yabikoze nyungu zawo.
Ariko usa n'uko ataco wavuze kuri Amerika yakoze ico gitero cahitanye Soleimani ku wa 03 z'uku kwezi.
Iyo ngingo ya Perezida Donald Trump yo kwica Jenerali Soleimani yaragize ingaruka mbi nyinshi - imwe muri zo ikaba yerekeye intambara na Etat Islamique itari bwarangire.
Ibikorwa hafi vyose vyari birongowe na Amerika vyo kurwanya Etat Islamique muri Irak vyaciye bibanza guhagarara.
Amerika n'abo bacuditse baciye batangaza ko igikorwa nyamukuru kwari ukubanza kwivuna umwansi.
Abahinga mu vya gisirikare babona ko ata kundi bari kugira.
Irani hamwe n'imirwi icuditse nayo muri Irak yararahiye ko itegerezwa kwihora kuri ubwo bwicanyi bwatumwe n'igisasu ca misire catewe na drone y'abanyamerika kigahitana Soleimani mu ndwi iheze.
Ivyo bituma ingabo za Amerika muri Irak, hamwe n'iza Bulaya zisanzwe zifatanije nabo, zija mu ngorane.
Ivyo kandi biha agahenwe Etat Islamique, mbere bikayifasha gusubira kwiyubaka inyuma y'aho itsindiwe mu ntambara .
Ni inkuru nziza kandi kuri uwo muhari kwumva ko Inama nshingamateka ya Irak yemeje ingingo yo kwirukana ku butaka bw'ico gihugu ingabo za Amerika.

Ahavuye isanamu, ANADOLU AGENCY
Etat Islamique imaze igihe igerageza kwiyubaka.
Ibitero bikomeye mu 2016 na 2017 vyatumye uwo murwi utakaza ibirindiro vyawo vyose muri Irak na Syria.
Abarwanyi benshi barishwe, abandi baherera mu gasho. Hagati aho, ivyo ntivyatumye uwo muhari ugenda amazimayongo.
Uracibonekeza mu vyahoze ari uburere bwayo muri Irak na Syria, aho ubandanya utega imitego, utoza amafaranga mbere wica n'abantu.
Irak irafise ingabo z'igisirikare n'igipolisi zidasanzwe, cane cane izigishijwe n'abanyamerika hamwe n'abanyabulaya bari bagiye gufasha mu ntambara yo kurwanya Etat Islamique.
Kuva Soleimani yishwe, Amerika yaciye ihagarika kwigisha izo ngabo, mbere ihagarika n'ibitero. Eka na Dannemark hamwe n'Ubudagi vyaciye bikurikira.
Abadagi bariko bavanayo abigisha babo ba gisirikare babimurira muri Yorodania ya Koweit.
Ingabo za Irak nizo zirwanako zonyene mu ntambara na Etat Islamique.
Ariko uretse inyigisho za gisirikare, izo ngabo zagendera ku mfashanyo mu vy'uburyo zahabwa n'ingabo za Amerika, izi nazo ubu zikaba zitekerereje aho ziri ku birindiro vyazo.

Ahavuye isanamu, IS PROPAGANDA
Hariho ikindi Etat Islamique yishimiye. Igihe Perezida Trump afata ingingo yo kwica Soleimani, vyari ibirori kuri Etat Islamique kubona umwe mu bansi bayo, ariwe perezida wa Amerika, yica uwundi mwansi wayo.
Mu 2014, abo barwanyi ba ki isilamu niho batanguje intambara, bigarurira ibice binini vya Irak, harimwo Mossoul, igisagara kigira kabiri ca Irak.
Umukuru w'aba Shiites muri Irak, Ayatollah Ali al-Sistani, yaciye ahamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho bakarwanya intagondwa z'aba Suni.
Ibihumbi n'ibihumbi vy'urwaruka rw'aba Shiite baritavye akamo - ari naho Soleimani n'ingabo ziwe z'aba Quds baca baja gufasha, barigisha urwo rwaruka gushika aho baba abarwanyi karuhariwe. Bari ba ruburakigongwe, abansi mubabi kuri Etat Islamique.

Ahavuye isanamu, AFP
Ubu abo barwanyi bahora bashigikiwe na Irani barinjijwe mu gisirikare ca Irak, nayo abakuru muri bo baba abanyepolitike bakomeye cane.
Mu myaka yakurikiye 2014, Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'abo barwanyi bari basangiye umwansi.
Ariko rero ubu, abo ba Shiites baboneka ko bafise inyota yo gusubira kurwanira igihugu cabo, mu guhangana n'abanyamerika bakigize ikiririmboro ryabo kuva mu 2003.
Barishe abasirikare ba Amerika batari bake - bifashishije inyigisho n'imfashanyo bahabwa na Soleimani - mbere ikaba ari imwe mu mvo zatumye Perezida Trump amugandagura mu ndwi iheze.
Kuva Perezida Trump yivumbuye mu masezerano yerekeye umugambi wa Irani wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara mu 2018, Amerika na Irani birabana ay'ingwe.
Imbere y'urupfu rwa Soleimani, abarwanyi b'aba Shiites bari batanguye gutera Abanyamerika.

Ahavuye isanamu, AFP
Igitero cakozwe mu mpera z'ukwa 12 umwaka uheze wa 2019 ku kirindoro kiri mu buraruko bwa Irak cahitanye umukozi umwe w'umunyamerika, ivyatumye Amerika yica abarwanyi bashika 25 b'umurwi witwa Kataib Hezbollah mu bitero vy'indege.
Umukuru wabo, Abu Mahdi al-Muhandis, yari yagiye gutegera Soleimani ku kibuga c'indege i Baghdad, akaba yagandaguranywe nawe mu modoka imwe.
Mw'ijambo ry'intangamarara mu kinyamakuru ca Etat Islamique citwa al-Naba, uwo murwi wavuze ko Soleimani na al-Muhandis biciwe mu maboko "y'incuti" zabo - ushaka kuvuga Amerika.
Ico kinyamakuru civugira ko ari abansi ba Etat Islamique bamaranye, ivyo navyo bikayiha inguvu mbere bakaharonkera n'uburyo.
Kahise karerekanye ko intagondwa zironka agahengwe iyo hari umutekano muke, akajagari, hamwe n'igihe abansi bazo bacanyemwo.
Ivyo niko vyagenze muri kahise, kandi n'ubu biraboneka ko ari vyo bigeye gusubira.










