Qasem Soleimani: iyicwa ryiwe ryahonyanze amategeko, umuhinga wa ONU

Qasem Soleimani yafatwa nk'incungu y'igihugu ariko Amerika yamufata nk'umuntu akora ibikorwa vy'iterabwoba

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY

Insiguro y'isanamu, Qasem Soleimani yafatwa nk'incungu y'igihugu ariko Amerika yamufata nk'umuntu akora ibikorwa vy'iterabwoba

Umuhinga wa ONU amenyesha ko igitero cakozwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika co kwica wa mu jenerali mukuru wa Irani Qasem Soleimani cahonyanze amategeko mpuzamakungu.

Soleimani yagandaguranywe n'abandi bantu icenda mu gitero ca za ndege zitagira umudereva bita drone hafi y'ikibuga c'indege ca Baghdad muri Iraki mu kwa mbere.

Icegeranyo c'umuhinga wa ONU mu bijanye n'ubwicanyi ndengerabutungane, Agnes Callamard, kivuga ko Amerika itari yatanze ivyemezo ko Soleimani yariko ategura ubwicanyi bwari gutuma haba kirya gitero.

Ubunyamabanga bwa Amerika bwagirije uyo muhinga ko "aciriye inzira abakora iterabwoba".

Mu ndwi iheze, Irani yasohoye umutahe wo gufata Perezida Donald Trump wa Amerika hamwe n'abandi banti 35 bagirizwa ubwicanyi n'iterabwoba bijanye n'ubwo bwicanyi.

Jenerali Soleimani yari umuntu akomeye mu butegetsi bwa Irani. Ingabo ziwe, Quds, zakukira Ayatollah Ali Khamenei ubwiwe kandi yafatwa nk'incungu y'igihugu.

Trump yafata Soleimani nka "nomero ya mbere mu bantu bakora iterabwoba kw'isi yose".

Yamwagirije ko mu kiringo c'imyaka 20 yose, ingabo ziwe, Quds, "zishe zigakomeretse abasirikare n'abasivire amajana n'amajana b'abanyamerika", kandi ko we nyene ubwiwe ari we yateguye igitero ca roketi muri Iraki mu kwa cumin a kabiri cahitanye umukozi w'umunyamerika.

Twibukanye ingene Soleimani yishwe

Uyo mu jenerali yashitse ku kibuga c'indege ca Baghdad avuye muri Syria mu gatondo ko ku wa 03 z'ukwa mbere uno mwaka.

Mu gihe yariko ava kuri ico kibuga c'indege ari kumwe n'abategetsi b'imirwi y'aba Shia basanzwe bafashwe mu mugongo na Irani, batewe ibisasu vya misire birekuwe na drone y'abanyamerika.

Bamwe mu bicanywe na Soleimani harimwo Abu Mahdi al-Muhandis, icegera c'umukuru w'umurwi w'abarwanyi b'aba Shia, Popular Mobilisation Forces,

Trump avuga ko yategetse ico gitero "kugira ngo ahagarike intambara" hagati ya Amerika na Irani.

Ati: "Soleimani yariko ategura ibitero bikomeye ku bakozi bo mu buserukizi hamwe n'abasirikare ba Amerika, ariko twaramwitanze turamuzimanganya".

Haciye iminsi itanu, Irani nayo mu kwihora yateye ibisasu vya misire ku birindiro bibiri vy'abasirikare ba Amerika muri Iraki. Nta musirikare wa Amerika yapfuye, ariko abarenga ijana bagiye kugira ibibazo mu nyuma.

None ico cegeranyo c'umuhinga wa ONU kivuga iki?

Agnes Callamard yagishikirije ejo ku wa kane imbere y'Inama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu i Geneva mu Buswisi.

Ico cegeranyo kivuga ko Amerika itigeze itanga ivyemezo vyo kwerekana ko Soleimani koko yariko ategura ibitero ku nyungu za Amerika, cane cane muri Iraki, vyari gutuma haba igitero cihuta.

"Jenerali Majoro Soleimani yari ajejwe ubuhinga mu gisirikare ca Irani, hamwe n'ibikorwa vyakorerwa muri Syria na Iraki. Ariko ingendo yafashwe na Amerika yahonyanze amategeko kubera ata ntambara canke ubwicanyi bwaboneka ko bugomba bube muri ico gihe".

Rero ico gitero ca drone kiri mu "bwicanyi ndengerabutungane" bwakozwe na Amerika, ihonyanga amategeko mpuzamakungu agenga iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu, nk'uko ico cegeranyo kibivuga.

Umupfasoni Callamard yongera ko y'uko n'igitero ca misire ca Irani co kwihora giteye kubiri n'amategeko.

Amerika ivuga iki?

Umuvugizi w'ubunyamabanga bwa Amerika, Morgan Ortagus, yasohoye itangazo aho avuga ati:

"Ni ibintu biteye agahinda gusohora icegeranyo cagiriza Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivunye ariko kikambika izera Jenerali Soleimani ku mabi yakoze muri kahise nk'umwe mu bakora iterabwoba rurangiranwa kw'isi".

Yongera ko ati: "Iki cegeranyo kibogamye kandi kibabaje gihonyanga agateka ka muntu mu gucira inzira abakora iterabwoba kandi kikerekana ko bwa bundi Amerika yari ifise uburenganzira bwo kwiyonkora", muri iyo Nama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu 2018.