Britney Spears yagiriza nyina "gutabagaza ubuzima bwiwe"mu kubushira mu minwe y'uwundi muntu

Britney Spears with her mother Lynne in 2002

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Britney Spears with her mother Lynne in 2002
    • Umwanditsi, Na Mark Savage
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC w'umuziki

Britney Spears avuga ko nyina ariwe yatumye ubuzima bw'uwo muririmvyi buja mu minwe y'uwundi muntu mu kiringo c'imyaka 13.

Jamie, se w'ico camamare, niwe yamaze iyo myaka yose ariwe ajejwe mu mategeko ibijanye n'ubuzima bw'umukobwa wiwe, bisigura ko ico gihe cose yari afise ijambo rito cane ku biraba ubuzima bwiwe bwite n'amafaranga yiwe.

Ariko ku vyo yanditse ku mbuga hwaniro, uwo muririmvyi avuga ko ico ciyumviro cazanywe na nyina wiwe, Lynne.

Ati: "Ico abantu batazi `n'uko mama ariwe yamuhaye ico ciyumviro. Iyo myaka sinzokwigera nsubira kuyironka ... yaratabagaje ubuzima bwanje mu mpisho."

Muri ivyo yari yanditse kuri Instagram ariko ubu vyafuswe, abandanya ati: "Urazi neza ivyo wakoze. Data nta bwenge afise bwo gupfa yariyumviriye ibintu nk'ivyo vyo gushira ubuzima bwanje mu minwe y'uwundi muntu, ariko muri iri joro, ndaja kumwenyura kuko nzi ko nimirije ubuzima bushasha."

Ivyo Spears yanditse bisa n'uko vyoba vyatewe n'uko se yasavye ko hahagarara "ubwo nyene" kandi "ata gisabwe" ivy'uko ariwe abazwa ivy'ubuzima bwiwe.

Uko vyari bitunganijwe kwari nk'uguhabwa uwukujejwe mu mategeko ku bisanzwe bikorerwa abantu badashoboye kwifatira ingingo, nk'ababa bafise indwara zo mu mutwe.

Britney Spears alongside her dad Jamie in 2006

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Britney Spears ari kumwe na se wiwe Jamie mu 2006

Mu nyandiko zo muri sentare BBC yaronse, abashingwamanza biwe bavuze bati: "Jamie arakunda kandi arashigikira umukobwa wiwe ata gisabwe. Nta kindi."

"Icabaye n'uko mu myaka 13 iheze, ugushira ubuzima bwiwe mu minwe y'uwundi muntu vyari bikenewe kugira Britney akingirwe mu nsiguro zose iryo jambo rishobora kugira. Ubuzima bwiwe bwari mu rudubi kandi yari yugarijwe n'ibibazo bikomeye ku mubiri, mu mutwe, mu kibabarwe no mu mafaranga".

"Hamaze kujaho uwubazwa ubuzima bwiwe, Britney yarashoboye kugaruka mu nzira yo kugira amaragamo muri ivyo bisata vyose vy'ubuzima. Ico gikorwa cagenze neza cane, ubu rero hakaba hageze ko Britney asubira gufata ubuzima bwiwe mu minwe."

Abunganizi ba Spears bavuga ko ivyo yabisavye atawe abanje kubimenyesha kandi ko azotanga inyandiko zose zijanye n'ivyo yahora akora vyo kubazwa ubuzima bw'umukobwa wiwe, avuga ko ata "na kimwe" afise "co kunyegeza".

Mu vyo yanditse kuri Instagram ku wa kabiri, Britney yanadomye urutoke ku wahora atunganya imirimo yiwe Lou Taylor avuga ko yagize uruhara mu vyo gushira ubuzima bwiwe mu minwe y'uwundi muntu. Yaba we yaba na Lynne Spears nta n'umwe aragira ico abivuzeko.

Ubuzima bwa Britney Spears bwabazwa se wiwe kuva mu 2008 igihe ibibazo vy'amagara yiwe yo mu mutwe vyatuma se asaba sentare ububasha bw'amategeko bwo kugenzura ubuzima bw'umukobwa wiwe.

Inyuma y'imyaka y'agacerre , uwo muririmyi amaherezo yahavuye ashira ku mugaragaro ico avyibazako mu majambo akomeye cane yavuze mu minota 23 imbere ya sentare y'i Los Angeles mu kwezi kwa gatandatu.

Uwo mukobwa w'imyaka 39 yavuze ko ubwo buzima bwo kugenzurwa bwabaye "ihohotera" kuko ngo yahawe ibiyayuramutwe, akanahatirwa kuririmba atabishaka kandi akankirwa kuvyara abana.

Yabwiye umucamanza Brenda Penny kuri terefone ati : "Ubu nshaka gusubizwa ubuzima bwanje".

Se wiwe mu kwezi kw'icenda niho yashikiriza inyandiko zisaba ko ivy'uko abazwa ubuzima bw'umukobwa wiwe bihagarara, ariko ntiyavuze umwanya vyofata kugira ivyo bikorwe intambwe ku yundi. Uko kwezi, umucamanza Penny yaciye aba aramuhagaritse vy'igihe mu kuba ariwe abazwa ubutunzi bwa Britney (nta bintu vyiwe yabazwa kuva mu 2019).

Intahe ikurikira muri urwo rubanza itegekanijwe kuba ku wa 12 uku kwezi kwa 11. Ariko n'aho uwo muririmvyi w'icamamare yokurwako ivy'uko ubuzima bwiwe bubazwa uwundi muntu, ibibazo vyiwe n'ubucamanza bishobora kutazoba birangiye.

Umushingwamanza wiwe Mathew Rosengart yagirije se wiwe ko yitwaye nabi ku bijanye n'amafaranga kandi ko "yononye miriyoni z'ama dorari z'ubutunzi bw'umukobwa wiwe."

Mu kwezi kw'icenda yabwiye abamenyeshamakuru ko afise "ibibazo bikomeye" ku "bishobora kuba vyarabaye ukwitwara nabi , hamwe n'ibikorwa vy'inyungu zidashbora kubangabanganwa, gukoresha nabi ububasha bwo kubazwa ubuzima bw'uwundi hamwe no kwonona bigaragara ubutunzi bwa Britney Spears" aca arahira ko " azokwihweza gushika mu mizi" inyandiko zose zijanye n'ico kibazo.

Mu nyandiko yashikirije sentare muri iyi ndwi, Rosengart yagirije kandi se wa Britney kugerageza kwirengagiza kwishura ibibazo ku bivugwa ko uwo muririmvyi yacungwa gushika no mu nzu iwe imbere mu buryo bwo kumufata amajwi canke kumwumviriza.

Uwo mushingwamanza asaba ivyoba vyarafashwe vyose n'ibikoresho vyakoreshejwe.

Jamie Spears arahakana ivyo yagirizwa vyose, akavuga ko yamye akora mu nyungu z'umukobwa wiwe.

Ivyo we nyene yashikirije sentare vyerekana ko azotanga inyandiko zose zijanye n'ico kobazo.