Ethiopia - Tigray: Icegeranyo kivuga ko hashobora kuba harakozwe ivyaha vyo mu ntambara

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Impande zose ziri muri iyo ntamabara ya Tigray muri Ethiopia zararenze ku mategeko mpuzamakungu y'agateka ka zina muntu, mbere bimwe mu vyaha bikaba bishobora gufatwa nk'ibikorerwa ikiremwa muntu nk'uko biri mu cegeranyo gishasha.
Ivyaha ndengerabutungane, iyica rubozo, gufata ku nguvu no kugira ibitero ku mpunzi no kubateshejwe izabo vyaragizweko amatohoza.
Amatohoza yakozwe n'akanama kajejwe agateka ka zina muntu muri Ethiopia (EHRC) kari kumwe n'ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu yerekana ko hoba hariho ivyemeza ko habaye ivyaha vyo mu ntambara.
Intambara yadutse itariki zine z'ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2020.
Yatanguye igihe umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy ategekeye ko haba ibitero ku ngabo z'intara ya Tigray iri mu buraruko.
Mu ntango, ingabo za reta zaromoye abagwanyi, ariko ibintu biza guhinduka mu kwezi kwa gatandatu igihe abagwanyi ba Tigray bagaruza igice kinini. Ubu bivugwa ko basugereje umugwa mukuru Addis Abebas.
Ku wa kabiri, reta ya Ethiopia yatangaje ibihe nk'ivyo igihugu kiri mu ntambara inyuma y'amasaha make isavye ababa ku mugwa mukuru gufata ibigwanisho.
Umukuru w'igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu Michelle Bachelet yavuze ko iyo ntambara yaranzwe n'amabi arenze urugero, agasaba ko haba ihagarikwa ry'intambara.
Ico cegeranyo kivuga kiti: "Hari ivyo gufatirako ata gukekeranya vyemeza ko impande zose ziri muri iyo ntambara... zagize ibitero ku basivile n'ivyabo, nk'amazu, amashure, ibitaro, ibibanza vyo gusengeramwo canke zakora ibitero bidatoranije vyahitanye abasivile, bisambura canke vyonona ibintu batunze."
Ubwicanyi ndengerabutungane buragaragara muvyo babonye.
Ico cegeranyo kirerekana urudome ku rundi ingene urwaruka rwo muri Tigray rwo mu mugwi uzwi kw'izina rya Samri rwishe abasivile barenga 200 bo mu bwoko bw'aba Amhara i Mai Kadra mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze. Ubwicanyi bwo kwihora ico gihe bwarakozwe n'abo mu bwoko bw'aba Tigray muri ico gisagara nyene.
Igisirikare ca Eritrea caragiye muri iyo ntambara kigwana ku ruhande rw'abasirikare ba reta ya Ethiopia. Abasirikare ba Eritrea barishe abasivile barenga ijana i Aksum hagati mu ntara ya Tigray mu mpera z'ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2020, nk'uko bivugwa n'ico cegeranyo.
Kigira kiti:"Hashobora kuba harakozwe ivyaha vyo mu ntambara kuko hari ivyemezo ntahinyuzwa ko abantu batari bafise uruhara muri iyo ntambara bishwe n'izo mpande zose zihanganye."
Kiravuga kandi ku bantu basambanijwe ku nguvu harimwo n'imigwi y'abagizi ba nabi bakora ivyo vyaha ku mpande zose ku bagore , abagabo, abakobwa n'abahungu.
Hamwe, umwigeme w'imyaka 19 yarapfunzwe yongera arasambanywa ku nguvu urutitsa amezi atatu yose. Haravugwa n'umugore agendana ubumuga yasambanijwe ku nguvu.
Ico cegeranyo kivuga ko ugusambanya ku nguvu vyakoreshejwe "mu kumaramaza no kwaka ubuntu ababikorewe".
Abagize ico cegeranyo batera akamo reta ya Ethiopia gukoresha "amatohoza n'inzego zigenga kandi ata ho zegamiye kuri ivyo bivugwa vy'ubwicanyi hamwe no guhana ababigizemwo uruhara".
Umushikiranganji wa mbere Abiy yavuze ko yategetse igitero ca gisirikare mu kwezi kwa cumi na rmwe guheze mu kwishura ku bitero vyari vyagizwe ku nyubakwa z'abasirikare ba reta babayo.
Ibintu vyagiye kwunyuka inyuma y'amezi yo guterana amajambo hagati ya reta ya Abiy n'abategetsi ba TPLF, umugambwe ukomeye wo muri Tigray.
Mu nyuma abategetsi bavuze ko TPLF ari umugwi witwaza iterabwoba, baniyamiriza ibiganiro vy'amahoro ivyo ari vyo vyose vyoza bibahuza.
Reta ya Addis Abebas yasubiye kugira ibindi bitero mu ndwi ziheze, harimwo gukoresha indege, ariko yarananiwe guhagarika abo bagwanyi baguma bigarurira utundi turere.







